Rusi 3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Rusi aja ku mbuga ya sayiri ya Bowazi mw ijoro 1 Nawomi inabukwe aramubaza, ati Mukobga wanje, sinokurangira urugo, kugira ng’ umererwe neza? 2 None ntihariho Bowazi wo mu muryango wacu, umwe wabana n’abigeme biwe? Umve iri joro aragosōreza sayiri kuri ya mbuga. 3 Nuko wiyuhagire, wīsīge, wambare imyambaro yawe, umanuke uje ku mbuga: ariko ntumwiyereke atararangiza kurya no kunywa. 4 Nuko rero, ni yaryama, witegereze aho aja kuryama, nawe ujeyo, worosore ibirenge vyiwe, uryame; na we arakubgira ico uja gukora. 5 Aramwishura, at’ Ic’ umbgiye cose ndagikora. 6 Aramanuka aja ku mbuga, abikora vyose nk’uko inabukwe yamubariye. 7 Bowazi amaze kurya no kunywa, ahimvye mu mutima wiwe, aja kuryama i ruhande y’ ikirundo c’umuhure: na we aza asōbōka, yorosora ibirenge vyiwe, araryama. 8 Maze mu gicugu uwo mugabo arīkanga, arihindukiza: asanga har’ umugore aryamye hepfo y’ibirenge vyiwe. 9 Aramubaza, at’ Uri nde? Aramwishura, ati Nd’ incoreke yawe Rusi; worose umuja wawe umwambaro wawe, kuk’ ur’ umucunguzi wacu. 10 Aramwishura, at’ Uragahezagirwa n’Uhoraho, mukobga wanje; ineza werekanye none iruta iyo werekanye ubga mbere, kuk’ utārondeye imisore, ar’ aboro cank’ abatunzi. 11 None rero, mukobga wanje, nta co utinya; ndakugirira ivyo uvuze vyose: kukw abashingantahe bose b’i wacu bazi yuk’ ur’ umugore aroranye. 12 N’ukuri koko nd’ umucunguzi wanyu, ariko harih’ uwundi andusha kuba umucunguzi wo hafi. 13 Rāra hano iri joro, kandi mu gitondo ni yakugirira ivy’ umucunguzi bizoba vyiza, az’ abikugirire; ariko ni yanka kubikugirira, ndahiye uguhoraho kw’Uhoraho yuk’ ubganje nzokugirira ivy’ umucunguzi: ryama buce. 14 Aryama hepfo y’ibirenge vyiwe, ageza mu rubungubungu: avyuka hataragera igihe umuntu yohwihwisha uwundi. Kuko yagira ngo Vyoye kumenyekana yuk’ uyo mugore yaje ku mbuga. 15 Aramubgira, ati Zana umutamana wawe uwutege; amugerera ingero zitandatu za sayiri, arazimukorera, aja mu gisagara. 16 Ashitse kwa inabukwe, aramubaza, ati Ni wewe ga mukobga wanje? Na we amwīgānira vyose ivyo uwo mugabo yamugiriye. 17 At’ Izi ngero za sayiri ukw ari zitandatu ni we yazimpaye: kuko yambgiye, ati Ntiwosubira kwa nyokobukwe ata co ufise. 18 Nawomi aramubarira, at’ Iyicarire mukobga wanje, ushitse ah’ uribumenyere amaherezo yavyo; kuk’ uyo mugabo ataja kuruhuka, gushitsa ah’ abirangiriza uyu musi. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi