Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -

Yesaya 2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Ibizoba ku musi w’Uhoraho

1 Ijambo Yesaya mwene Amosi yeretswe ku b’i Buyuda n’i Yerusalemu.

2 Mu misi y’iherezo umurwa wubatswekw ingoro y’Uhoraho uzogasara ku mpinga z’imisozi, uzoshirwa hejuru y’iyindi mirambi; kand’ amahanga yose azosendanisha aja kuri wo.

3 Amoko menshi azojayo, abarirane, ati Ni muze tudūge, tuje ku murwa w’Uhoraho, ku ngoro y’Imana ya Yakobo, kugira ngw itwigishe ivy’ inzira zayo, natwe tuzigenderemwo; kukw i Siyoni ari ho hazova ivyagezwe, n’i Yerusalemu hakava ijambo ry’Uhoraho.

4 Azocira imanza amahanga, atātūre amoko menshi; inkota zabo bazozivunjamw’ amasuka, n’amacumu bazoyavunjamw’ inkero; nta hanga rizobangurira irindi hanga inkota, kandi ntibazokwiga kurwana ukundi.

5 Yemwe ab’ inzu ya Yakobo, ni muze tugendere mu muco w’Uhoraho.

6 Kukw abantu bawe, ari bo nzu ya Yakobo, wabahebeshejwe n’uko buzuyemw’ imigenzo ivuye i burasirazuba, bakaragura nk’Abafilisitiya, kandi bakifatanya n’abana b’abanyamahanga.

7 Igihugu cabo na co cuzuye ifeza n’izahabu, kand’ ubutunzi bgabo n’isinzi; igihugu cabo cuzuye n’amafarasi, imikogote yabo n’ibitayega.

8 Igihugu cabo cuzuye n’ibigirwamana; basenga ivyakozwe n’amaboko yabo, intoke zabo ubgabo ari zo zabikoze.

9 Abantu bazosubizwa hasi, abahambaye bacishwe bugufi; nawe ntuz’ ubaharire.

10 Injira mw isenga, wihishe mu mukungugu, uhunge ubukare bg’Uhoraho, n’ubgiza bg’icubahiro ciwe.

11 Kurābana agakēngērwe kw’abantu kuzocishwa bugufi, n’ubgibone bg’abahambaye buzosubizwa hasi, Uhoraho wenyene ni we azoba ashizwe hejuru kur’ uwo musi.

12 Kuk’ Uhoraho Nyen’ ingabo afitiye umusi ivyibona vyose n’ivyivuna, n’ivyishira hejuru vyose, kandi bizocishwa bugufi.

13 Uwo musi uzoba no ku biti vy’amasederi vy’i Lebanoni vyose birebire vyishira hejuru, no ku vy’imyeloni vy’i Bashani vyose,

14 no ku misozi miremire yose, no ku misozi yose yishira hejuru,

15 no ku munara wose ushizwe hejuru, no ku ruzitiro rurerure rwose rw’amabuye,

16 no ku māto yose y’i Tarushishi, no ku bishushanyo vyose binezereza.

17 Kand’ agakēngērwe k’abantu kazosubizwa hasi, n’ubgibone bg’abahambaye buzocishwa bugufi, Uhoraho wenyene ni we azoba ashizwe hejuru kur’ uwo musi.

18 Ibigirwamana bizoherengetera rwose.

19 Kand’ abantu bazokwinjira mu masenga yo mu bitandara, no mu vyobo vyo mu kuzimu, bahunga ubukare bg’Uhoraho, n’ubgiza bg’icubahiro ciwe, ah’ azohaguruka gutigitisha isi.

20 Kur’ uwo musi umuntu azoshibura ibigirwamana vyiwe vy’ifeza, n’ibigirwamana vyiwe vy’izahabu, ivyo bamucuriye ngw abisenge, abishiburire amafuku n’ubuhungarema;

21 aje mu masenga yo mu bitandara, no mu bihoro vyo mu bitandara nyene, ahunga ubukare bg’Uhoraho, n’ubgiza bg’icubahiro ciwe, ah’ azohaguruka gutigitisha isi.

22 Ni mureke kwishimira abantu, abari n’impwemu gusa mu mazuru yabo: mbega bamaze iki?

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:



ကြော်ငြာတွေ