Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -

Yobu 18 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Biludadi ahāririza ivyo Yobu avuze

1 Maze Biludadi w’i Shuhi arishura,

2 ati Muzogeza ryari kurondera amajambo? Ni mwiyumvire, hanyuma tubone kuvuga.

3 N’iki gituma tugereranywa n’ibikōko, Tugahinduka nk’abatagira ubgenge mu maso yanyu?

4 Wewe witabagurana uburake bgawe, Mbeg’ isi yohebga kubgawe? Cank’ igitandara cokūrwaho kubgawe?

5 N’ukuri urumuri rw’umunyakibi ruzozima, Kand’ urubeya rw’umuriro wiwe ntiruzokwaka.

6 Umuco uzocura umwiza mu nzu yiwe, N’itara rimanitse hejuru yiwe rizozima.

7 Intambuko ziwe z’inkomezi zizopfunywa, Imigabo yiwe ubgiwe ni yo izomutsinda hasi.

8 Ereg’ ivyiwe birenge ni vyo bimutsinda mu ruriba, Agaca ku gitsiburira.

9 Ikigāmo kizomufata igitsintsiri, Umutego uzomucakira.

10 Impururu yo kumufata ihishijwe mw ivu, Umushibuka umutegeye mu nzira.

11 Azoterwa ubgoba n’ibimukanga irya n’ino, Bizomukinagiza vyōmye ku bitsintsiri vyiwe.

12 Inkomezi ziwe zizomarwa n’ inzara, Kand’ ivyago bizoba bibunze i ruhande yiwe.

13 Ingingo z’umubiri wiwe zizotsontsomerwa, Mber’ imfura y’urupfu izozitsontsomera.

14 Azorandurwa mu rugo rwiwe yishimira, Azokwegerwa imbere y’ umwami w’ibiteye ubgoba.

15 Abatar’ abiwe bazokwinjira urugo rwiwe; Amazuku azosukwa ahantu yahora aba.

16 Imizi yiwe izokwumira hasi, N’ishami ryiwe rizokabiranira hejuru.

17 Kwibukwa kwiwe kuzozimangana mw isi, Kand’ izina ryiwe ntirizokwongera kuvugwa mu nzira.

18 Azokwirukanwa ave mu muco, aje mu mwiza; Mber’ azocibga mw isi.

19 Ntazogira umuhungu cank’ umwuzukuru mu bgoko bgiwe, Cank’ ūzosigara aho yahora.

20 Abazoza inyuma yiwe bazotangarira umusi wiwe, Nk’ukw abāmwitangiye imbere bātewe n’ubgoba.

21 N’ukuri aho ni ho i wabo w’ūgabitanya, Kand’ aho ni ho hantu h’ ūtazi Imana.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:



ကြော်ငြာတွေ