Yona 2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Yona asengera mu nda y’urufi, Imana imukūra muri rwo 1 Maze Yona asengera Uhoraho Imana yiwe mu nda y’urufi, 2 ati Natakambiye Uhoraho kubg’ ivyago nagize, aranyishura; Nambaje ndi mu nda y’i kuzimu, wumva ijwi ryanje. 3 Kuko wantereye i bgina, muri nyina mu kiyaga; umwuzure wantaye hagati; Imipfunda yawe yose n’imikuba yawe yose vyarandengeye. 4 Ndavuga, nti Nciwe mu nyonga zawe; Ariko nzokwongera gutumbera urusengero rwawe rwera. 5 Amazi yanciye irya n’ino, ashika no ku bugingo bganje: I bgina harankikije; ibirandaranda vyo mu mazi vyanyizingiriye mu mutwe. 6 Ndamanuka nja mu mizi y’imisozi; Isi n’ibihindizo vyayo vyanyugaranye ibihe bidashira: Arik’ Uhoraho Mana yanje, wakūye ubugingo bganje muri rwa rwobo. 7 Ah’ umutima wanje wiheburira muri jewe, nibutse Uhoraho, Ugusenga kwanje kwagushitseko mu rusengero rwawe rwera. 8 Aberekeza umutima ku bitagira ikimazi vy’ibinyoma Baba bataye guharirwa. 9 Ariko jeho nzogushikanira ikimazi nsēsereza impundu, Kandi nzoshitsa ivyo nasezeranye. Agakiza kava k’Uhoraho. 10 Maz’ Uhoraho abarira urwo rufi, rudahwa Yona i musozi. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi