Yeremiya 21 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Ivyago bizoba kuri Zedekiya n’i Yerusalemu 1 Ijambo ryaje kuri Yeremiya rivuye k’Uhoraho, igihe umwami Zedekiya yamutumako Pashuri mwene Malakiya na Zefaniya mwene Mayaseya umuherezi, 2 muti Basigurize Uhoraho; kuko Nebukadineza umwami w’i Babuloni ateye: kumbure Uhoraho yotugirira nk’ukw ibikorwa vyiwe vyose vy’igitangaza bimeze, agatuma asubira inyuma akatureka. 3 Maze Yeremiya arabishura, at’ Uku abe ari ko mubarira Zedekiya: 4 mut’ Uku ni k’Uhoraho agize, ni we Mana y’Abisirayeli, at’ Ehe nzobakubiranya hamwe n’ibirwanishwa biri mu maboko yanyu, ivyo murwanisha umwami w’i Babuloni n’Abakaludaya babugarije, muriko murabarwanisha inyuma y’inzitiro z’iki gisagara, mbakoranirize hamwe hagati muri co. 5 Kandi nanje ubganje nzobarwanya, mbarwanishe ukuboko kubānguye n’ukuboko kw’inkomezi, ndi n’ishavu n’ubushangashirwe n’uburake bg’inkazi. 6 Kandi nzokubita ababa mur’ iki gisagara, abantu n’ibitungwa: bazokwicwa n’ikīza gikomeye. 7 Kandi hanyuma y’ivyo, ni jewe Uhoraho mbivuze, nzogabura Zedekiya umwami w’Abayuda, n’ abasavyi biwe, n’abantu bazoba bagisigaye mur’ iki gisagara, batishwe n’ikīza n’inkota n’inzara, mbashire mu kuboko kwa Nebukadineza umwami w’i Babuloni, no mu maboko y’abansi babo, no mu maboko y’abarondera kubica: azobicisha ubugi bg’inkota; ntazobagirira impuhwe cank’ akagongwe cank’ imbabazi. 8 Maz’ aba bantu ubabarire, ut’ Uku ni k’Uhoraho agize, ati Rāba mbashize imbere inzira y’ubugingo n’inzira y’urupfu. 9 Ūguma mur’ iki gisagara azokwicwa n’inkota n’inzara n’ikīza: arik’ ūsokoroka muri co, akīsaba Abakaludaya babugarije, azobaho, kand’ azoba akijije amagara yiwe. 10 Kuko ntungiriye igitsure iki gisagara ngo nkizanekw amagorwa, sinkizanekw amahirwe, ni jewe Uhoraho mbivuze; kizotangwa mu kuboko kw’umwami w’i Babuloni, kand’ azogitongoza umuriro. 11 Kandi ku vy’inzu y’umwami w’i Buyuda, ni mwumve ijambo ry’ Uhoraho: 12 Ewe nzu ya Dawidi, uku ni k’Uhoraho agize, ati Ni muce imanza ziroranye uko bukeye, mukize ūnyazwe mumukūre mu kuboko kw’ūmuhahaza, uburake bganje bgoye kurabagiza nk’umuriro, bukarurumba ntihagire ūshobora kubuzimya, kubg’ ibibi mukora. 13 Rāba nzohigūra nawe, wewe gisagara cubatswe ku mushasha, ku gitandara co mu kiyaya, ni jewe Uhoraho mbivuze; yemwe abavuga, muti Ni nde yorinduka kumanuka ngw adutere? Canke ni nde yoshika mu ngo zacu? 14 Nzobahana nk’ukw ibikorwa vyanyu vyamuje, ni jewe Uhoraho mbivuze; kandi nzodomeka umuriro mu kibira caho uzotongora ibiri hirya no hino yaho vyose. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi