Yobu 23 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Yobu yishura Elifazi kw acishimira imbabazi z’Imana 1 Maze Yobu arishura, 2 ati No gushitsa uyu musi amajojwa yanje aharūrwa nk’umugararizo: Uko nkubitwa kuruta uko nniha. 3 Iyo mba nari nzi aho noyibona, Kugira ngo nduhe nshike n’ imbere y’intebe yayo! 4 Noyikūrira ku ntango urubanza rwanje, Akanwa kanje nkakuzuzamw’ amajambo y’imibūrano. 5 Nkamenya amajambo yonyishura, Ngatahura ico yombarira. 6 Mbega yontwarisha ituntu ubushobozi bgayo buhambaye? Oyaye, arikw ivyanje yobishira ku mutima. 7 Aho ni ho umugororotsi yobūranira na yo, Īncira urubanza ikancira urutazokwivuguruzwa gushitsa ibihe bidashira. 8 Rāba, nja imbere, ariko si ho iri; Nasubira inyuma, nkayibura; 9 Naja i bubamfu mu gihe ikorera, na ho nyene sinshobore kuyibona; Yihisha ku ruhande rw’i buryo, kugira ngo sindayikubite ijisho. 10 Yamara yo irazi inzira ncamwo; Ni yamara kumvugutira nzovamwo mmeze nk’izahabu. 11 Ikirenge canje nacometse mu cayo; Inzira yayo narayikomeje, sinakikama. 12 Nta ho nasubiye inyuma ngo mve mu vyagezwe yashinze; Nashize umutima ku majambo yo mu kanwa kayo kuruta uko ndawushira ku vyo kurya bintunga. 13 Yagiye imigabo: none ni nde yoshobora kuyibuza? Kand’ ico umutima wayo ugomvye ni co ikora. 14 Kukw ari yo izonshitsakw ivyo yangereye: Kand’ ifise ibindi vyinshi bimeze nk’ivyo. 15 Ni co gituma ndandurwa umutima no kuba imbere yayo; Iyo ndayiyumviriye ndayitinya. 16 Kukw Imana ari yo idendebuye umutima wanje, Kand’ Īshobora vyose ikaba ari yo inciye ivutu. 17 Ivyo ni vyo binshābije, s’ umwiza, S’uk’ umwiza w’umuzitanya untwikiriye mu maso. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi