Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -

Yeremiya 47 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Imbūri zo ku Bafilisitiya

1 Ijambo ry’Uhoraho ryaje kuri Yeremiya ūvugishwa n’ Imana ku vy’Abafilisitiya, Farawo ataratera i Gaza.

2 Uku ni k’Uhoraho agize, at’ Eh’ amazi azodudubiza avuye i burārūko ahinduke uruzi rudengereye, ruzodengera rurenge ku gihugu no ku birimwo vyose, rurenge ku gisagara no ku bakibamwo bose: abantu bazotaka, n’ ababa mu gihugu bose bazoboroga.

3 Bumvise kudida imigere kw’amafarasi yiwe ahambaye, n’ukugenda akabushungwe kw’ imikogote yiwe, n’uguhinda kw’ amakurudumu, bituma abavyeyi batanakebuka ngo barābe abana babo kubgo gucika inkokora;

4 kuk’ umusi ugira uze wo kuzonyagwako kw’Abafilisitiya bose, wo kuzorandura umutabazi wese azoba agisigaye muri Tiro n’i Sidoni: kuk’ Uhoraho azonyaga Abafilisitiya, n’amasigarira yo ku kizinga co mu kiyaga citwa Kafutori.

5 I Gaza hasigaye ar’ uruharabuga; Ashikeloni harakomvomvowe, bo n’amasigarira yo mu kiyaya caho: uzokwikebagura ushitse ryari?

6 Weho wa nkota y’Uhoraho, uzogeza ryari kutaruhuka? Enda ni wisubize mu rwubati rwawe, utekereze, ugume hamwe.

7 Yamara se woruhuka ute, kand’ Uhoraho ari we yagutumye? Yayigeze kurwanya Ashikeloni n’abo kw isēsero ry’ikiyaga.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:



ကြော်ငြာတွေ