Yeremiya 26 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Bahakwa kwica Yeremiya bamuhōra ivyo yavugishwa 1 Mu matangura yo kuba ku ngoma kwa Yehoyakimu mwene Yosiya umwami w’Abayuda, haza iri jambo rivuye k’ Uhoraho, 2 rit’ Uku ni k’Uhoraho agize, ati Hagarara mu nyubakwa y’ingoro yanje Uhoraho, ubarire ab’ibisagara vyose vy’i Buyuda baza gusenga mu ngoro yanje, amajambo yose nkubarira yo kubabgira: ntusige na rimwe. 3 Kumbure bohava bumva, umuntu wese agahindukira akareka inzira yiwe mbi, ngo nanje mbone kwigarura, ndeke ibibi mmaramaje kubakorera kubg’ ibibi vy’ibikorwa vyabo. 4 Kand’ ubabarire, ut’ Uku ni k’Uhoraho agize, ati Ni mwanka kumutega amatwi, ngo mugendere mu vyagezwe vyiwe yabashize imbere, 5 ngo mwumvire amajambo y’ abasavyi biwe avugisha, abo abatumako, mber’ akāma azindurwa no kubatuma, mukanka kubumvira, 6 ngo Ni ho azohindura iyi ngoro kuba nk’i Shilo, kandi n’iki gisagara ngw Azogihindura ikivume ku mahanga yose yo mw isi. 7 Maz’ abaherezi na ba kamenyi n’ abantu bose bumva Yeremiya avugira ayo majambo yose mu ngoro y’Uhoraho. 8 Nuko Yeremiya aheraheje kuvuga vyose Uhoraho yamugeze kubarira abantu bose, abaherezi n’abo ba kamenyi n’ abantu bose baramufata, bati Ntugenda udapfuye. 9 N’iki kikuvugisha mw izina ry’Uhoraho ngw Iyi ngoro izomera nk’i Shilo, ngo N’iki gisagara kizoba amatongo, ata wukikibamwo? Nukw abantu bose bakoranira kuri Yeremiya mu ngoro y’Uhoraho. 10 Maz’ abaganwa b’i Buyuda bumvise ivyo, baradūga bavuye mu ngoro i bgami, baja ku ngoro y’ Uhoraho; bicara mw ishikiro ku kirimba gisha c’urugo rw’ Uhoraho. 11 Maz’ abaherezi na ba kamenyi babarira abaganwa n’abantu bose, bat’ Uyu muntu akwiye gupfa; kukw ataze ibibi kur’ iki gisagara, nk’uko mwiyumviye n’amatwi yanyu. 12 Maze Yeremiya abarira abaganwa bose n’abantu bose, at’ Uhoraho ni we yantumye kubūrira kur’ iyi ngoro no kur’ iki gisagara amajambo yose mwumvise. 13 None rero mutunganye ingeso zanyu n’ibikorwa vyanyu, mwumvire Uhoraho Imana yanyu; maz’ Uhoraho azokwigarura areke ibibi yar’ abageneye. 14 Ariko jeho ndi mu maboko yanyu: mungire nk’uko mubona ko bikwiye kandi bibereye mu maso yanyu. 15 Kimwe gusa, mumenye rwose ni mwanyica, ko muzoba mwizanyekw amaraso y’ ūtācumye, azoba kuri mwebge ubganyu no kur’ iki gisagara no ku bakibamwo: kuko vy’ukuri Uhoraho ni we yabantumyeko kuvugira ayo majambo yose mu matwi yanyu. 16 Maz’ abaganwa n’abantu bose babarira abaherezi n’abo ba kamenyi, bat’ Uyu muntu ntakwiye gupfa, kukw atubariye mw izina ry’Uhoraho Imana yacu. 17 Maze hava hasi bamwe bo mu bashingantahe b’igihugu, babarira ikoraniro ryose ry’abantu, 18 bati Mika w’i Moresheti yavugishwa n’Imana ku ngoma ya Hezekiya umwami w’i Buyuda; kandi yabariye abantu bose b’i Buyuda, at’ Uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ati Siyoni hazosīzwa hahinduke nk’ubusīze, Yerusalemu hazohinduka ibirundo vy’ amasakamburira, n’umurwa wubatswekw iyi ngoro uzohinduka nk’ikibira kiri ku mpinga z’imisozi. 19 Mbega Hezekiya umwami w’i Buyuda n’Abayuda bose mugira ngo bāramwishe? Hezekiya ntiyaciye atinya Uhoraho, akamukomera ibobo, Uhoraho na we akīgarura akareka ivyago yari yabageneye? Twogira ico tumugira twoba dukwegeye ubugingo bgacu ivyago bihambaye. 20 Kandi hāri n’uwundi yavugishwa mw izina ry’Uhoraho, ni Uriya mwene Shemaya w’i Kiriyati‐yeyarimu; uyo yavugishijwe n’ Imana ku bizoba kur’ iki gisagara no kur’ iki gihugu bihwanye n’amajambo yose ya Yeremiya. 21 Maz’ umwami Yehoyakimu n’intōre ziwe zose n’abaganwa bose, bumvise amajambo yiwe, umwami ashaka kumwica; ariko Uriya avyumvise, agira ubgoba, arahunga, aja muri Egiputa; 22 nuk’ umwami Yehoyakimu atuma abantu muri Egiputa, ni bo Elunatani mwene Akabori n’abandi bagabo bamwe bajanye na we muri Egiputa; 23 bakwega Uriya bamukūra muri Egiputa, bamuzanira umwami Yehoyakimu: amwicisha inkota, ashiburira umuvyimba wiwe mu mva z’ abantu ba nyarucari. 24 Ariko Ahikamu mwene Shafani atabara Yeremiya, ngo ntātabge mu maboko y’abantu ngo bamwice. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi