Yobu 41 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)1 Mbeg’ ingona woshobora kuyirobesha igera? Canke wofatisha ururimi rwayo umugozi? 2 Woshobora kuyicisha umugozi w’umuhotora mu zuru? Canke wotoboza umubangabanga wayo uruhindu? 3 Mbega yokwisaba mu majambo menshi, Canke yokubarira ikarambarara? 4 Mbega yosezerana nawe, Ng’ uyisabishe ikubere umushumba imisi yose? 5 Woyikinisha nk’ūkinisha inyoni? Mbega woyizirika ngw abanyakigo bagukorera bayikinishe? 6 Mbeg’ igihari c’abarovyi coyidandaza? Coyikwiragiza mu bahanjuzi? 7 Mbeg’ urusāto rwayo worushingagirakw imyampi y’ ingobe, Cank’ umutwe wayo kw amacumu yica amafi? 8 Pfa kuyishirak’ ukuboko gusa! Uze wame wibuka intambara, ntuze wongere. 9 Eh’ ivyizigiro vyo kuyifata nta vyo: Mbeg’ umuntu ntiyogwishwa igihūmura n’ukw ayirāvye gusa? 10 Nta wogira ubuhizi bgotuma ahangara kuyikakaza: Nuko rero jewe ni nde yoshobora kumpagarara imbere? 11 Ni nde yabanje kugira ico ampa ngo ndamwishure? Ibiri musi y’ijuru vyose iyo riva rikagera n’ivyanje. 12 Ingona sinoreka kuvuga amaguru yayo, Cank’ ububasha bg’inkomezi zayo, cank’ ubgiza bg’umutumba wayo. 13 Ni nde yoshobora kuyikūrak’ umwambaro w’inyuma? Ni nde yokwishira hagati mu majigo yayo? 14 Ni nde yoshobora kuyasamika akanwa? Gutera akōba gukikije amenyo yayo. 15 Ibigaragamba vyayo vy’inkomezi ni vyo igenda yishinzako; Bigerekeranye hamwe nk’ ivyamatanijwe rwose. 16 Uko kimwe gifatanye n’ikindi Bituma ata muyaga ushobora kubicamwo. 17 Biramatanye kimwe ku kindi, Biromekanye uburyo bitoshoboka gutandukanywa. 18 Kwasamura kwayo guca ibibatsi; Amaso yayo asa n’ugutambika kw’umutwenzi. 19 Mu kanwa kayo havamw’ imuri zaka, Hagatarukamw’ ibisase vy’ umuriro. 20 Mu mazuru yayo hapfundukamw’ umwotsi, Nk’uw’ inkono ibiragira cank’ uw’ urukangaga rwaka. 21 Impwemu zayo zidomeka amakara, Kandi mu kanwa kayo havamw’ ibirimi vy’umuriro. 22 Mw izosi ryayo habamw’ inkomezi; Gutera akōba kwayo kuyihamiriza imbere. 23 Inyama zo ku mubiri wayo ziramatanye: Ziyimaseko, ntizishobora gutentema. 24 Umutima wayo ukomeye nk’ ibuye: Mber’ ukomeye nk’urusyo. 25 Iyo yiburutse abahizi bahinda agashitsi, Ubgoba bukabasarisha. 26 N’uworamuka ayirwanishije inkota nta co vyomara: N’iyo ryoba icumu cank’ umugenyuzi cank’ umwampi w’ubukera. 27 Ivyuma ibigereranya n’ivyatsi, N’imiringa nk’ibiti bibongeye. 28 Umwampi ntushobora gutuma ihunga; Amabuye atewe n’umugozi ayihindukira nk’ibishingwe. 29 Ubuhiri ibugereranya n’ibishingwe nyene: Itwenga imivuguvugu y’icumu. 30 Mu nda hayo hameze nk’injo zikarishe; Ah’ iciye mu vyondo ihasiga imikuku nk’ahaciye umusekuzo w’amenyo. 31 Isebagiza mw idamba nk’ inkono ibiragira, Itagatisha ikiyaga nk’amavuta yo kwīsīga. 32 Inyuma yayo ihasiga inzira ikayangana; Womenga mw idamba hasheshe uruyenzi. 33 Nta kindi gihwanye na yo kiri kw isi, Yo yaremwe ar’ inshirabgoba. 34 Irābana agakēngērwe ibishizwe hejuru vyose; Ni yo mwami w’ibinyabgibone vyose. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi