Yobu 17 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)1 Ubugingo bganje buraheze, Imisi yanje irashize, Imva iranyiteze. 2 Ereg’ abacokoranyi barankikije, Ijisho ryanje nta kindi ribona atar’ akavyongo kabo. 3 Enda se tanga ingwati, unyishinge wewe ubgawe: Uwundi twokorana mu ntoke duhānye isezerano yoba nde? 4 Kuko wahishije ubgenge imitima yabo: Ni co gituma utazobashira hejuru. 5 Umuntu ashengerera bagenzi biwe ngo banyagwe, Amaso y’abana biwe azokoboka. 6 Ariko yangize iciro ry’imigani mu bantu, Mpindutse uwo gucirwa mu maso. 7 Ijisho ryanje rikabiranijwe n’ intuntu, N’ingingo zanje zose zimeze nk’igitūtu. 8 Ivyo bizotuma abatunganye bumirwa, N’umuntu atagira igicumuro ngw avuduke arwanye ūtubaha Imana. 9 Arik’ umugororotsi azokomerera mu nzira yiwe, N’ūfise amaboko yiziguye azokwama yunguka inkomezi. 10 Ariko mweho ni mushireko muje imbere mwese, Na ho nyene nta munyabgenge n’umwe nobona muri mwebge. 11 Imisi yanje iraheze, imigabo yanje ipfuye umuhimba, Iyo nari mfise mu mutima wanje. 12 Ijoro baryita umurango, Bat’ Umuco uraje; kandi hakir’ umwiza. 13 Ko nziga i kuzimu kw ari ho i wanje, Nkaba nshashe uburiri bganje mu mwiza, 14 Nkaba mbariye rwa rwobo, nti Ni wewe data, Nkabarira n’inyo, nti Ni wewe mama, kand’ ukaba na mushikanje; 15 Non’ ivyizigiro vyanje biri hehe? Kand’ ivyo vyizigiro vyanje ni nde azoruha abibona? 16 Bizomanuka bishike ku bihindizo vy’i kuzimu, Igihe nzoronka uburuhukiro mu mukungugu. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi