Yeremiya 42 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Yeremiya atumwa n’Imana kubabuza guhungira muri Egiputa 1 Maz’ abagabisha b’ingabo bose, na Yohanani mwene Kareya, na Yezaniya mwene Hoshaya, n’abantu bose uhereye ku boroshe ugashitsa ku bahambaye, 2 bēgēra uwavugishwa n’Imana Yeremiya, bati Turakwinginze, emera ico tugusaba, udusengere k’Uhoraho Imana yawe, twebge aya masigarira twese; kuko dusigaye turi bake twahora turi benshi, nk’uko nawe utwibonera: 3 kugira ng’ Uhoraho Imana yawe atwereke uko dukwiye kugenza n’ico dukwiye gukora. 4 Nuk’ uwavugishwa n’Imana Yeremiya arabishura, at’ Ego ndumvise; ngiye kubasengera k’Uhoraho Imana yanyu nk’uko muvuze: maz’ ico Uhoraho azonyishura cose nzokibabarira; sinzogira ico mbahisha. 5 Bishura Yeremiya, bat’ Uhoraho n’atubere icabona c’ ukuri c’ukwizigirwa, ni tutākora nk’ukw ijambo ryose rimeze, iryo Uhoraho Imana yawe azokudutumako. 6 Ar’ ivyiza ar’ ibibi, ntituzobura kwumvira Uhoraho Imana yacu, uwo tugutumyeko; kugira ngo tuze tubone kuroranirwa ni twumvira Uhoraho Imana yacu. 7 Nukw imisi cumi ihise, ijambo ry’Uhoraho riza kuri Yeremiya. 8 Ahamagara Yohanani mwene Kareya, n’abagabisha b’ingabo bose bāri kumwe na we, n’abantu bose uhereye ku boroshe ugashitsa ku bahambaye, 9 arababarira, at’ Uku ni k’Uhoraho agize, ni we Mana y’Abisirayeli, uwo mwantumyeko kumushikiriza ivyo mwasavye: 10 ati Ni mwakomeza kuguma mur’ iki gihugu, azobubaka, ntazobasambura; azobatēragira, ntazobarandura: ngo Kuko yigaruye mu vyago yabateje. 11 Ngo Reka gutinya umwami w’i Babuloni, uwo mutinya uwo; ntimumutinye, ni k’Uhoraho agize; ngo Kukw ari kumwe namwe ngw abakize, abarokore abakūre mu kuboko kwiwe. 12 Ngw Azobaha kumutera akagongwe, kugira ngw abagirire imbabazi, abasubize mu gihugu canyu bgite. 13 Ngw Ariko ni mwavuga, muti Ntitukigomba kuba mur’ iki gihugu; bigatuma mutamwumvira, ari we Uhoraho Imana yanyu, 14 mukavuga, mut’ Oya, ariko tugomba kuja mu gihugu ca Egiputa, aho tutazobona intambara, canke ngo twumve ijwi ry’inzamba, canke ngo tubure indya; abe ari ho tuba: 15 none rero gira mwumve ijambo ry’Uhoraho, mwebge amasigarira y’i Buyuda: uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ni we Mana y’Abisirayeli, ati Ni mwerekeza amaso rwose muri Egiputa, ngw abe ari yo muja kuba; 16 nukw inkota mutinya izobahamvyayo, mu gihugu ca Egiputa, n’inzara mutinya izobakurikirana no muri Egiputa; kandi ni yo muzogwa. 17 Ni ko bizomerera abantu bose berekeza amaso kuja muri Egiputa ngo babeyo; bazokwicwa n’inkota n’inzara n’ikīza; ngo Kandi nta n’umwe muri bo azosigara canke ngo yikize ivyago azobatēza. 18 Kuk’ ukw ari k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ni we Mana y’Abisirayeli, ngo Nk’uk’ uburake bgiwe n’ubushangashirwe bgiwe vyasutswe ku baba i Yerusalemu, ni k’ubushangashirwe bgiwe buzosukwa kuri mwebge ni mwaja muri Egiputa; ngo Muzoba igitutsi n’ akajoreza n’ikivume n’iciro ry’ imigani: ngo Kandi ntimuzosubira kubona aha hantu. 19 Uhoraho yavuze kuri mwebge, mwa masigarira y’i Buyuda, ngo Ntimukaje muri Egiputa: mumenye mudakekeranya yuko mbibashingiye intahe uyu musi. 20 Erega mwāhenze imitima yanyu ubganyu, kuko mwantumye k’Uhoraho Imana yanyu, ngo Ni mbasengere k’Uhoraho Imana yanyu, ngw Ivyo Uhoraho Imana yanyu azovuga vyose ngo Ndabibabarire, ngo Namwe muzobikora: 21 non’ uyu musi ndabibabariye, ariko mwebge ntimwumviye Uhoraho Imana yanyu mu kintu na kimwe mu vyo yabantumyeko. 22 None rero ni mumenye mudakekeranya yuko muzokwicirwa n’inkota n’ inzara n’ikīza, aho hantu aho mwifuza kuja kuba. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi