Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -

Yobu 13 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Rāba, ijisho ryanje ryabonye ivyo vyose; Ugutwi kwanje kwaravyiyumviye, kurabitahura.

2 Ivyo muzi nanje ndabizi: Ntimundusha.

3 N’ukuri ndagomba kwibaririra Īshobora vyose, Kandi ndifuza kwībūranira ku Mana.

4 Ariko mwebge mur’ abarementanya ibinyoma; Mwese mur’ abavūzi b’imburakimazi.

5 Icompa mugacereza rwose! Mwobaye mugize ubgenge.

6 Noneho ni mwumve urubanza rwanje, Kandi mutegere amatwi kubūrana kw’iminwa yanje.

7 Mbeg’ Imana mwoyibūranira mugoreka amajambo, Kandi muyivugira ibinyoma?

8 Mbega muyitinya ku kigohe? Non’ Imana mwoyitsa?

9 Aho vyoba vyiza ibaseranguye ikarāba? Canke mwoyihenda nk’uk’ umuntu ahenda uwundi?

10 Ntizobura kubahana, Namba murobanura ku cubahiro mu mpisho.

11 Mbeg’ icubahiro cayo nticobatera ubgoba, Igitinyiro cayo kikabasūmira?

12 Ya magambo yanyu akomeye ni nk’imigani y’iminyota, Inkinzo zanyu ni nk’inkinzo z’ibibumbano.

13 Ni muhore, mumpumekere, mbone kuvuga, Bice aho bigomba.

14 Ar’ ugupfa, mpfe, Ar’ uguheba amagara yanje, ndayahebe.

15 Ehe rāba, agira anyice: nta co nkirorereye; Yamara nzokwiregura ingeso zanje imbere yayo.

16 Ivyo na vyo bizombera agakiza, Kuk’ ūtubaha Imana atoseruka imbere yayo.

17 Enda ni mugire umwete wo kwumva amajambo yanje; Ivyo ngira mvuge bishike mu matwi yanyu.

18 Rāba mmaze gushinga urubanza rwanje: Ndazi ko nd’ umugororotsi.

19 Ni nde yompāririza? Abayeho noca mpora ngahwera.


Yobu asaba Imana ngw imwereke ivyo yacumuye ivy’ ari vyo

20 Yamara Bgirukiro, ntunga ku bintu bibiri, Ni ho ntokwihisha mu nyonga zawe:

21 Geguza ukuboko kwawe kumveko, Kandi ntuntereshe ubgoba igitinyiro cawe ukundi.

22 Ni ho wompamagara, nkakwitaba, Cank’ unyemerere mvuge, abe ari wewe unyishura.

23 Ibigabitanyo vyanje n’ivyaha vyanje bingana bite? N’ummenyeshe igicumuro canje n’icaha canje.

24 N’iki gituma umpisha mu nyonga hawe, Ukangira umwansi wawe?

25 Mbeg’ ikibabi bubabi gikubebga n’umuyaga, wogitera ubgoba? Wokwiruka inyuma y’ibishingwe vyumye?

26 Kuk’ unyanditsekw ibintu bimbereye umururazi, Kand’ ukansubizakw ibigabitanyo vyo mu busore bganje.

27 Kand’ ibirenge vyanje ubishize mu mpatane z’ibiti, Ugenzura imigendere yanje yose; Ushingiye akarimbi ibirenge vyanje:

28 Naho mmeze nk’igiti kibongeye, Nk’impuzu yariwe n’inyenzi.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:



ကြော်ငြာတွေ