Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -

Yeremiya 8 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Imana izohanira Abayuda kutihana kwabo

1 Ico gihe, ni k’Uhoraho agize, bazozura amagufa y’abami b’Abayuda, n’ay’ abaganwa babo, n’ay’ abaherezi, n’aya ba kamenyi, n’ay’ ababa i Yerusalemu, bayakūre mu mva zabo:

2 bazoyanikira musi y’izuba n’ukwezi n’ingabo zose z’inyenyeri zo kw ijuru, ivyo bākunda bakabisaba bakabigendanira bakabishishikarira bakabisenga: ntazosubira kwegeranywa ngw ahambge, arikw azoba nk’intabire yometse ku misozi.

3 Kand’ amasigarira yose azoba asigaye kur’ uyu muryango mubi azohitamw’ urupfu kuruta kubaho, ni bo bazoba basigaye ahantu hose aho nzoba narabirukaniye, ni jewe Uhoraho Nyen’ ingabo mbivuze.

4 Kand’ ubabgire, ut’ Uku ni k’Uhoraho abaza, ati Mbeg’ abantu iyo batemvye ntibasubira kuvyuka? Cank’ umuntu iy’ ahuvye inzira ntasubira kugaruka?

5 None rero n’iki cashubije inyuma aba bantu b’i Yerusalemu, bagasubira inyuma akagīrīre? Bakobereza ubugunge, bakanka kugaruka.

6 Narateze ugutwi ndumviriza, ariko nta ho bavuga ukuri: nta muntu yihannye ibibi vyiwe, ngo yibaze, ati Mbeg’ ico nakoze n’igiki? Umuntu wese apfa guhuruduka, akajana inzira yiwe, ameze nk’ifarasi igenda akabushungwe yirukira mu ntambara.

7 Mber’ igisīga sarumfune co mu kirēre kizi ibihe vyaco cāgerewe, kand’ intunguru n’intamba n’inyanāna bimenya ibihe vyavyo vyo kuziramwo; arikw abantu banje bo ntibazi ibgirizwa ryanje, jewe Uhoraho.

8 Muvugira iki, muti Tur’ abanyabgenge, kandi mut’ Ivyagezwe vy’Uhoraho bibana natwe? Ereg’ abanditsi banyu bandikishije ikaramu y’ibinyoma, banditse ibitar’ ivy’ ukuri.

9 Abanyabgenge baratēterewe, barajorewe, bafashwe mpiri: erega n’uko bāgaye ijambo ryanje Uhoraho; mbeg’ ubgenge buri muri bo n’ubuki?

10 Ni co gitumye abagore babo nzobaha abandi, n’amatongo yabo nkazoyaha abandi bakayegukira: kuk’ umuntu wese, uhereye kuri nyarucari muri bo ugashitsa no k’ūhambaye wo muri bo, yifuza inyungu mbi: kand’ uhereye kuri ba kamenyi ugashitsa no ku baherezi, umuntu wese aragunga.

11 Kandi bāvūye imirenzako igikomere ca wa mukobga ari bo bantu banje, bavuga, bati N’amahoro, n’amahoro; kand’ ata mahoro ariho.

12 Mbega har’ isoni bāgize, bamaze gukora ibizira? Eka nta dusoni na mba, nta n’ukumāramāra. Ni co gituma bazotembana n’abari ku mutembo; igihe nzobazira bazogwaho, ni jewe Uhoraho mbivuze.

13 Nzobanzura rwose, ni jewe Uhoraho mbivuze: nta nzabibu zizoba zikiba ku muzabibu, cank’ insukoni ku musukoni, n’ibibabi bizokabirana; kand’ ibintu nabahaye bizobavako.

14 Mbega none n’iki kikitwicaritse? Enda ni mwegerane, tuje mu bisagara vyubakiwe inzitiro, twumireyo; kuk’ Uhoraho Imana yacu atwumije, aduhaye amazi y’ubumara ngo tuyanywe, kuko twacumuye k’Uhoraho.

15 Twiteze amahoro, ariko nta vyiza vyaje; twiteze igihe co kuvūrwa, ariko habah’ ibiteye ubgoba.

16 Gufuhagira kw’amafarasi yiwe kwumvikana i Dani; igihugu cose gihindishwa agashitsi no kwumva kuroherana kw’amafarasi yiwe y’intambara; kuko baje, kandi bākegese igihugu n’ibiri muri co vyose, bo n’igisagara n’ababa muri co bose.

17 Ehe ngira ndungike inzoka z’imvuvyi muri mwebge, zitazoshobora kugundwa, ariko zizobakomora, ni jewe Uhoraho mbivuze.

18 Icompa nkabona uko nomarwa umubabaro! Umutima wanje undendebukiyemwo.

19 Umve, ijwi ry’ugutakamba kw’umukobga, ari we bgoko bgacu, rituruka hirya no hino mu gihugu, riti Mbeg’ Uhoraho ntakiba i Siyoni? Mbeg’ Umwami waho si ho akiri? Mbega na bo n’iki catumye bandakisha ibishushanyo vyabo bibājwe, n’ ivy’ imburakimazi vy’ivyaduka?

20 Bat’ Igihe c’iyimbura kirashize, ici rirahise, natwe ntituragakira.

21 Ereg’ ikibabaje wa mukobga ari bo bgoko bgacu, nanje kirambabaje: ndiraburaniwe, mfashwe n’agatengo.

22 Mbeg’ i Gileyadi ntihariy’ umuti wo gusomōra? Nta muvūzi abayo? None n’iki cabujije uruguma rwa wa mukobga ari bo bgoko bgacu ko rukira?

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:



ကြော်ငြာတွေ