Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -

Yosuwa 16 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Ishamvu yahawe Abefurayimu

1 Ishamvu aba Yosefu baheshejwe n’ubupfindo yahēra kuri Yorodani aharābana n’i Yeriko, ku ruhande rw’i burasirazuba ku mazi ya Yeriko nyene; urubibe rwabo rwajana mu bugaragwa ruvuye i Yeriko, rugaca mu mugamba rugashika i Beteli;

2 rukava i Beteli rugashika i Luzi, rugakomeza inzira rugashika ku rubibe rw’Abaruki ahitwa Ataroti;

3 rukamanuka rwerekeye i burengerazuba, rurābana n’urubibe rw’Abayafuleti, rukarinda rushika ku rubibe rw’i Beti‐horoni ho hepfo, bo n’i Gezeri, rukagarukira ku kiyaga.

4 Aho ni ho aba Yosefu bāronse ishamvu, ari bo Bamanase n’Abefurayimu.

5 Urubibe rw’Abefurayimu, nk’ ukw amazu yabo ari, rwagenda rurtya: urugabano rw’ishamvu yabo rw’ahahera i burasirazuba rwahēra kuri Ataroti‐adara rugashika i Beti‐horoni ho haruguru:

6 ku ruhande rw’i burengerazuba rwagarukira i Mikimetati ahahera i burārūko; rugaheza rugakebereza ahahera i burasirazuba, rugaca i Tanati‐shilo, rugaca i burasirazuba bg’i Yanowa;

7 ruvuye i Yanowa rukamanuka rugaca i Ataroti n’i Nara, rugashika i Yeriko, rukagarukira kuri Yorodani.

8 Kuva i Tapuwa, urwo rubibe rwagenda rwerekeye i burengerazuba, rukarinda rushika ku kagezi kitwa Kana; maze rukagarukira ku kiyaga. Iyo ni yo shamvu y’ Abefurayimu, nk’ukw amazu yabo ari,

9 hamwe n’ibisagara bāsobanuriwe mw ishamvu y’Abamanase, ibisagara vyose n’imihana ibikūkira.

10 Mugabo ntibirukanye Abanyakanani bāba i Gezeri, arikw abo Banyakanani bībēra mu Befurayimu gushitsa n’ ubu, bahinduka abaja bo gushingwa ibikebere.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:



ကြော်ငြာတွေ