Yeremiya 50 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Imbūri zo kuri Babuloni 1 Ijambo Uhoraho yavuze ku vy’i Babuloni, no ku vy’igihugu c’Abakaludaya, arivugishije Yeremiya. 2 Mubitāngāze mu mahanga, muvyamamaze, mushinge ibendera; muvyamamaze, ntimubihishe, mut’ I Babuloni haratsinzwe, ikigirwamana Beli kiratēterewe, Merodaki kiravunaguritse; ibishushanyo vyaho biratēterewe, ibigirwamana vyaho biravunaguritse. 3 Kukw i burārūko hazoturuka ihanga rije kuhatera, rizohindura igihugu caho amatongo, kandi nta wuzoba akihaba; abantu bo n’ibitungwa bizohunga bigende. 4 Kuko mur’ iyo misi no mur’ ico gihe, ni k’Uhoraho agize, Abisirayeli bazoza, bazananye n’ Abayuda; bazogenda barira ingenda, barondera Uhoraho Imana yabo. 5 Bazobaza ivy’ i Siyoni bahērekeje amaso, bat’ Enda ni muze mwifatanye n’Uhoraho musezerane isezerano ritazoshira ritazokwibagirana. 6 Abantu banje bābaye intama zizimiye; abungere babo bārabajimije, bābahubirije ku misozi: bāva ku musozi baja ku wundi, bibagiye uburuhukiro bgabo. 7 Abābabonye bose bāgiye babatsontsomera; abarwanizi babo bāvuze, bati Nta caha dukoze, kuko bācumuye k’Uhoraho, ari we i wabo w’ubugororotsi, k’Uhoraho, ari we vyizigiro vya ba sekuruza. 8 Muhunge muve hagati y’i Babuloni, muve mu gihugu c’ Abakaludaya, mube ba kizigenza nk’impfizi z’impene mu mukuku. 9 Kuko rāba, nzoyagamvya ikoraniro ry’amahanga ahambaye aturutse i burārūko, ngw adūge atere i Babuloni: kandi bazotonda urugamba kuharwanya; bazohatsinda bahereye kur’ urwo ruhande: imyampi yabo izoba nk’iy’ umuhizi w’umuhanga: nta wuzogwa hasi. 10 I Bukaludaya hazohinduka isahu: abahasahura bose bazohāga, ni jewe Uhoraho mbivuze. 11 Kuko vyabanezereye, bikabahimbara, mwebge abanyaga ishamvu yanje; kuko mwikirigita nk’inka y’iriza yo mu magarama, mukaroherana nk’amafarasi y’inkomezi; 12 nuko rero nyoko azogira ibitētērwa vyinshi, uwabavyaye azomāramāra: rāba, azosigara ar’ uw’ inyuma y’ayandi mahanga, abe ubugaragwa, igihugu kigadutse, n’ubgeranyange. 13 Kubg’ uburake bg’ Uhoraho ntihazosubira kugerērwa, ariko hazohebga rwose: umuntu wese azohita kuri Babuloni azojorerwa, azovuza agahwa kubg’ ivyago vyaho vyose. 14 Mwebge mwese abarashi, mutondere urugamba Babuloni irya n’ino; muharase, ntimuzigurize imyampi: kuko hācumuye k’Uhoraho. 15 Muhīrahire mur’ irya n’ino; hazokoma amashi, ibihome bihakingiye bizotemba, inzitiro zaho zisangangurwe: kukw ar’ uguhōra kw’ Uhoraho; namwe muhīhōre; nk’ uko hakoze abe ari ko muhasubiriza mu nkōko. 16 Murandure i Babuloni umubivyi, bo n’ūtemesha umuhoro mu gihe c’iyimbura. Kubgo gutinya inkota iririka, bazohunga, umuntu wese asubire mu bgoko bgabo, umuntu wese asubire mu gihugu cabo. 17 Abisirayeli n’intama zisābagiye; intambge zarabasanzaje: umwami w’i Ashuri ni we yabanje kubarotsa, ubuheruka Nebukadineza uyo, umwami w’i Babuloni, yabajanjaguye amagufa. 18 Nuko rero, uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ni we Mana y’Abisirayeli, ati Rāba nzohana umwami w’i Babuloni n’igihugu ciwe, nk’uko nahannye umwami w’i Ashuri. 19 Kandi nzogarukana Abisirayeli mu canya cabo, na bo bazorīsha i Karumeli n’i Bashani, bafore amabondo bari ku misozi y’i Efurayimu n’i Gileyadi. 20 Mur’ iyo misi no mur’ ico gihe, ni jewe Uhoraho mbivuze, ibigabitanyo vy’Abisirayeli bizoronderwa, bibure; n’ivyaha vy’Abayuda na vyo ntibizoboneka: kuko nzoharira abo nashigaje kuba amasigarira. 21 Dūga utere igihugu c’i Meratayimu, uhatere, utere n’ababa i Pekodi: ubakurikirane, ubice, ubatotore rwose, ni jewe Uhoraho mbivuze, ubagirire nk’ivyo nkubariye vyose. 22 Akarūru k’ intambara kari mu gihugu, bo n’ ak’ ukugeseza gukomeye. 23 Ewe kuntu ya nyundo yar’ igeramiye isi yose ivunitse, imenaguritse! Ewe kuntu i Babuloni hahindutse ibitongozi hagati mu mahanga! 24 Naguteze umutego, nawe uca urafatwa ata co winona, ewe Babuloni: wararushe uraboneka, utak’ urafatwa, kuko warwanije Uhoraho. 25 Uhoraho yuguruye ububīko bg’ibirwanishwa vyiwe, asohoye ibirwanishwa vy’ubushangashirwe bgiwe: kuk’ Umwami, ari we Uhoraho Nyen’ ingabo, afise igikorwa co gukora mu gihugu c’ Abakaludaya. 26 Ni muze muhatere, muturutse impande zose, mwugurure ibigega vyaho: muhace nk’ibirundo vy’amasakamburira, muhatotore rwose, ntihagire ikihasigara. 27 Ni mwice amakombe yaho yose; n’amanuke aje kubāgwa. Babonye ibara! Kuk’ umusi wabo washitse, ni wo gihe co kūzirwa kwabo. 28 Ni mwumve ingene bahunga, bacika bava mu gihugu c’i Babuloni, ngo bamamaze i Siyoni uguhōra kw’Uhoraho Imana yacu, uguhōra yahōye urusengero rwiwe! 29 Ni muhamagare abarashi bakoranire kurwanya Babuloni, abazi gufora imiheto bose; musagaze hirya no hino yaho; ntihagire uwaho acika: muhīhōre ibikwiranye n’ibikorwa vyaho, muhasubirize mu nkōko ibikwiranye n’ivyo hākoze; kuko hinantaje k’Uhoraho, k’Uwera w’ Abisirayeli. 30 Ni co gitumye imisore yaho izohindikirana mu nzira zaho, n’abahizi bose bazozibizwa kur’ uwo musi, ni k’Uhoraho agize. 31 Ehe tuzohigūra twe nawe, wa munyabgibone we, ni jewe Umwami Uhoraho Nyen’ ingabo mbivuze; kuk’ umusi wawe ushitse, ni wo gihe nkūziye. 32 Umunyabgibone azotsitara atembe, ntihagire ūmuvyutsa: kandi nzokwanda umuriro ibisagara vyiwe, uzotongora abamukikije bose. 33 Uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, at’ Abisirayeli n’Abayuda bāhaharijwe hamwe; ababajanye kw inyagano bārabagumije, banse kubarekura. 34 Arik’ Umucunguzi wabo arakomeye: Uhoraho Nyen’ ingabo ni ryo zina ryiwe; azobītsa mu manza zabo, kugira ngw ahe isi kuruhuka, arikw atere ababa i Babuloni imitima ihagaze. 35 Inkota iri ku Bakaludaya, ni k’Uhoraho agize, no ku baba i Babuloni, no ku baganwa baho, no ku banyabgenge baho. 36 Inkota iri ku birata, kandi bazoyinga; inkota iri ku bahizi baho, kandi bazoranduka imitima. 37 Inkota iri ku mafarasi yabo, no ku mikogote yabo, no ku b’ikivange c’amoko bari hagati muri ho, kandi bazohinduka nk’ abagore; inkota iri ku butunzi bgaho, kandi bazobunyagwa. 38 Ikigatwa kizoba ku mazi yaho, kand’ azogaduka; kukw ar’ igihugu c’ibishushanyo bibājwe, bāciwe ntema n’ibigirwamana. 39 Ni co kizotuma ibikōko vyo mu bugaragwa bizobanayo n’amabingira, n’ibisīga vyitwa imbuni na vyo bizohaba: ntihazosubira kugerērwa gushitsa ibihe vyose, kandi nta wuzoba akihaba uk’ urunganwe rwabo ruzogenda rukurikirana. 40 Nk’uko vyabaye hamwe Imana yakomvomvora i Sodomu n’i Gomora, bo n’ibisagara bihereranye na ho, ni kw ata muntu azobayo, canke ngo hagire umwana w’umuntu azoba akihaba, ni k’Uhoraho agize. 41 Eh’ ubgoko buraje buvuye i burārūko; ihanga rikomeye n’ abami benshi bazovyutswa bave ku mpera y’isi. 42 Bābiriye imiheto n’amacumu; ni ba ruburakigongwe, nta mbabazi bagira; ijwi ryabo ribomborana nk’ikiyaga, kandi bagendera ku mafarasi; bāzira mu rugamba icarimwe, nk’ umuntu umwe, kugira ngo bagutere, ewe mukobga Babuloni. 43 Umwami w’i Babuloni yumvise inkuru zavyo, amaboko yiwe arareganuka: uburibge buramufashe, nk’ibise vy’umugore aramutswe. 44 Eh’ azodūga nk’intambge ivuye kuri Yorodani iyo rwigize akagabo, ngw atere ahantu h’itsitsi hakomeye: ariko nzotuma bahunga bahave giturumbuka, kand’ uwo nzotoranya ni we nzoshinga ngw ahaganze: none ni nde ahwanye nanje? Kandi ni nde azonshingira igihe? Kandi ni nde mwungere yohangara guhagarara imbere yanje? 45 Nuko rero ni mwumve inama Uhoraho yarunduye kuri Babuloni, n’imigabo yagabiye y’ ivyo azogirira igihugu c’Abakaludaya: ati N’ukuri bazobakwega nk’imyagazi yo mu mukuku; n’ ukuri azobagesezanya n’aho baba. 46 Isi ihindishwa agashitsi no kwumva gutsindwa kw’i Babuloni: amarūru yaho yumvikana mu mahanga. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi