Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -

Yobu 8 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Biludadi avuga yukw ivyago vya Yobu vyazanywe n’ukw ar’ indyarya

1 Maze Biludadi w’i Shuhi aramwishura,

2 at’ Uzogeza ryari kuvuga ben’ ivyo? Kand’ amajambo yo mu kanwa kawe azogeza ryari kuba nk’umuyaga w’igihuhuta?

3 Mbeg’ Imana iragoreka urubanza? Īshobora vyose irafutamika izibereye?

4 Namb’ abana bawe bāyicumuyeko, Ibatanze mu maboko y’ibibi vyabo.

5 Ariko weho, ni waronderana Imana umwete, Ukinginga Īshobora vyose,

6 Ni watungana ukagororoka, N’ukuri ntiyobura kwikangurira kugutabara, No gutuma ikibanza c’ubugororotsi bgawe kiroranirwa.

7 Kandi nah’ itangura ryawe ryari ritoya, Arikw amaherezo yawe wokwunguka cane.

8 Ndakwinginze, baza abo hambere, Shira umutima ku vyo ba sogokuruza bābaririkije:

9 Kuko tweho tur’ ab’ ejo gusa, ata co tuzi, Kand’ imisi tumara mw isi ni nk’igitūtu gusa.

10 Mbeg’ abo ntibokwigisha, bakakwīgānira, Bakavuga amajambo bakūye mu mitima yabo?

11 Mbeg’ umubere wokura ahatagira igitēmēka? Cank’ urukangaga rwomera ahatagira amazi?

12 Ruyabuze, naho rwoba rukiri rubisi, rudaciwe, Rutanga ibindi vyatsi vyose kwuma.

13 Ni kw inzira z’abibagira Imana bose zimera; Kand’ ivyizigiro vy’ūtubaha Imana bizoshira:

14 Ukwishima kwiwe kuzosāba, Ivyizigiro vyiwe bimeze nk’ inzu y’igitangurirwa.

15 Yokwegamira inzu yiwe, ariko na yo ntiyohagarara: Yoyibangiriza, ntigumeho.

16 Atotahara ari ku zuba, Amashami yiwe agasārira mu ndimiro yiwe yose.

17 Imizi yiwe isobekerana mu gihongo, Ayishōra i wabo w’amabuye.

18 Ni yarandurwa aho yamye, Hazoca hamwihakana, hati Sinigeze kukubona.

19 Rāba, uwo ni wo munezero ingeso ziwe zimuhaye! Kandi mw ivu yavuyemwo hazoca hamera abandi.

20 Ereg’ Imana ntizota umuntu atācumuye, Kandi ntizoramira inkozi z’ ibibi.

21 Akanwa kawe izosubira kukuzuza ibitwengatwenga, N’iminwa yawe izoyuzuza impundu.

22 Abakwanka bazokwambikwa isoni, Kand’ ihema ry’inkozi z’ibibi ntirizoba rikibaho ukundi.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:



ကြော်ငြာတွေ