Yobu 31 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Yobu yitsindishiriza yisiba 1 Nasezeranye isezerano n’ amaso yanje; None noshobora nte gushira ijisho ku mwigeme? 2 Kuk’ umugabane Imana yompa uvuye mw ijuru woba iki? N’inyegu ivuye iyo hejuru Īshobora vyose yompa yoba inki? 3 Mbega ntiyoba ubugesera bubīkirwa umugabitanyi, N’ivyago bibīkirwa inkozi z’ ibibi? 4 Mbega yo yo ntiyitegereza inzira zanje, Igaharūra intambuko zanje zose? 5 Asangwa naragendeye mu binyoma, Ikirenge canje kikihutishwa no kuja kugunga, 6 Ni ngerwe ku munzane w’ ukuri, Kugira ngw Imana imenye ukugororoka kwanje! 7 Asangw’ ibirenge vyanje vyarakebeje mu nzira, Umutima wanje ugakurikira amaso yanje, Kand’ asangwa har’ agasembga na kamwe kometse ku biganza vyanje: 8 Ndakarima, birye uwundi, Mbere n’imirima yo mu ndimiro yanje irandurwe! 9 Asangw’ umutima wanje warasutswe n’umugore, Nkabunda ku muryango w’ umubanyi wanje: 10 Umugore wanje aragasēra uwundi, Kand’ akindweko n’abandi. 11 Kukw ico coba ar’ ishano ritavugwa, Mbere coba ar’ ikibi co guhanirwa mu bacamanza; 12 Coba ar’ umuriro utongora gushitsa uhoneje, Ugaturira imirima yanje yose. 13 Asangwa narīrengagije ivy’ umushumba wanje cank’ ivy’ incoreke yanje, Igihe banyitwarako: 14 None nzobikika nte, igihe Imana izokwisidukira? Noyishura iki, igihe ije kumbazaguza? 15 Mbeg’ iyandemeye mu nda ya mama si yo yamuremye na we? Iyatubumbiye mu nda s’ imwe? 16 Asangwa narīmye abagorwa ico bifuza, Canke naratumye amaso y’ abapfakazi akoboka; 17 Cank’ asangwa narigunganye ivyo kurya vyanje, Impfuvyi ntibikoreko, 18 Kand’ uhereye mu buto bganje ari jewe nayireze ndi nka se, N’umupfakazi ari jewe namuhagarikiye, nkiva mu nda ya mama; 19 Kand’ asangwa har’ uwo nabonye yishwe no kubura ico yambara, Cank’ umukene abuze ico yipfuka, 20 Asangw’ urukenyerero rwiwe rutampezagiye, Kand’ atāsusurukijwe n’ubgoya bg’intama zanje; 21 Kand’ asangwa narabanguriye ukuboko impfuvyi, Kubgo kugira aho mpininikiye mu rukinja; 22 Asangwa vyarabaye birtyo, igitugu canje kiragatandukana n’urubeshi, N’ukuboko kwanje gucike gutandukane n’igufa! 23 Kukw ivyago vyovuye ku Mana vyantera ubgoba, Narashishwa kubg’ igitinyiro cayo. 24 Asangwa naragize izahabu ivyizigiro vyanje, Nkabarira izahabu nziza, nti Ni wewe nishimiye; 25 Kand’ asangwa nanejerejwe n’uk’ ubutunzi bganje ari bginshi, Kandi yuk’ ukuboko kwanje kwaronse vyinshi; 26 Kand’ asangwa naritegereje izuba igihe ryaka, Cank’ ukwezi kugendera mu bgiza bgakwo, 27 Umutima wanje ugasukwa na vyo mu mpisho, Nkabiha ukuboko kwanje: 28 Ivyo na vyo vyoba ar’ ikibi co guhanirwa mu bacamanza, Kuko noba nihakanye Imana iri hejuru. 29 Asangwa naranejerejwe n’uk’ ūnyanka ageshejwe, Canke nkitereshwa hejuru n’ ukw ivyago bimushitseko, 30 Kand’ ari jewe nari narazitiye akanwa kanje ngo ntigacumure, Ntikamuvume ngo kamwifurize gupfa; 31 Kand’ asangw’ abo mu rugo rwanje batavuga, Bati Ni nde yobona umuntu n’umwe atāhāgijwe n’inyama yagabura? 32 Kandi kw ata mushitsi narāje hanze, Arikw ingenzi nama ndayugururira; 33 Kand’ asangwa naratwikiriye ibicumuro vyanje nka Adamu, Ngahisha ibigabitanyo vyanje mu gikiriza, 34 Mbitewe no gutinya ishengero mu kigohe, No gutinya kugawa n’iyindi miryango, Bigatuma nihorera, sindenge n’irembo— 35 Icompa hakagira ūnyumviriza! Ivyo nireguje ndabitereye igikumu: Īshobora vyose n’ inyishure! Kand’ icompa nkabona ibirego vyanditswe n’umwansi wanje! 36 N’ukuri novyikorera ku rutugu, Nkavyipfundikako nk’igitsibo. 37 Noyimenyesha igitigiri c’intambuko zanje, Noyishikīra nk’uk’ umuganwa ashikīra umwami. 38 Asangwa mu bgatsi bganje hatakishwa no kundega, N’ubusize bgaho bukarira; 39 Kand’ asangwa narariye ivyeze vyaho ata co nishuye, Cank’ asangwa narishe nabi bene ho: 40 Asangwa vyarabaye birtyo, amahwa arakamera ahobaye ingano, N’ikigunda ahobaye sayiri. Amajambo ya Yobu agarukiye aho. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi