Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -

Yohana 10 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Umwungere mwiza

1 N’ukuri, n’ukuri ndababgire: Ūdaca mw irembo ry’urugo rw’intama, arikw akūririra ahandi, uwo aba ar’ igisuma n’umwambuzi.

2 Arik’ ūca mw irembo ni we mwungere w’intama.

3 Umuteramyi w’irembo aramwugururira, kand’ intama zumva ijwi ryiwe; ahamagara iziwe ntama mu mazina yazo, akaziturutsa.

4 Kand’ iy’ amaze guturutsa iziwe zose, azija imbere, zikamukurikira kuko zizi ijwi ryiwe.

5 Arik’ uwo zitazi ntizomukurikira na mba, zomuhunga, kuko zitazi amajwi y’abandi.

6 Yesu abacira uwo mugani, ariko bo ntibatahura ivyo ababgira ivy’ ari vyo.

7 Nuko Yesu yongera kubabgira, ati N’ukuri, n’ukuri ndababgire: Ni jewe rembo ry’intama.

8 Abanyītangiye imbere bose bār’ ibisuma n’abambuzi, arikw intama ntizabumviye.

9 Ni jewe rembo, kand’ ūshika mu rugo wese aciye muri jewe arakizwa; agataha, agaturuka, akaronka icanya.

10 Igisuma ntikizanwa n’ikindi, atar’ ukwiba, n’ukwica, n’ugutikiza; nanje jeho nazanywe no kugira ngo zironke ubugingo, kandi ngo ziburonke busāgutse.

11 Ni jewe mwungere mwiza; umwungere mwiza yigura intama ziwe.

12 Arik’ umucangero, atar’ umwungere bgite, kand’ intama atar’ iziwe, iy’ abonye ibingira rije, ata intama, agahunga: ibingira rikazisahura, rikazishwiragiza.

13 Arahunga, kukw ar’ umucangero, atababaye intama.

14 Ni jewe mwungere mwiza, ndazi izanje, n’izanje ziranzi,

15 nk’uko Data anzi, nanje nkamumenya; kandi ndigura intama zanje.

16 Kandi mfise n’izindi ntama zitar’ izo mur’ uru rugo, na zo nyene birankwiye kuzija imbere, zizokwumva ijwi ryanje, hazoba umukuku umwe n’umwungere umwe.

17 Igituma Data ankunda, n’uko ndekura ubugingo bganje, ngo mpeze nsubire kubgābīra.

18 Nta n’umwe abunyaka, kuko mburekura kubganje: mfise ububasha bgo kuburekura, mfise n’ububasha bgo gusubira kubgābīra. Ico ni co cagezwe nahawe na Data.

19 Abayuda bongera kumupfa kubg’ ayo majambo;

20 benshi muri bo bat’ Arimwo dayimoni, kandi yāsaze: mumwumviririza iki?

21 Abandi bat’ Ereg’ ayo majambo si nk’ay’ ūhagazweko na dayimoni: mbega dayimoni arashobora guhumūra amaso y’impumyi?


Yesu na Se n’umwe

22 Maze haza imisi mikuru yo kwibuka uguhumanurwa kw’ urusengero i Yerusalemu: hāri mu rushana.

23 Yesu agendagenda mu rusengero mw ibaraza rya Salomo.

24 Abayuda baramukikiza, baramubaza, bat’ Uzogeza ryari gutera imitima yacu kujuragira? Asangw’ uri Kristo bidufoborere.

25 Yesu arabishura, ati Narababgiye, ariko ntimwizera: ibikorwa nkora mw izina rya Data, ni vyo binshingira intahe.

26 Ariko ntimwizera, kuko mutar’ abo mu ntama zanje.

27 Abābaye intama zanje bumva ijwi ryanje, nanje ndabazi, na bo barankurikira,

28 kandi nanje mbaha ubugingo budashira, nta ho bazokwigera bapfa rubi gushitsa ibihe bidashira, kandi nta wushobora kubanshikura mu kuboko kwanje.

29 Data yabampaye ni we aruta bose; nta wushobora kubashikura mu kuboko kwa Data.

30 Jewe na Data tur’ umwe.

31 Bun’ Abayuda bongera gutora amabuye, ngo bayamutere.

32 Yesu arababgira, ati Naberetse ibikorwa vyiza vyinshi bivuye kuri Data, ikibanteresha amabuye mur’ ivyo bikorwa n’ikihe?

33 Abayuda baramwishura, bati Ntituguterera amabuye kubg’ igikorwa ciza, ariko n’uko warogose; kuko wewe ur’ umuntu ukīgira Imana.

34 Yesu arabishura, ati Mbega ntihanditswe mu vyagezwe vyanyu, ngo Navuze nti Mur’ imana?

35 None ko yabise imana, bamwe ijambo ry’Imana ryashitseko (kand’ ivyanditswe ntibishobora guhinduka),

36 mwebge mubgira mute uwo Data yejeje, akamutuma mw isi, ng’ Urarogose, kuko navuze nti Nd’ Umwana w’Imana?

37 Asangwa ntakora ibikorwa vya Data, ntimunyemere;

38 ariko ni nabikora, naho jewe mutanyemera, mupfe kwemera ibikorwa, kugira ngo mumenye, mutahure, yuko Data ari muri jewe, nanje nkaba muri Data.

39 Nuko bongera kurondera ingene bomufata, abava mu maboko.

40 Avayo, yongera kuja hakurya ya Yorodani, ha hantu Yohana yabatiriza ubga mbere, agumayo.

41 Benshi baza kuri we; baravuga, bati Yohana nta kimenyetso yakoze, arikw ivyo Yohana yavuze vyose kur’ uyu vyar’ ivy’ ukuri.

42 Kandi benshi bamwizererayo.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:



ကြော်ငြာတွေ