Yeremiya 22 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Yeremiya abūrira abami b’i Buyuda 1 Uku ni k’Uhoraho agize, ati Manuka uje ku ngoro y’ umwami w’i Buyuda, uhavugire iri jambo, 2 uti Ni wumve ijambo ry’ Uhoraho, yewe mwami w’i Buyuda, uri ku ngoma ya Dawidi, wewe n’abasavyi bawe, n’abaca mur’ aya marembo. 3 Uku ni k’Uhoraho agize, ati Ni muce imanza ziroranye n’izigororotse, mukize ūnyazwe, mumukūre mu kuboko kw’ ūmuhahaza; ntimugirire nabi canke ngo muhahaze ingenzi n’ impfuvyi n’umupfakazi, canke ngo muvishirize aha hantu amaraso y’ abatācumuye. 4 Kuko ni mwagenza murtyo koko, ni ho mu birimba vy’iki gisagara hazoca abami uko bakūranwa ku ngoma ya Dawidi, bagendera mu mikogote no ku mafarasi, umwami wese n’ abasavyi biwe n’abantu biwe. 5 Ariko ni mwanka kwumva ayo majambo, iyi ngoro izocika umusaka, ndirahiye ubganje, ni jewe Uhoraho mbivuze. 6 Kuk’ ukw ari k’Uhoraho agize, ku vy’ingoro y’umwami w’i Buyuda, ati War’ umbereye nka Gileyadi, canke nk’ agatwe ka Lebanoni: n’ukuri nzoguhindura ubugaragwa, ube nk’ ibisagara bitakirimw’ umuntu. 7 Kandi nzogutegurira abo kugusangangura, umuntu wese muri bo afise ibirwanishwa; bazohimbagura inkingi zawe z’amasederi meza, baziterere mu muriro. 8 Kand’ amahanga menshi azoca i ruhande y’iki gisagara, bazobazanya, bati N’iki catumye Uhoraho agirira artyo iki gisagara gihambaye? 9 Maze bazobishura, bati Ni kuko bātaye isezerano bāsezeranye n’Uhoraho Imana yabo, bagasenga izindi mana bakazisaba. 10 Ntimukaririre uwamaze gupfa, canke ngo mumuborogere: ariko muririre uwagiye mazimayongo, kukw atazoba akigaruka ukundi, canke ngw asubire kubona igihugu yavukiyemwo. 11 Kuko ku vya Shalumu mwene Yosiya umwami w’i Buyuda, yasubiye ku ngoma ya se Yosiya, yavuye aha hantu akagenda mazimayongo: ntazosubira kugaruka ino ukundi, ni jewe Uhoraho mbivuze; 12 arikw iyo bāmushorereye ar’ inyagano ni yo azogwa, kandi ntazosubira kubona iki gihugu ukundi. 13 Azobona ibara uwubakisha inzu yiwe mu biva mu kugabitanya, akayitegurisha ibigungano; agakoresha mugenzi we ku kagōbēro, ntamuhe ingero yiwe; 14 akavuga, ati Hinge niyubakire inzu nini n’ivyumba vyagutse, akayicamw’ amadirisha; akayishiramw’ insenge z’amasederi, akazisīga irangi ritukura. 15 Mbeg’ ubeshejwe ku ngoma n’uk’ urushije abandi kwubakisha amasederi? Mbega so ntiyabonye gufungura no kwuhira? Yamara we yaciye iziroranye n’izibereye; maze yibereye amahoro. 16 Yaciriye urubanza umworo n’umukene; maze hakaba amahoro. Mbeg’ ivyo si kwo kummenya kw’ukuri? ni jewe Uhoraho mbibajije. 17 Ariko weho amaso yawe n’umutima wawe nta handi bitumbereye atar’ ukwifuza inyungu mbi, no kuvisha amaraso y’abatācumuye, no guhahaza, n’umuryano. 18 None rero, uku ni k’Uhoraho agize ku vya Yehoyakimu mwene Yosiya umwami w’i Buyuda, ati Ntibazomuborogera, bat’ Ewe musazanje! Ewe mwana wa mama! Ntibazomuborogera, bat’ Ewe mwami wanje! Ewe cubahiro ciwe! 19 Azotabga nk’uko bata indogoba, bamukweze bamushiburiye inyuma y’ibirimba vy’i Yerusalemu. 20 Dūga i Lebanoni, utake; shira ijwi hejuru ur’ i Bashani; taka uhagaze ahitwa Abarimu; kukw abūzure bawe bose bageseye. 21 Navuganye nawe igihe war’ umerewe neza, arik’ uravuga, uti Sinduha ndavyumva. Iyo ni yo ngeso yawe uhereye mu buto bgawe, yo kutanyumvira. 22 Umuyaga ni wo uzoragira abungere bākuragira bose, kand’ abūzure bawe bazoja mu mugozi: bibaye birtyo ntuzobura gutētērwa no kumāramāra kubg’ ibibi vyawe vyose. 23 Ewe uba kuri Lebanoni, ukārika icāri cawe mu masederi, es’ ukuntu uzoba uteye akagongwe igihe ibise bizoba bigufashe, nk’umubabaro w’umugore aramutswe! 24 Ndahiye ukubaho kwanje, ni jewe Uhoraho mbivuze, yuko naho wewe Koniya mwene Yehoyakimu umwami w’i Buyuda woba impeta y’ikimenyetso ku kuboko kwanje kw’i buryo, na ho nyene nogushikura nkagukūraho; 25 kandi nzokugabura mu maboko y’abarondera kukwica, no mu maboko y’abo utinya, mbere no mu kuboko kwa Nebukadineza umwami w’i Babuloni, no mu maboko y’Abakaludaya. 26 Kandi nzogushiburana na nyoko yakuvyaye, mbashiburire mu kindi gihugu, aho mutāvukiye; aho ni ho muzogwa. 27 Arikw igihugu imitima yabo yifuza kugarukamwo, ntibazokigarukamwo na mba. 28 Mbeg’ uyu Koniya n’urwavya rukēngērwa rusāvye? N’urwavya rudahimbaye? N’iki catumye bashiburwa, bashiburirwa mu gihugu batazi? 29 Ewe wa gihugu we, wa gihugu we, wa gihugu we, ni wumve ijambo ry’Uhoraho! 30 Uku ni k’Uhoraho agize, ati Ni mwandike uyu muntu kw abaye incike, umuntu atazopfa aroraniwe: kukw ata wo mu ruvyaro rwiwe azororanirwa, ngw asubire ku ngoma ya Dawidi, canke ngw az’ asubire kuganza i Buyuda. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi