Yeremiya 33 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Amahoro azosubira kuba i Yerusalemu bakūwe i Babuloni 1 Ijambo ry’Uhoraho ryongera kuza kuri Yeremiya ubugira kabiri, acugaraniwe mu rugo rw’ibohero, 2 rit’ Uhoraho abikora, Uhoraho abirema akabikomeza, Uhoraho ni ryo zina ryiwe, uku ni kw agize, 3 ati Mpamagara, nanje ndakwitaba, nkwereke ibihambaye n’ivyikinze, ivy’ utaribgamenye. 4 Kuk’ ukw ari ko mvuze, jewe Uhoraho, Imana y’Abisirayeli, ku vy’amazu yo mur’ iki gisagara, no ku vy’ingoro z’umwami w’i Buyuda, vyasambuwe ngo bavyubakishe aho kwikingiriza ngo barwanye abitwaje inkota būrira ku birundo kubatera, 5 ni bo Bakaludaya bazokwuzuza ayo mazu imivyimba y’abantu nicishije uburake bganje n’ubushangashirwe bganje, kuko bātumye mpisha mu nyonga hanje iki gisagara kubg’ ivyaha vyabo vyose; 6 nti Rāba nzohazanira gukira no kuvūrwa, kandi nzobavūra; nzobahishurira amahoro bo n’ukuri vy’isinzi. 7 Kandi nzotuma Abayuda n’Abisirayeli bahindukira bave mu kinyago, nzosubira mbubake nk’uko vyari bir’ ubga mbere. 8 Nzobōza ibigabitanyo vyabo vyose, ivyo bangabitanijeko; nzobaharira ibigabitanyo vyabo vyose bangabitanijeko n’ivyo bancumuyeko. 9 Kand’ iki gisagara kizombera izina ry’umunezero, kimbere n’ishimwe n’icubahiro imbere y’amahanga yose yo mw isi, abazokwumva ivyiza vyose nabakoreye; bazotinya bahinde agashitsi kubg’ ivyiza vyose n’ amahoro yose ndahahaye. 10 Uku ni ko mvuze, jewe Uhoraho, nt’ Aha hantu aho muririra, ngo Harakomvomvowe, ata muntu agisigayeho cank’ igitungwa, ngo No mu bisagara vy’i Buyuda n’ uko, no mu miharuro y’i Yerusalemu, ngo Hasigaye ar’ imisaka, ata n’umuntu ata n’ūkihaba ata n’igitungwa; 11 aha hantu nyene hazosubira kwumvikana ijwi ry’umunezero n’iryo guhimbarwa, n’ijwi ry’umukwe n’iry’ umugeni, n’ijwi ry’abavuga, bati Ni mushime Uhoraho Nyen’ ingabo, kuk’ Uhoraho ari mwiza, kukw imbabazi ziwe zamaho ibihe bidashira; n’iry’ abazanye ibimazi vy’ishimwe mu ngoro yanje Uhoraho. Kuko nzotuma iki gihugu kiva mu kinyago, kikamera nk’ ubga mbere, ni jewe Uhoraho mbivuze. 12 Kand’ uku ni ko mvuze, jewe Uhoraho Nyen’ ingabo, nt’ Aha hantu hakomvomvowe ata muntu agisigayeho cank’ igitungwa, no mu bisagara vyaho vyose ar’ uko, hazosubira kuboneka amarāro y’abungere bavyagiza imikuku yabo. 13 Imikuku izosubira gutaha itonze imirongo mu bisagara vyo mu mugamba waho, no mu bisagara vyo mu bihugu biciye bugufi, no mu bisagara vy’i bumanuko, no mu gihugu ca Benyamini n’ahantu hahereranye n’i Yerusalemu, no mu bisagara vy’i Buyuda, bayiharūre, ni jewe Uhoraho mbivuze. 14 Eh’ imisi izoza, ni jewe Uhoraho mbivuze, nzoshitsa rya jambo ryiza navuze ku nzu ya Isirayeli no ku nzu ya Yuda. 15 Mur’ iyo misi no mur’ ico gihe nzoshamikisha kuri Dawidi uwitwa Shami w’umugororotsi; azoca iziroranye n’izigororotse mu gihugu. 16 Mur’ iyo misi Abayuda bazokira, i Yerusalemu hazoba amahoro: kand’ iri ni ryo zina hazokwitwa, ng’ Uhoraho ni we kugororoka kwacu. 17 Kuk’ ukw ari ko mvuze, jewe Uhoraho, nti Dawidi ntazokwigera abura uwo kuzokwama ku ngoma yiwe, aganza ab’ inzu ya Isirayeli. 18 N’abaherezi b’Abalewi n’uko, ntibazokwigera babura uwo kuzokwama ahagarara imbere yanje ngw atange ibimazi avyose, ngo yose n’ibishikanywe, no kwama akerera ibimazi. 19 Maz’ ijambo ry’Uhoraho riza kuri Yeremiya, 20 rit’ Uku ni k’Uhoraho agize, ati Namba mwoshobora guhindura isezerano ryanje ryashinze umurango k’ubaho, n’isezerano ryanje ryashinze ijoro ko ribaho, ng’ umurango n’ijoro ntibikūranwe mu bihe vyavyo; 21 ni ho n’isezerano ryanje nasezeranye na Dawidi umusavyi wanje ryohindurwa, akabura umwana wo kumusubirira ku ngoma; bo n’iryo nasezeranye n’ Abalewi, abaherezi banje bankorera. 22 Nk’ukw ingabo zose z’inyenyeri zo kw ijuru zitoharūrika, n’umusenyi wo ku kiyaga utogereka, ni ko nzogwiza uruvyaro rwa Dawidi umusavyi wanje, n’urw’ Abalewi bankorera. 23 Ijambo ry’Uhoraho riza kuri Yeremiya, 24 riti Mbega ntiwiyumviriye ivyo aba bantu bavuga, ngw Imiryango yompi Uhoraho yatoranije yayicīye? Uko ni ko bakēngēra abantu banje, kuko bagira ngo ntibakir’ ihanga. 25 Uku ni ko mvuze, jewe Uhoraho, nti Namb’ isezerano ryanje ryāshinze umurango n’ijoro ritāhamye, namba ntāshinze ivyagezwe vy’ijuru n’isi, 26 nuko rero nzoca n’uruvyaro rwa Yakobo, n’urwa Dawidi umusavyi wanje, ngo noye gutora mu ruvyaro rwiwe abo kuganza uruvyaro rwa Aburahamu na Isaka na Yakobo; kuko nzotuma bahindukira bakava mu kinyago, kandi nzobagirira imbabazi. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi