Yona 1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Yona atumwa i Ninewe; yanse kujayo, amirwa n’urufi 1 Ijambo ry’Uhoraho ryaje kuri Yona mwene Amitayi, riramubgira, 2 riti Va hasi uje i Ninewe, ca gisagara kinini, ukibūrire; kukw ivyaha vy’abaho vyarundanye, bigashika imbere yanje. 3 Ariko Yona ava hasi ngw ahungire Uhoraho i Tarushishi, ave mu nyonga ziwe. Amanuka i Yopa, abona ubgato buja i Tarushishi: atanga ikibuguro, atambukira muri bgo, ngw ajane n’abagiye i Tarushishi, ave mu nyonga z’Uhoraho. 4 Maz’ Uhoraho asuka umuyaga ukomeye mu kiyaga; haba igihuhuta c’inkomezi mu kiyaga, ubgato bushaka kumeneka. 5 Abasoza baratinya, umuntu wese yambaza imana yiwe; baterera mu kiyaga ibintu vyari mu bgato ngo baburemurure. Ariko Yona we yari yamanutse mu gafuruka ko mu bgato gahera epfo, yigaramiye yisinziriye. 6 Nuk’ umukuru w’ubgato aja ah’ ari, aramubaza, ati Wabaye ute ga wa gikazatiro we? Vyuka wambaze Imana yawe; kumbure Imana yodusubizak’ umutima, ntidupfe. 7 Bose baravugana, bati Ni muze dupfinde, tumenye ūtumye duterwa ibi vyago uw’ari we. Nuko barapfinda, ubupfindo bgerekana Yona. 8 Baca baramubaza, bat’ Enda utubarire ūtumye duterwa ibi vyago; ukora igikorwa ki? ur’ uwa hehe? ur’ uwo mu kihe gihugu? ur’ ubgoko ki? 9 Arabishura, ati Nd’ Umuheburayo, nubaha Uhoraho, Imana Nyen’ ijuru, yaremye ikiyaga n’i musozi. 10 Maz’ abo bantu bafatwa n’ubgoba bginshi, baramubaza, bat’ Ivyo ukoze ibi n’ibiki? Kukw abo bantu bāri bamenye kw ahunze Uhoraho, kuko yari yabibabgiye. 11 Baramubaza, bati Tukugire dute, ngw ikiyaga kitureke, kibe agahwekere? Kukw ikiyaga ciyongeranya gusuriranya. 12 Arabishura, ati Ni munterure, munte mu kiyaga, ni ho ikiyaga cobabera agahwekere; kuko nzi yukw iki gihuhuta c’inkomezi kibahōra jewe. 13 Arikw abo bantu barushiriza gusoza ngo bagaruke hakuno i musozi, ntibābishobora, kukw ikiyaga ciyongeranya gusuriranya, kirabananira. 14 Ni co catumye batakambira Uhoraho, bati Turakwinginze, ewe Uhoraho, twoye gupfa tuzira ubugingo bg’uyu muntu, kandi ntuduharūrekw amaraso y’ūdafise igicumuro, kuko wewe, Uhoraho, ukoze ico ugomvye. 15 Nuko baterura Yona, bamuta mu kiyaga; ikiyaga kireka gusuriranya. 16 Maz’ abo bantu baca batinya Uhoraho bihebuje; bamuha ikimazi, bamusezeranira amasezerano. 17 Uhoraho agera urufi runini ngo rumire Yona. Maze Yona amara mu nda y’urufi imisi itatu n’amajoro atatu. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi