Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -

Umusiguzi 8 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Icubahiro c’umwami uko kimeze

1 Ni nde ameze nk’umunyabgenge? Ni nde azi ukw ikintu gisobanurwa? Ubgenge bg’umuntu buzana umuco mu maso hiwe, bukahakūra iminkanyari.

2 Ndakugīriye inama: witondere icagezwe c’umwami, nk’uko wabirahiye Imana.

3 Ntukihute kuva imbere yiwe; ntukibande ku kintu kibi: kuko we akora ic’ agomba cose.

4 Kukw ijambo ry’umwami riri n’ububasha; kandi ni nde yomubaza, at’ Ico ukora n’igiki?

5 Umuntu wese yitondera icagezwe ntazogira ikibi abona; kand’ umutima w’umunyabgenge utahura ko hazoba igihe n’imanza:

6 kukw ikibaho cose kigira igihe caco n’urubanza rwaco; kukw imibabaro y’umuntu imuvuna:

7 kukw atazi ikizobaho; none ni nde yomubarira ingene bizomera?

8 Nta muntu ariho afise ububasha ku mpwemu ziwe, ngw azīgumirize, kandi nta bubasha agira bgo kubuza umusi w’urupfu; mur’ izo ntambara nta kurekurwa kuriho, kand’ uwihaye ikibi ntikizomukiza.

9 Ivyo vyose naravyiboneye, nashize umutima ku gikorwa cose gikorerwa musi y’izuba: har’ igihe umuntu umwe agira ububasha ku wundi bgo kumugirira nabi.

10 Kand’ ikigeretseko nabonye abanyavyaha bahambga, bīgīriye; n’abakoze ibiroranye bīgīra bavuye ahantu hēra, bakibagirana mu gisagara: ivyo na vyo nyene n’ ubusa.

11 Urubanza rw’igikorwa kibi naho ruciwe, ntiruherahezwa vuba, ni co gituma imitima y’ abana b’abantu ihangara gukora ikibi.

12 Nah’ umunyavyaha yokora ikibi ibihetangabo ijana, akaramba cane, yamara ndazi kw abubaha Imana ari bo bazoba amahoro, abayubaha bari mu nyonga zayo;

13 ariko nta mahoro azoba ku munyakibi, kand’ imisi yiwe ntazoyirambiramwo, imeze nk’igitūtu; kukw atubaha Imana ari mu nyonga zayo.

14 Harih’ ic’ ubusa gikorerwa kw isi; n’uko har’ abagororotsi bagirirwa ibikwiranye n’igikorwa c’abanyakibi, hakabaho n’abanyakibi bagirirwa ibikwiranye n’igikorwa c’abagororotsi: navuze yukw ivyo na vyo nyene ar’ ubusa.

15 Maze rero nca nshima ibinezereza, kukw ata ciza umuntu yogira musi y’izuba kirusha iki: kurya no kunywa no kunezerwa; kukw ivyo bizogumana na we mu butame bgiwe imisi yose y’ukubaho kwiwe, iyo Imana yamuhaye musi y’izuba.

16 Mmaze gushira umutima wanje ku kumenya ubgenge no kwitegereza igikorwa gikorerwa kw isi — kuko har’ Uwo amaso yiwe atabona agatiro, ari ku murango canke mw ijoro —

17 ni ho nitegereje igikorwa cose c’Imana, yuk’ umuntu adashobora gutahura igikorwa gikorerwa musi y’izuba: kuk’ umuntu naho yokovya ate mu kugiserangura, atoruha agitahura; mbere nah’ umunyabgenge yokwibgira kw akimenye, na we nyene ntazoshobora kugitahura.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:



ကြော်ငြာတွေ