Yosuwa 9 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Ingen’ ab’i Gibeyoni bāhenze Abisirayeli 1 Maz’ abami bose bo hakuno ya Yorodani, bo mu mugamba waho, n’abo mu misozi iciye bugufi, n’abo ku kiyaga kinini, aharābana n’i Lebanoni, Abaheti n’ Abamori n’Abanyakanani n’Abaferizi n’Abahiwi n’Abayebusi bavyumvise, 2 barifatanya bahūza umutima, ngo baje kurwanya Yosuwa n’Abisirayeli. 3 Maz’ ababa i Gibeyoni bumvise ivyo Yosuwa yagiriye Yeriko na Hayi, 4 bagira inama y’ubgenge, baragenda batēkera impamba mu magunira y’imishire, baziremēka indogoba zabo, bo n’imikuza y’insāto ya vino y’imishire, yatabutse, isanikiriye; 5 bambara inkweto z’imishire mu birenge ziteye ibiremo, bambara n’impuzu z’imishire nyene; bakora imitsima y’impamba yabaye impehe iguye ifira. 6 Nuko baragenda, bashikīra Yosuwa n’Abisirayeli aho bashagaje i Gilugali, barababarira, bati Tuvuye mu ntāra ya kure: non’ enda ni muduhe isezerano ryo gufatanya natwe. 7 Maz’ Abisirayeli bishura abo Bahiwi, bati Kumbure mur’ abo tubana: none twohava tugasezerana namwe dute? 8 Babarira Yosuwa, bati Tur’ abasavyi bawe. Yosuwa arababaza, ati Mur’ abaki? kandi muturuka hehe? 9 Baramwishura, bati Twebge abasavyi bawe tuvuye mu gihugu ca kure iyo bigwa, kand’ ikituzanye ino ni kubg’ izina ry’ Uhoraho Imana yawe, kuko twumvise inkuru zayo, n’ivyo yakoze vyose muri Egiputa, 10 n’ivyo yagiriye abami babiri b’Abamori bo hakurya ya Yorodani, Sihoni umwami w’i Heshiboni na Ogi umwami w’i Bashani yaba ahitwa Ashitaroti. 11 Nukw abakuru bacu n’abo mu gihugu cacu bose baratubarira, bati Ni mukore impamba, mugende kubasanganira, mubabarire, muti N’abasavyi banyu; ngo None ni mubahe isezerano ryo gufatanya na bo. 12 Kand’ ehe rāba iyi mitsima yacu twayitēkeye kw impamba igishushe, umusi nyene tukiva i muhira i wacu, dufashe inzira yo kuza iyo muri: none yarabaye impehe, yaguye ifira; 13 kandi n’iyi mikuza twayitēkeyemwo vino ikiri misha, non’ ehe rāba iratabaguritse; ehe n’iyi myambaro n’inkweto vyadushiriyeko kubg’ urugendo rurerure. 14 Maz’ Abisirayeli bemezwa n’ izo mpamba, batarinze kugīsha inama Uhoraho. 15 Yosuwa abasezeranira kuzobana amahoro na bo, no kubareka ngo bībēreho; n’abakuru b’ishengero na bo barabarahira. 16 Ariko haciye imisi itatu bamaze gusezerana na bo, bumva kw ar’ ababangikanye na bo, kandi kw ar’ ababa ngaho nyene muri bo. 17 Nukw Abisirayeli barahaguruka, bashika ku bisagara vyabo ku musi ugira gatatu. Ivyo bisagara vyari Gibeyoni na Kefira na Beroti na Kireyati‐yeyarimu. 18 Arikw Abisirayeli bareka kubica, kukw abakuru b’ishengero bāri babarahiye Uhoraho Imana y’Abisirayeli; maz’ ishengero ryose ryidodombera abo bakuru. 19 Arikw abo bakuru babarira ishengero ryose, bati Twabarahiye Uhoraho Imana y’Abisirayeli, none ntitwoshobora kubakakaza. 20 Enda tubagire durtya: tubareke bībēreho, twoye kwihamagarira uburake kubga ya ndahiro twabarahiye: 21 dupfe kubareka, ariko tubagire abashenyi n’abavomyi b’ ikoraniro ryose, nk’uko twababgiye. Uko ni kw abo bakuru bāvuze. 22 Maze Yosuwa arabahamagaza, arababaza, ati N’iki catumye muduhenda, mukavuga yuko mur’ aba kure, kandi mur’ abo ngaha nyene muri twebge? 23 Nuko rero muravumwe, ntimuzobura kwama mur’ abaja, mube abashenyi n’abavomyi b’inzu y’Imana yanje. 24 Bishura Yosuwa, bat’ Erega twebge abasavyi bawe bātubariye inkuru y’imvaho yuk’ Uhoraho Imana yawe yabariye Mose umusavyi wayo kw azobaha iki gihugu cose, no kuzorandura bene co; ni co catumye dutinyirira amagara yacu kubganyu, tugakora durtyo. 25 None rāba, turi mu maboko yawe: utugire uk’ ugomba, nk’uko wumva bikubangukiye. 26 Nuko Yosuwa abagirira nk’uko yavuze, arabakiza, abakūra mu maboko y’Abisirayeli, ntibābica. 27 Kur’ uyo musi abagira abashenyi n’abavomyi b’iryo shengero n’ ab’ igicaniro c’Uhoraho, ahantu Uhoraho azotoranya ko kihaba. Kandi ni ko bagikora na bugingo n’ubu. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi