Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -

Yobu 20 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Zofari yerekana umugabane w’umunyavyaha

1 Maze Zofari w’i Nayama arishura,

2 at’ Ivyiyumviro vyanje binteye kwishura, Kuko bindundumiye.

3 Numvise ibikangisho binteye isoni, Kand’ umutima wanje w’ ubgenge uranyishuye.

4 Mbega ntuzi yuko kuva kera, Uhereye igihe umuntu yashizwe mw isi,

5 Ukwihaya kw’abanyakibi kumara igihe gito, No kunezerwa kw’abatubaha Imana ar’ ukw’ akanya isase?

6 Nah’ ubgibone bgiwe bgoshika kw ijuru, Umutwe wiwe ugashika mu bicu,

7 Azoshira buheriheri nk’ umwanda umuvuyemwo: Abāhora bamubona bazovuga, bati Mbeg’ ari hehe?

8 Azoguruka nk’inzozi, ntabe akiboneka, Mber’ azokamangana nk’ibiravūswe mw ijoro.

9 Ijisho ryahora rimurāba ntirizosubira kumubona ukundi, N’ahantu yaba ngo hongere kumubona.

10 Abana biwe bazoja gusaba aboro, Kandi bazoriha ivyo yagunze.

11 Inkomezi z’ubusore bgiwe zuzuye mu magufa yiwe, Zizoryamana na we mu mukungugu.

12 Nah’ ivyaha bimuryohera mu kanwa, Akabinyegeza mu nkingi z’ ururimi,

13 Akanka kubiheba, Akabigumya mu kanwa kiwe,

14 Yamar’ ivyo yariye bizomuhinduka bishitse mu nda, Bizohinduka nk’ubumara bg’ imvuvyi muri we.

15 Yamize ubutunzi miyonzwa, non’ azobudahwa: Imana izobisevya mu nda yiwe.

16 Azonunuza ubumara bg’ imvuvyi; Ururimi rw’inzoka ruzomwica.

17 Ntazokwitegereza inzūzi, Ari zo migezi itemba ubūki n’ urubu.

18 Inyungu yaronse azozisubiza, ntazozitamirako; Ubutunzi yaronse ntibuzomunezereza.

19 Kuko yahahaje aboro, akabīrengagiza; Yinjiye urugo atubatse.

20 Umutima wiwe ntuzi guhurarara, Kandi ntazokiza ikintu na kimwe mu vyamuhimbara.

21 Nta casigaye atāherengeteje, Ni co gituma ubuhirwe bgiwe butazogumaho.

22 Igihe ivyiwe bizoba bimucugaye binengesereye, azofutana; Amagorwa yose azomwizingirako.

23 Igihe agira ahāze inda yiwe, Imana izomusukak’ uburake bgayo bg’inkazi, Izobumucuncuburirako akirikw ararya.

24 Azogira ngw arahunga ibirwanishwa vy’ivyuma, Arik’ umuheto w’umuringa uzomutobekeranisha umwampi,

25 Useruke mu mugongo wiwe: Mber’ uwo mubugita ukayangana uzoseruka utobekeranije indurwe yiwe; Ubgoba buzoba bumufashe.

26 Umwiza wose ni wo azobīkirwa ku butunzi: Umuriro utākijwe n’umuntu uzomutongora, Uherengeteze ibizoba bisigaye mu rugo rwiwe.

27 Ijuru rizoshira ibigabitanyo vyiwe ahabona, Kand’ isi izomukūrira hasi.

28 Inyungu yo mu nzu yiwe izojanwa, Ibintu vyiwe bizotwarwa bisendanishijwe ku musi w’ uburake bgayo.

29 Ivyo ni vyo mugabane umunyakibi ahabga n’Imana, Ni yo ngero yagerewe na yo.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:



ကြော်ငြာတွေ