Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -

Yeremiya 38 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Ebedumeleki akūra Yeremiya mu cobo

1 Shefatiya mwene Matani, na Gedaliya mwene Pashuri, na Yukali mwene Shelemiya, na Pashuri mwene Malakiya, bumva amajambo Yeremiya abarira abantu bose,

2 ng’ Uku ni k’Uhoraho agize, at’ Ūguma mur’ iki gisagara azokwicwa n’inkota n’inzara n’ ikīza: arik’ ūsokoroka muri co, akaja ku Bakaludaya, azobaho, kand’ azoba akijije amagara yiwe, abeho.

3 At’ Uku ni k’Uhoraho agize, at’ Iki gisagara ntikizobura gutangwa mu maboko y’ ingabo z’umwami w’i Babuloni, na we azogitsinda.

4 Maz’ abaganwa babgira umwami, bat’ Uyu muntu akwiye gupfa: kukw adendebura amaboko y’abahizi bagisigaye mur’ iki gisagara n’ay’ abantu bose, ababarira amajambo asa artyo: kuk’ uyu mugabo atifuriza amahoro ubu bgoko, atar’ ivyago.

5 Nuk’ umwami Zedekiya at’ Eh’ ari mu maboko yanyu: kuko jewe umwami ntoshobora gukora ikintu na kimwe co kubabuza.

6 Maze bafata Yeremiya, bamushira mu cobo cimbiwe kubīka amazi ca Malakiya umwana w’ umwami, cari mu rugo rw’ibohero: bamwururukirizayo n’imigozi. Mur’ ico cobo nta mazi yarimwo, atar’ ikivurugu c’ivyondo: kandi Yeremiya adibira muri nya vyondo.

7 Maze Ebedumeleki, Umunyetiyopiya w’inkone, yasukūra mu ngoro y’ umwami, yumva ko bashize Yeremiya mur’ ico cobo; ico gihe umwami yar’ avyagiye ku kirimba citwa ica Benyamini.

8 Ebedumeleki asohoka mu ngoro i bgami, abarira umwami,

9 ati Mwami wanje nyen’ ingoma, abo bantu bakoze nabi muri vyose bagiriye Yeremiya umuvugishwa, uwo batereye mu cobo; kand’ ari mu gupfira aho hantu ari, kubg’ inzara; kukw ata mutsima ugisigaye mu gisagara.

10 Maz’ umwami abarira Ebedumeleki Umunyetiyopiya, ati Kūra hano abagabo mirongwitatu, ubajane, ukūre uwo muvugishwa Yeremiya mur’ ico cobo, ntagweyo.

11 Nuko Ebedumeleki ajana abo bagabo, yinjira mu ngoro y’umwami, aja musi y’ubushinguro, akūray’ impuzu z’imikūra n’ibishambara, abirungikisha imigozi mu cobo abiha Yeremiya.

12 Maze Ebedumeleki Umunyetiyopiya abarira Yeremiya, at’ Enda shira izo mpuzu z’imikūra n’ibishambara mu maha imbere y’imigozi. Yeremiya agira kuno.

13 Nuko bakwegesha Yeremiya imigozi, bamukūra mur’ ico cobo; Yeremiya aguma mu rugo rw’ibohero.

14 Maz’ umwami Zedekiya aratuma, bamuzanira Yeremiya umuvugishwa, bamumusanza imbere mw irebe rya gatatu ryo mu ngoro y’ Uhoraho: maz’ umwami abarira Yeremiya, ati Har’ ico nkubaza: ntugire ico umpisha.

15 Maze Yeremiya abarira Zedekiya, ati Ni nakikubarira, wobura kunyica? Kandi ni nakugīra inama, na ho nyene ntiwonyumva.

16 Nuk’ umwami Zedekiya arahirira Yeremiya mu mpisho, ati Nk’uk’ Uhoraho ahoraho, ari we yandemeye uyu mutima, sinkwica, kandi singutanga mu maboko y’abo bantu barondera kukwica.

17 Maze Yeremiya abarira Zedekiya, at’ Uku ni k’Uhoraho agize, ni we Mana Nyen’ ingabo, Imana y’Abisirayeli, ati Ni wagenda ukīsaba abaganwa b’umwami w’i Babuloni, uzokwikiza, kand’ iki gisagara ntikizotongozwa umuriro; nawe uzobona kubaho, n’abo mu nzu yawe.

18 Ariko n’utemera kwīsaba abaganwa b’umwami w’i Babuloni, iki gisagara kizotangwa mu maboko y’Abakaludaya, kandi bazogitongoza umuriro, nawe ntuzokwikiza ng’ uve mu maboko yabo.

19 Maz’ umwami Zedekiya yishura Yeremiya, ati Ntinya Abayuda bāmaze kwisaba Abakaludaya, kuko bobampa bakanshinyagurira.

20 Yeremiya aramwishura, ati Ntibazobaguha. Ndakwinginze, wumvire Uhoraho mur’ ivyo nkubariye: ni ho uzomererwa neza, ukikiza.

21 Ariko ni wanka kugenda, iri ni ryo jambo Uhoraho yanyeretse:

22 ati Rāba abagore bose basigaye mu rugo rw’umwami w’i Buyuda, bazokūrwayo bahabge abaganwa b’umwami w’i Babuloni, kand’ abo bagore bazovuga, bat’ Abakunzi bawe pfampfe bāraguhenze, uja na rwo: arikw ibirenge vyawe bimaze gushaya mu kivurugu c’ivyondo, barakimirana.

23 Kandi bazosohora abamikazi bawe bose n’abana bawe babahe Abakaludaya: nawe ntuzokwikiza ng’ uve mu maboko yabo, arik’ uzofatwa n’ukuboko kw’umwami w’i Babuloni: kandi ni wewe uzoba uzaniye iki gisagara gutongozwa umuriro.

24 Maze Zedekiya abarira Yeremiya, ati Ntihakagire umuntu agira ico amenya kur’ ayo majambo; ni ho utopfa.

25 Arikw abaganwa ni baramuka bumvise ko twavuganye, bakaza bakakubarira, bati Twīgānire ivyo wabariye umwami, ntuduhishe, natwe ntitukwica, bati Tubgire n’ivyo umwami yakwishuye:

26 uz’ ubabgire, uti Nari kwinginga umwami ngo yoye kunsubiza mu nzu kwa Yonatani, ngo ngweyo.

27 Maz’ abaganwa bose baza kuri Yeremiya, barabimubaza: na we abishura amajambo yose nk’uk’ umwami yamubariye. Baca baramureka, barīgīra, kukw ayo majambo yabaye akabanga.

28 Nuko Yeremiya aba mu rugo rw’ibohero, gushitsa umusi Yerusalemu hatsinzwe.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:



ကြော်ငြာတွေ