Yeremiya 43 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Bajana Yeremiya muri Egiputa 1 Maze Yeremiya ahejeje kubarira abantu bose amajambo yose y’Uhoraho Imana yabo, ayo Uhoraho Imana yabo yamubatumyeko, ni yo ya majambo yose, 2 Azariya mwene Hoshaya, na Yohanani mwene Kareya, n’abagabo b’abibone bose, babarira Yeremiya, bat’ Uvuze ibinyoma: Uhoraho Imana yacu ntiyagutumye kuvuga, ngo Ntituje muri Egiputa kubayo; 3 ariko Baruki mwene Neriya ni we akuduteranijeko, kugira ngo dutangwe mu maboko y’Abakaludaya, ngo batwice, canke batujane i Babuloni tur’ inyagano. 4 Nuko Yohanani mwene Kareya n’abagabisha b’ ingabo bose, n’abantu bose, ntibumvira Uhoraho, ngo babe mu gihugu c’i Buyuda. 5 Ariko Yohanani mwene Kareya n’abagabisha b’ingabo bose, bajana amasigarira yose y’Abayuda, abāri bagarutse kuba mu gihugu c’i Buyuda bavuye mu mahanga yose aho bāri barirukaniwe; 6 abagabo n’abagore n’abana, n’abakobga b’ umwami, n’umuntu wese Nebuzaradani umukuru w’abashibamyi yari yararagije Gedaliya mwene Ahikamu, Ahikamu wa Shafani, bo n’ūvugishwa n’Imana Yeremiya, na Baruki mwene Neriya; 7 baja mu gihugu ca Egiputa, kuko batumviye Uhoraho: nuko bashika i Tahapanesi. Yeremiya avugishwa ingene Nebukadineza azotsinda Egiputa 8 Maz’ ijambo ry’Uhoraho riza kuri Yeremiya i Tahapanesi, 9 rit’ Abīra amabuye manini, uyahishe mw ivu musi y’amatafari ari mw ishikiro ry’irebe ry’ingoro ya Farawo i Tahapanesi, abagabo b’ Abayuda barorēra; 10 ubabarire, ut’ Uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ni we Mana y’Abisirayeli, ngw Eh’ azotuma kuzana Nebukadineza umwami w’i Babuloni umusavyi wiwe, na we azotereka intebe yiwe y’ubgami kur’ aya mabuye mpishije; kand’ azoshinga ihema ryiwe ry’ubgami kuri yo. 11 Kand’ azoza atere igihugu ca Egiputa; abagerewe kwicwa bazoja kwicwa, abagerewe umugozi bazoja mu mugozi, abagerewe inkota bazoja ku nkota. 12 Kand’ azokwanda umuriro amazu y’ibigirwamana vy’Abanyegiputa; azoyaturira, abijane kw inyagano: kand’ azokwirenza igihugu ca Egiputa nk’uk’ umwungere yirenza umutamana wiwe; kand’ azovayo ar’ amahoro. 13 Kand’ azohomvagura inkingi ziri mu rusengero rw’izuba, ruri mu gihugu ca Egiputa; kand’ amazu y’ibigirwamana vy’Abanyegiputa azoyatongoza umuriro. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi