Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -

Yeremiya 43 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Bajana Yeremiya muri Egiputa

1 Maze Yeremiya ahejeje kubarira abantu bose amajambo yose y’Uhoraho Imana yabo, ayo Uhoraho Imana yabo yamubatumyeko, ni yo ya majambo yose,

2 Azariya mwene Hoshaya, na Yohanani mwene Kareya, n’abagabo b’abibone bose, babarira Yeremiya, bat’ Uvuze ibinyoma: Uhoraho Imana yacu ntiyagutumye kuvuga, ngo Ntituje muri Egiputa kubayo;

3 ariko Baruki mwene Neriya ni we akuduteranijeko, kugira ngo dutangwe mu maboko y’Abakaludaya, ngo batwice, canke batujane i Babuloni tur’ inyagano.

4 Nuko Yohanani mwene Kareya n’abagabisha b’ ingabo bose, n’abantu bose, ntibumvira Uhoraho, ngo babe mu gihugu c’i Buyuda.

5 Ariko Yohanani mwene Kareya n’abagabisha b’ingabo bose, bajana amasigarira yose y’Abayuda, abāri bagarutse kuba mu gihugu c’i Buyuda bavuye mu mahanga yose aho bāri barirukaniwe;

6 abagabo n’abagore n’abana, n’abakobga b’ umwami, n’umuntu wese Nebuzaradani umukuru w’abashibamyi yari yararagije Gedaliya mwene Ahikamu, Ahikamu wa Shafani, bo n’ūvugishwa n’Imana Yeremiya, na Baruki mwene Neriya;

7 baja mu gihugu ca Egiputa, kuko batumviye Uhoraho: nuko bashika i Tahapanesi.


Yeremiya avugishwa ingene Nebukadineza azotsinda Egiputa

8 Maz’ ijambo ry’Uhoraho riza kuri Yeremiya i Tahapanesi,

9 rit’ Abīra amabuye manini, uyahishe mw ivu musi y’amatafari ari mw ishikiro ry’irebe ry’ingoro ya Farawo i Tahapanesi, abagabo b’ Abayuda barorēra;

10 ubabarire, ut’ Uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ni we Mana y’Abisirayeli, ngw Eh’ azotuma kuzana Nebukadineza umwami w’i Babuloni umusavyi wiwe, na we azotereka intebe yiwe y’ubgami kur’ aya mabuye mpishije; kand’ azoshinga ihema ryiwe ry’ubgami kuri yo.

11 Kand’ azoza atere igihugu ca Egiputa; abagerewe kwicwa bazoja kwicwa, abagerewe umugozi bazoja mu mugozi, abagerewe inkota bazoja ku nkota.

12 Kand’ azokwanda umuriro amazu y’ibigirwamana vy’Abanyegiputa; azoyaturira, abijane kw inyagano: kand’ azokwirenza igihugu ca Egiputa nk’uk’ umwungere yirenza umutamana wiwe; kand’ azovayo ar’ amahoro.

13 Kand’ azohomvagura inkingi ziri mu rusengero rw’izuba, ruri mu gihugu ca Egiputa; kand’ amazu y’ibigirwamana vy’Abanyegiputa azoyatongoza umuriro.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:



ကြော်ငြာတွေ