Yobu 32 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Elihu yishiramwo, aja impāri mur’ ayo majambo 1 Nukw abo bagabo ukw ari batatu bareka kwishura Yobu, kuko yibona kw ar’ umugororotsi ubgiwe. 2 Maz’ uburake bga Elihu mwene Barakeli w’i Buzi, wo mu muryango wa Ramu, buraziriringa: buziriringira Yobu, kuko yīgize umugororotsi kurusha Imana. 3 Kand’ uburake bgiwe buziriringira na ba bakunzi batatu ba Yobu, kuko batāronse ico bamwishura, yamara bakamuhinyura. 4 Ariko Elihu yari yarīndiriye kuvugana na Yobu, kuko bāmuruta ubukuru. 5 Maze Elihu abonye yukw abo batatu babuze icobava mu kanwa ngo bamwishure, uburake bgiwe buraziriringa. 6 Nuko Elihu mwene Barakeli w’i Buzi aravuga, ati Jewe ndi muto, namwe murakuze cane: Ni co catumye nizitira, sinubahuke kubaserurira ico niyumvira. 7 Naravuze, nt’ Abo ha mbere ni bo bakwiye kuvuga, Nt’ Abamaze imyaka myinshi ni bo bakwiye kwigisha ubgenge. 8 Ariko har’ impwemu mu bantu, Kand’ ibihumetswe n’Īshobora vyose bibaha gutahura. 9 Abakuze si bo banyabgenge bonyene, N’abatāma si bo bamenya imanza gusa. 10 Ni co gitumye mvuga, nti Ni muntege amatwi, Nanje mbaserurire ico niyumvira. 11 Rāba, narīndiriye amajambo yanyu, Niteze ibiroranye vyova mu kanwa kanyu, Mukirondera ico mwovuga. 12 Mbere nababangiye ugutwi, Ariko nta n’umwe muri mwebge yemeje Yobu, Canke ngw amwishure amajambo yiwe. 13 Mwiyubare, mwoye kuvuga, muti Ni twebge twaronse ubgenge; Imana ni yo yoshobora kumutsinda, s’umuntu. 14 Si jewe yaroreshejekw amajambo yiwe; Nanje sinomwishura amajambo nk’ayanyu. 15 Ehe barumiwe, nta co bacishura: Ntibakigira ijambo bavuga. 16 Mbega nobuzwa n’ukw ata co bavuga, Kuko bahagaze batakigira ico bishura? 17 Jewe nanje ngira mvuge ivyanje, Ngira nserure ico niyumvira. 18 Kukw amajambo anyuzuyemwo, Imbere muri jewe umutima uransunika. 19 Inda yanje imeze nka vino itagira isaganirizo, Nk’imikuza y’insāto misha igira ngw iturike. 20 Ngira mvuge, kugira ngo ntenzukirwe; Ngira nteranure akanwa, nishure. 21 Muntunge, mvuge ntarobanuye abantu ku butoni; Sinogira umuntu n’umwe nohema. 22 Kuko ntazi guhemana; Mbikoze, Umuremyi wanje yonkūraho bidatevye. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi