Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -

Yobu 26 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Yobu avuga yuko na we azi ububasha bg’Imana

1 Maze Yobu arishura,

2 at’ Ewe kuntu uzi gufasha umunyantegenke! N’ingen’ uzi gukiza uw’ amaboko adendebutse!

3 N’ukuntu ugīra inama ūdafise ubgenge, Ukerekana rwose ubgenge ubg’ ari bgo!

4 Ayo magambo ugira ng’ uyabariye nde? Kand’ impwemu ikuvugishije n’iya nde?

5 Abāpfuye bahindira agashitsi Musi y’amazi n’ibiyabamwo.

6 I kuzimu hambaye ubusa imbere y’Imana, Mu mahonero nta mwambaro hikinzeko.

7 Yagaranzuye i burārūko ihashinga ku kirēre, Isi iyenetsa ku busa.

8 Itekera amazi mu bicu vyayo vyibungenze, Kandi ntibitoborwa n’uburemerezi bgayo.

9 Itwikira intebe yayo, Ikayirenzakw igicu cayo.

10 Amazi yayashingiye ingabano, Zishika ah’ umuco n’umwiza bigarukira.

11 Inkingi z’ijuru ziradegezwa, Zumizwa no gukankamira kwayo.

12 Izīkuruza ikiyaga ububasha bgayo, N’ubgenge bgayo ibutobekeranisha Bgibone.

13 Mpwemu wayo yēyūra ijuru, Ukuboko kwayo igusogotesha inzoka y’ubukuba.

14 Erega n’ivyo n’ubusunwa gusa bg’inzira zayo: Kandi n’ivyo twumva kuri yo ni nk’utwongorerano dutoya! Non’ imyasano y’ububasha bgayo ni nde yoshobora kuyitahura?

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:



ကြော်ငြာတွေ