Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -

Umusiguzi 12 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Kandi wame wibuka Umuremyi wawe mu misi y’ubusore bgawe, imisi mibi itaraza, igihe kitarashika, ah’ uzovuga, uti Nta kikinnezereza;

2 izuba n’umuco n’ukwezi n’inyenyeri bitaracura umwiza, kand’ ibicu bitaragaruka imvura imaze guhita;

3 ku musi abazigamyi b’inzu bazotetemera, kand’ abanyenkomezi bakabunda, abasya bagasigaho kuko babaye bake, kand’ abarungurukira mu madirisha bagahuma;

4 imiryango irāba ku nzira ikugarwa; ijwi ry’urusyo rikōmbōka, umuntu akavyuka mu tunyoni, kand’ abakobga bose b’abaririmvyi bagaca bugufi;

5 mber’ abantu bazotinya igishizwe hejuru, ubgoba buzobaterera mu nzira; igiti citwa shakedi kizokwamuza, igihori kizogenda cikwega, kand’ agapiripiri kazotituka: kuk’ umuntu yīgīra i wabo w’intahava, mu nzira hakaba uruja n’uruza rw’ abamuririra:

6 umugozi w’urutsinga rw’ifeza utaracika, urwavya rw’izahabu rutarameneka, umubindi utaramenekera ku mugezi, ikurudumu itarapfira kw iriba;

7 umukungugu ugasubira mw ivu aho wahoze, umushaha ugasubira ku Mana yawutanze.

8 N’ubusa gusa, ni k’Umusiguzi agize, vyose n’ubusa.


Nta kindi kigira ikimazi atar’ ukwubaha Imana

9 Vyongeye kandi, Umusiguzi kuko yar’ umunyabgenge yashishikaye kwigisha abantu ubgenge; mbere yakoze irya n’ino, araserangura, aroranya imigani myinshi.

10 Umusiguzi yagerageje kurondera amajambo aryoshe, ni yo yanditswe atunganye, ni yo majambo y’ukuri.

11 Amajambo y’abanyabgenge ni nk’imihunda, kand’ amajambo atororokanijwe ni nk’imambo zishimangiwe, umwungere umwe ari we yayatanze.

12 Ibisigaye, mwana wanje, uhanurwe: kwandika ibitabo vyinshi ntikugira iherezo; kand’ ukwiga cane kuruhisha umubiri.

13 Vyose vyarumviswe: indunduro yavyo n’iyi: Wubahe Imana, witondere ivyagezwe na yo; kukw ivyo ari vyo bibereye rwose umuntu wese.

14 Kukw Imana izoshira igikorwa cose mu rubanza, bo n’ikintu cose gihishijwe, ari kibi ari ciza.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:



ကြော်ငြာတွေ