Yeremiya 6 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Abansi b’i Siyoni bitegura kuhatera 1 Muhunge mwikize, mwebge Babenyamini, muve hagati muri Yerusalemu; muvugirize inzamba i Tekowa, kand’ i Beti‐hakeremu muhashire inderetsi yo gutabaza; kukw ivyago bisēsetse i burārūko, n’ukugeseza gukomeye. 2 Umukobga w’i Siyoni mwiza yāmikaye, nzomurandura. 3 Abungere bazomūzira, bari n’imikuku yabo; bazoshinga amahema yabo, bamushagaje irya n’ino; bazomurisha, umuntu wese ah’ aherereye: 4 bati Mutonde urugamba tumurwanye; ni mukūre hasi tudūge ku murango w’amaminangohe. Bat’ Ewe turagowe, kuk’ umusi ukuze, kand’ ibitūtu vy’ubgīra bikaba bimaze ibihugu! 5 Bati Ni mukūre hasi, tudūge mw ijoro, dusangangure ingoro ziwe. 6 Kuk’ ukw ari k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ati Ni mwicire ibiti, murundire Yerusalemu ikigunguzi co kwūririrako: ico gisagara gikwiye kūzirwa; nta kindi kiri muri co atar’ agahahazo. 7 Nk’ukw iriba ridudubiza amazi yaryo, uko ni ko kidudubiza ibibi vyaco: humvikana umuryano n’ubunyazi muri co; ububabare n’inguma vyama imbere yanje na ntaryo. 8 Kunda wigishwe, Yerusalemu, umutima wanje woye guhubanwa nawe; noye kuzohava nguhindura amatongo, igihugu kitakirimw’ umuntu. 9 Uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ati Bazohūmba bamaririkanye amasigarira y’Abisirayeli, nk’uko bahūmba umuzabibu: subira uje uratuma ukuboko nk’uwamurira inzabibu mu bisamba. 10 Nobarira nde ngw ambere icabona, kugira ngo bumve? Ereg’ amatwi yabo arazivye, ntibashobora kwumva: ijambo ry’Uhoraho ryahindutse agatukisha kuri bo; ntibakirinezererwa. 11 Ni co gituma nuzuye ubushangashirwe bg’Uhoraho: bingoye kubuzina; burekurire ku bana bari mu nzira, no ku misore ah’iganamye: kuk’ umugabo azonyaganwa n’umugore wiwe, n’umutāma azonyaganwa n’ūgeze mu zabukuru. 12 Ingo zabo zizogabirwa abandi, bo n’amatongo yabo n’abagore babo: kuko nzobangurira ukuboko kwanje ku baba mu gihugu, ni jewe Uhoraho mbivuze. 13 Kuk’ uhereye kuri nyarucari muri bo ugashitsa no k’ūhambaye, umuntu wese yifuza inyungu mbi; kand’ uhereye kuri ba kamenyi ugashitsa no ku baherezi, umuntu wese aragunga. 14 Bāvūye igikomere c’abantu banje imirenzako, bavuga, bati N’amahoro, n’amahoro; kand’ ata mahoro ariho. 15 Mbega har’ isoni bāgize, bamaze gukora ibizira? Eka nta dusoni na mba, nta n’ukumāramāra. Ni co gituma bazotembana n’abari ku mutembo; igihe nzobāzira bazogwaho, ni jewe Uhoraho mbivuze. Imana yinginga abantu ngo bihane 16 Uku ni k’Uhoraho agize, ati Muhagarare mu mayira, mwitegereze, mubaze inzira za kera, inzira nziza iy’ ari yo, abe ari yo mujana, maze muzoronka uburuhukiro bg’imitima yanyu: ariko bo baravuga, bat’ Eka ntituyijana. 17 Nabashiriyeh’ abashibamyi, nti Ni mwumvirize ijwi ry’inzamba; ariko bo baravuga, bat’ Eka ntituryumviriza. 18 None rero mwa mahanga, ni mwumve ibigira bibabeko; ubimenye, wa koraniro ry’amoko; 19 ni wumve, wa si we, ehe ngira nzane ivyago kur’ ubu bgoko, vyandurutse mu vyiyumviro vyabo, kuko batumviye amajambo yanje, kand’ ivyagezwe vyanje bakaba bārabikēngereye. 20 Bimaze iki kunkūrira ibintu bimoga i Sheba, na kanehe imota neza ivuye mu gihugu ca kure? Ibimazi vyanyu vyoswa simbishima, kand’ ivyo mukerera ntibimpimbara. 21 None rero ni mwumve ivyo mvuze jewe Uhoraho: Ehe ngira nshire ibitsitaza imbere y’ubu bgoko: abavyeyi n’abana babo bazobitsitarirakw icarimwe; ababanyi na bagenzi babo bazoranduka. 22 Uku ni k’Uhoraho agize, at’ Eh’ ubgoko buraje buvuye mu gihugu c’i burārūko; ihanga rikomeye rizovyutswa rive ku mpera y’isi. 23 Bābiriye imiheto n’amacumu; ni ba ruburakigongwe, nta mbabazi bagira; ijwi ryabo ribomborana nk’ikiyaga, kandi bagendera ku mafarasi; bāzira mu rugamba icarimwe, nk’umuntu umwe, kugira ngo bagutere, ewe mukobga w’i Siyoni. 24 Twumvise inkuru zavyo, amaboko yacu arareganuka: uburibge buradufashe, nk’ibise vy’umugore aramutswe. 25 Ntimuruhe musohoka mu mirima, canke ngo mufate inzira: kuko hariy’ inkota y’umwansi, n’ibiteye ubgoba irya n’ino. 26 Ewe Yerusalemu, wa mukobga ari bo bantu banje, kenyera amagunira, wikumbagaze mu minyota: vuza induru nk’ūyivugiriza umwana wiwe w’ikinege, uborogane akabonge kenshi; kuk’ umugeseza agira adushikeko giturumbuka. 27 Nguhinduye nk’uruganda n’umucuzi hagati mu bantu banje; kugira ng’ umenye ingeso zabo uzigerageze. 28 Bose n’abagarariji bitovugwa, bagenda barementanya; bameze nk’imiringa n’ivyuma; bose bakora ivy’ ubugunge. 29 Imivuba ivugutana inkomezi, umuriro ugakūrah’ inkamba: bashishikarira ubusa kuvuguta, kukw abanyakibi batākūwemwo. 30 Abantu bazobīta ifeza z’ibihonwa, kuk’ Uhoraho abashibuye. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi