Umusiguzi 11 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Kora ivyiza uburyo bukiriho 1 Terera ivyo kurya vyawe ku mazi: uzosubira kubibona hahise imisi myinshi. 2 Uhe umugabane abantu ndwi, mbere na munani; kuk’ utazi icago cotera mw isi. 3 Ibicu iyo vyuzuyemw’ imvura vyisukanurira kw isi; kand’ igiti iyo gihenuka cerekeye i bumanuko, canke cerekeye i burārūko, aho hantu igiti cahenukiye ni ho kiguma. 4 Ūgendeza umuyaga ntazobiba, kand’ uwitegereza ibicu ntazokwimbura. 5 Nk’uk’ utazi inzira y’umuyaga iy’ ari yo, kandi nk’uk’ utazi ingen’ amagufa akurira mu nda y’ūtwaye inda, uko ni k’utazi igikorwa c’ Imana Rugira vyose. 6 Biba imbuto zawe mu gitondo, kandi ku mugoroba ntupfunye amaboko: kuk’ utazi ibizokunda, ko vyoba ar’ ibi cank’ ibi, canke ko vyose bizomera neza kumwe. 7 N’ukuri, umuco uraryoshe, kand’ amaso kubona izuba bitera umunezero. 8 Mbere nah’ umuntu yoramba imyaka myinshi ate, ayinezererwe yose; ariko yibuke imisi y’umwiza, kukw izoba myinshi. Ibizoza vyose n’ubusa. 9 Ewe wa musore, nezererwa ubusore bgawe, kand’ umutima wawe ukunezereze mu misi y’ubusore bgawe, kand’ ugendere mu nzira z’umutima wawe, no mu kurāba kw’amaso yawe: ariko wame ubizi yukw Imana izogushira mu rubanza rw’ivyo vyose. 10 Nuko kūra amaganya mu mutima wawe, kand’ ushire ikibi kure y’umubiri wawe: kuk’ ubuto n’ubusore ar’ ubusa. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi