Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -

Yeremiya 40 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Yeremiya amaze kurekurwa aja kubana na Gedaliya

1 Ijambo ryaje kuri Yeremiya rivuye k’Uhoraho, Nebuzaradani umukuru w’abashibamyi amaze kumubohorera i Rama, iyo yari yaramujanye ari mu munyororo, hamwe n’imbohe zose zavuye i Yerusalemu, izo bājana i Babuloni ar’ inyagano.

2 Nuk’ uwo mukuru w’abashibamyi akūramwo Yeremiya, aramubarira, at’ Uhoraho Imana yawe yari yarageneye ivyago aha hantu:

3 kand’ Uhoraho arabishikanye, agize nk’ uko yavuze; ko mwacumuye k’ Uhoraho, ntimumwumvire, ivyo ni vyo vyatumye ivyo bibashikako.

4 Kandi non’ uyu musi ndakubohoye iminyororo iri ku maboko yawe. Ni washima kujana nanje i Babuloni, n’uze, nanje nzokugirira neza; ariko n’udashima kujana nanje i Babuloni, usigeho: eh’ igihugu cose kir’ imbere yawe; aho wumva ushima ko hakubereye kujayo, abe ari ho uja.

5 Agitebaganye kumwishura, aramubgira, ati Subirayo, uje kuri Gedaliya mwene Ahikamu, Ahikamu wa Shafani, umwe umwami w’i Babuloni yashizeho kuganza ibisagara vy’i Buyuda, wibanire na we hagati mu bandi bantu: cank’ aho wumva ko hakubereye kugenda hose, abe ari ho uja. Nuko wa mukuru w’abashibamyi amuha impamba n’ingabire, aramurekura.

6 Nuko Yeremiya aja kuri Gedaliya mwene Ahikamu i Mizipa, yibanira na we hagati mu bandi bantu bari barasigaye mu gihugu.

7 Nukw abagabisha bose b’ingabo bari bakwiragiye mu misozi, bo n’ingabo zabo, bumvise yuk’ umwami w’i Babuloni yashizeho Gedaliya mwene Ahikamu kuganza igihugu, kandi ko yamuragije abagabo n’abagore n’abana, n’abo muri ba nyarucari batambukanywe kw inyagano i Babuloni;

8 baza kuri Gedaliya i Mizipa. Ni bo aba: Ishimayeli mwene Netaniya, na Yohanani na Yonatani bene Kareya, na Seraya mwene Tanehumeti, na bene Efayi w’i Netofati, na Yezaniya umwana w’Umunyamayakati, bo n’ingabo zabo.

9 Maze Gedaliya mwene Ahikamu, Ahikamu wa Shafani, ababarira abarahira, bo n’ingabo zabo, ati Ntimutinye gusaba Abakaludaya: mwibere mu gihugu, musabe umwami w’i Babuloni, kandi bizobaroranira.

10 Nanje rāba ngerereye i Mizipa, kugira ngo nshikirweko n’Abakaludaya mu vyo bazombarira vyose, ni baza ino: ariko mweho, mwamure inzabibu za vino n’ivyo ibiti vyama na elayo z’amavuta, mubishire mu mibindi yanyu, mwibere mu bisagara vyanyu mwegukiye.

11 N’ Abayuda bose n’uko, abār’ i Mowabu no mu Bamoni no muri Edomu, n’abāri mu bihugu vyose, bumvise yuk’ umwami w’i Babuloni yaretse amasigarira yo mu Bayuda, kandi ko yashizeho Gedaliya mwene Ahikamu, Ahikamu wa Shafani, kubaganza,

12 nukw Abayuda bose baragaruka, bavuye ahantu hose aho bari barirukaniwe, bashika mu gihugu c’i Buyuda, baza kuri Gedaliya i Mizipa, bamura inzabibu za vino n’ivyo ibiti vyama vyinshi cane.

13 Maze Yohanani mwene Kareya, n’abagabisha bose b’ingabo bāri bakwiragiye mu misozi, baza kuri Gedaliya i Mizipa,

14 baramubgira, bati Mbeg’ urazi yuko Bayalisi umwami w’Abamoni yatumye Ishimayeli mwene Netaniya kukwica? Ariko Gedaliya mwene Ahikamu ntiyavyemera.

15 Maze Yohanani mwene Kareya abaririra Gedaliya mu mpisho i Mizipa, ati Ndekura ndakwinginze, nje kwica Ishimayeli mwene Netaniya; nta muntu azobimenya: mbega yokwicira iki, Abayuda bose batororokaniye kuri wewe bagasubira gusanzara, amasigarira y’i Buyuda agahona?

16 Ariko Gedaliya mwene Ahikamu abarira Yohanani mwene Kareya, ati Ntuz’ ukore ikintu kimeze girtyo: kuk’ ubeshera Ishimayeli.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:



ကြော်ငြာတွေ