Rusi 4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Bowazi abera Rusi umucunguzi 1 Nuko Bowazi aradūga, aja kw irembo ry’igisagara, yicarayo: maze wa mucunguzi Bowazi yavuze arahaca; aramuhamagara, ati Yewe naka! Ngo wicare hano. Aragenda, aricara. 2 Azana abantu cumi bo mu bashingantahe b’ico gisagara, arababgira, ati Ni mwicare hano. Baricara. 3 Abgira wa mucunguzi, ati Nawomi, umwe yagaruka avuye mu gihugu c’i Mowabu, agomba kugura itongo ryar’ irya mwene wacu Elimeleki: 4 nagomvye kubikumenyesha, no kukubgira kurigurira imbere y’aba bicaye hano, n’imbere y’ abashingantahe b’i wacu. Ni wagomba kuritora, uritore, n’utabigomba mbarira, mbimenye: kukw ata wundi yoritora atari wewe, canke jewe ngukurikiye. Aramwishura, ati Ndaritora. 5 Maze Bowazi aramubarira, ati Ni wagura iryo tongo na Nawomi, ukwiye kurigurana na Rusi Umunyamowabukazi, umugore w’umuhisi, ng’ uhonore umuhisi, ribe ishamvu y’izina ryiwe. 6 Wa mucunguzi aramwishura, at’ Ubganje sinshobora kuritora, ngw iyanje shamvu ndayidabanganye: subira mu gishingo canje co kuritora, kuko jeho ntashobora kuritora. 7 Kera uyu ni wo war’ umugenzo w’Abisirayeli wo gucungura no kunyuranya, kugira ngo vyose bishingwe: umuntu yakūra inkweto yiwe, akayiha uwundi. Uko ni kw’Abisirayeli bātanga icabona ca ben’ ivyo. 8 Nuko wa mucunguzi abarira Bowazi, ati N’uryīgurire. Maz’ akūra inkweto yiwe. 9 Bowazi abarira abashingantahe n’ abantu bose, ati Mbatanzekw ivyabona uyu musi, yuko nguze ivyar’ ivya Elimeleki vyose, n’ivyar’ ivya Kiliyoni na Mahaloni, mbiguze na Nawomi. 10 Kandi na Rusi Umunyamowabukazi, yari muka Mahaloni, ndamuguze ngw abe umugore wanje, ngo mponore umuhisi, ishamvu ntive kw izina ryiwe, izina ry’umuhisi ryoye kuzimangana muri bene wabo, no ku marembo y’igisagara cabo: mbatanzekw ivyabona uyu musi. 11 Nukw abantu bose bāri kw irembo n’abashingantahe baramwishura, bati Tur’ ivyabona vy’ ivyo. Uwo mugore aje mu nzu yawe, Uhoraho amuhwanye na Rakeli na Leya, ari bo bompi bāshinze inzu ya Isirayeli: nawe uragasagamba muri Efurata, ube rurangiranwa i Betelehemu: 12 kand’ inzu yawe n’ihwane n’ iya Peresi, uwo Tamari yavyariye Yuda, bizanywe n’uruvyaro Uhoraho azoguha kur’ ico gitamba. 13 Nuko Bowazi yābīra Rusi, aba umugore wiwe; abana na we, Uhoraho amuha gusama inda, avyara umuhungu. 14 Abagore babgira Nawomi, bat’ Uhoraho ashemezwe, atākuretse uyu musi ng’ube ūtagira umucunguzi; izina ryiwe ni ribe rurangiranwa mu Bisirayeli. 15 Kand’ azosubiza intege mu bugingo bgawe, kand’ azogutunga ugeze mu zabukuru: kuk’ umukazana wawe agukunda, akakurutira abahungu ndwi wovyaye, ari we amuvyaye. 16 Nawomi ajana uwo mwana, amushira mu gikiriza, aba umurezi wiwe. 17 Abagore b’ababanyi biwe bamwita izina, bati Nawomi avyariwe umuhungu. Bamwita Obedi, ni we se wa Isayi, se wa Dawidi. 18 Uru ni rwo ruvyaro rwa Peresi: Peresi yavyaye Hesironi; 19 Hesironi yavyaye Ramu; Ramu yavyaye Aminadabu; 20 Aminadabu yavyaye Nahashoni; Nahashoni yavyaye Salumoni; 21 Salumoni yavyaye Bowazi; Bowazi yavyaye Obedi; 22 Obedi yavyaye Isayi; Isayi yavyaye Dawidi. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi