Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -

Yosuwa 12 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Amazina y’abami Yosuwa yanesheje

1 Aba ni bo bami b’ibihugu Abisirayeli bānesheje, bakegukira ibihugu vyabo, hakurya ya Yorodani ahahera i burasirazuba, uhereye ku mwonga wo kuri Arunoni ugashitsa ku musozi Herumoni n’ikiyaya cose citwa Araba ahahera i burasirazuba:

2 Sihoni umwami w’Abamori, yaba i Heshiboni, yatwara uhereye kuri Aroweri ho ku mucāmo hejuru y’ umwonga wo kuri Arunoni, ukajana uwo mwonga nyene, n’igihimba c’i Gileyadi, ugashitsa ku ruzi Yaboki, ari rwo rugabano rw’Abamoni,

3 bo n’ikiyaya Araba, ugashitsa ku kiyaga Kinereti ku ruhande rw’i burasirazuba, no ku kiyaga co mur’ ico kiyaya Araba nyene, ari co Kiyaga c’Umunyu, ku ruhande rw’i burasirazuba uko rugiye rurābana n’i Beti‐yeshimoti, ugaca i bumanuko, musi y’agahanamo ka Pisiga.

4 Kandi banesha n’igihugu ca Ogi, umwami w’i Bashani w’agasigarira k’Abarefa, yaba ahitwa Ashitaroti n’ahitwa Edireyi;

5 yatwara uhereye ku musozi Herumoni n’i Saleka n’i Bashani hose, gushitsa ku rugabano rw’Abageshuri n’Abanyamayaka, n’igihimba c’i Gileyadi gushitsa ku rugabano rwa Sihoni umwami w’i Heshiboni.

6 Abo ni bo Mose umusavyi w’Uhoraho, bo n’Abisirayeli, bānesheje; kand’ igihugu cabo Mose yagihaye Abareyubeni n’Abagadi n’igihimba c’ umuryango wa Manase kw ishamvu.

7 Kand’ aba ni bo bār’ abami b’ ibihugu vyo hakuno ya Yorodani i burengerazuba, abo Yosuwa n’Abisirayeli bānesheje, uhereye i Bayali‐gadi mu kiyaya c’i Lebanoni, ugashitsa ku musozi Halaki, uk’ udūga utumbereye i Seyiri. Yosuwa agiha imiryango y’Abisirayeli ngo bacegukire nk’uko bākigabanganirijwe;

8 igihugu c’ umugamba n’igiciye bugufi, n’ikiyaya citwa Araba, n’igihugu cegamiye umugamba, n’ubugaragwa, n’i Negebu; ni vyo bihugu vy’ Abaheti n’Abamori n’Abanyakanani n’Abaferizi n’Abahiwi n’Abayebusi.

9 Abo bami n’aba: umwe n’umwami w’i Yeriko, n’uw’i Hayi aharābana n’i Beteli;

10 n’uw’i Yerusalemu, n’uw’i Heburoni;

11 n’uw’i Yaramuti, n’uw’i Lakishi;

12 n’uw’i Eguloni, n’uw’i Gezeri;

13 n’uw’i Debira, n’uw’i Gederi;

14 n’uw’i Horuma, n’ uw’i Aradi;

15 n’uw’i Libuna, n’uw’i Adulamu;

16 n’uw’i Makeda, n’uw’i Beteli;

17 n’uw’i Tapuwa, n’uw’i Heferi;

18 n’uw’ i Afeka, n’uw’i Lasharoni;

19 n’ uw’i Madoni, n’uw’i Hasori;

20 n’uw’i Shimuroni‐meroni, n’ uw’i Akishafu;

21 n’uw’i Tanaki, n’uw’i Megido;

22 n’uw’i Kedeshi, n’uw’i Yokineyamu h’i Karumeli;

23 n’uw’i Dori yātwara mu mugamba w’i Dori nyene, n’uw’i Goyimu h’i Gilugali;

24 n’uw’i Tirusa. Bose na bose abo bami bari mirongwitatu n’umwe.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:



ကြော်ငြာတွေ