Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -

Umusiguzi 5 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Ivy’ Imana bikwiye kwitonderwa

1 Urinde ikirenge cawe iy’ uja mu ngoro y’Imana; kuko kwēgēra ngo wumve kuruta gutanga ibimazi kw’ibipfu, kuko batazi ko bakora ibizira.

2 Akanwa kawe ntikagire ico gatuntumukana, kand’ umutima wawe woye gushushudikanya kw ijambo na rimwe imbere y’Imana; kukw Imana iri mw ijuru, nawe ukaba kw isi: nuko rer’ amajambo yawe abe make.

3 Kukw inzozi ziterwa n’ibikorwa vyinshi, kand’ ijwi ry’igipfu rimenyekanira ku magambo menshi.

4 Ni wasezerana isezerano ku Mana, ntutebe kurishitsa; kukw idahimbarwa n’ibipfu: ushitse ico wasezeranye.

5 Wopfuma utagira ico usezerana, hak’ usezerana ntushitse.

6 Ntukundire akanwa kawe gucumuza umubiri wawe; kandi ntuz’ uvugire imbere y’umumarayika yuko kwabaye ugucorokwa: non’ Imana irinde kurakishwa n’ijwi ryawe ku ki, no gusangangura igikorwa c’amaboko yawe?

7 Kuko mu nzozi nyinshi harimw’ ubusa, no mu magambo menshi n’uko: ariko weho, wubahe Imana.


Ubutunzi bukwiye gukoreshwa mu buryo bgiza

8 Ni wabona umworo ahahazwa, kand’ urubanza n’ibiroranye vyicwa ku manyama mu gihugu, ntibize bigutangaze: kukw Iyirusha abakuru ubukuru ivyitegereza, kandi har’ ubukuru bubarengeye.

9 Ikigirira ikimazi igihugu muri vyose, n’umwami kwubahwa mu gihugu.

10 Inkunzi y’amahera ntizohāzwa n’amahera; bo n’ūkunda ibitayega ntazohāzwa n’inyungu: ivyo na vyo nyene n’ubusa.

11 Iy’ ibintu bigwiriye ababirya baragwira: kandi nyenevyo bimumarira iki, atar’ ugupfa kubirābisha amaso?

12 Agatiro k’umunyabikorwa kararyoha, n’iy’ ariye bike canke vyinshi: ariko gufunereza kw’umutunzi kumubuza gusinzira.

13 Har’ ikibi gikomeye nabonye musi y’izuba, n’umuntu gutunga itunga rikazomwica:

14 maz’ iryo tunga rikazotikizwa n’ikibi kirikorokeye; kand’ asanzwe yaravyaye, umwana wiwe azoba asigaye ata co afise mu ntoke.

15 Nk’uko yavuye mu nda ya nyina ari gusa, azogenda artyo nk’uko yaje, adatwaye ikintu na kimwe kivuye mu butame bgiwe yojana mu ntoke.

16 Kand’ iki na co n’ikibi gikomeye, yuk’ uko yaje kwose ari kw azogenda: non’ afise inyungu ki mu buruhe yaruhiye umuyaga?

17 Imisi yiwe yose arīra mu mwiza, kand’ akagira umubabaro, akagira indwara n’umwikomo.

18 Eh’ ico nabonye kibereye kandi c’igikundiro: n’umuntu kurya akanywa, akanezererwa ivyiza bivuye mu butame bgiwe bgose, ubg’ atamira musi y’izuba, imisi yose y’ukubaho kwiwe, iyo Imana yamuhaye: kukw ivyo ari vyo mugabane wiwe.

19 Kand’ umuntu wese Imana yahaye ubutunzi n’ibintu, ikamuha ubushobozi bgo kubirya, no gukūramw’ umugabane wiwe, no kunezererwa ibivuye mu butame bgiwe: ivyo na vyo n’ingabire y’Imana.

20 Kukw atazokwibuka cane imisi y’ukubaho kwiwe, kukw Imana imuhaye umunezero mu mutima wiwe.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:



ကြော်ငြာတွေ