Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -

Rusi 2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Rusi ahūmba mu bibuba vya Bowazi, na we amugirira neza

1 Kandi Nawomi yar’ afise mwene wabo w’umugabo wiwe, umuntu akomeye w’umutunzi, wo mu muryango wa Elimeleki, yitwa Bowazi.

2 Rusi wa Munyamowabukazi abarira Nawomi, ati Ndekura ngende mu bibuba mpūmbe uduhūmbga, nkurikire uwongirira ubuntu. Aramwishura, ati Genda, mukobga wanje.

3 Aragenda, ahūmba mu kibuba akurikiye abagenyi: kand’ umurima yarengutseko war’ uwo mw itongo rya Bowazi, wo mu muryango wa Elimeleki.

4 Bowazi araza, avuye i Betelehemu, abgira abagenyi, at’ Uhoraho abane namwe. Na bo baramwishura, bat’ Uhoraho aguhe umugisha.

5 Maze Bowazi abaza umuntu wiwe agenyesha, at’ Uyu mukobga n’uwa nde?

6 Ūgenyesha aramwishura, ati Ni wa Munyamowabukazi yagarukanye na Nawomi avuye mu gihugu c’i Mowabu:

7 kandi yansavye, ati Ndakwinginze nyemerera guhūmba nkurikire abagenyi hagati y’ imikama: nukw araza, kandi yahereye mu gatondo gushitsa n’ubu, atar’ akanya gatoya yaruhutse.

8 Maze Bowazi abgira Rusi, at’ Urumva, mukobga wanje? Ntuz’ ugire uwundi murima uzohūmbamwo, kandi ntuve hano, arik’ ugume hano hafi y’abigeme b’i wanje.

9 Shira amaso ku murima bagenya, ubakurikire: mbeg’ abahungu simbihanikirije ko batazogukoma? Kand’ iy’ ugize inyota wame ugenda ku mibindi unywe ku yo abahungu bavomye.

10 Yicisha bugufi, arūnama ashika hasi, aramubaza, ati N’iki gitumye ungirira ubuntu, ukambabara, kandi nd’ umunyamahanga?

11 Bowazi aramwishura, ati Bānyigāniye neza ivyo wakoreye nyokobukwe vyose, uhereye ah’ umugabo wawe yapfiriye: kandi ko wasize so na nyoko n’igihugu wavukiyemwo, ukaza mw ihanga utār’ uzi.

12 Uhoraho akwishure ivyo wakoze, uhabge impēra ishitse n’ Uhoraho, Imana y’Abisirayeli, wahungiye musi y’amababa yayo.

13 Aramwishura, ati Ni ngirirwe akagongwe imbere yawe, mugenzi, kuk’ ummaze umubabaro, ukabarira incoreke yawe neza, naho ntahwanye n’umwe wo mu ncoreke zawe.

14 Igihe co kurya kigeze, Bowazi aramubgira, ati Ngwino urye agatsima, ukoze intore yawe mu nkarisha ya vino. Yicarana n’abagenyi bamuhēreza impeke zikaranze, arazirya, arahāga, arasigaza.

15 Avuye hasi guhūmba, Bowazi abarira imikangara yiwe, ati N’ ahūmbe no hagati y’imikama, ntimumukabukire.

16 Kandi mumusokōrere zimwe mu mikama, muzisige, azihūmbe, ntimumuhambarire.

17 Nukw ahūmba mur’ ico kibuba ashitsa ni kera; akubita izo yahūmvye, izo sayiri zishika ingero yitwa efa.

18 Arazīkorera, aja mu gisagara: inabukwe abona izo yahūmvye, Rusi amugobororera utwo yashigaje amaze guhāga, aratumuha.

19 Inabukwe aramubaza, ati Wahūmvye kwa nde uyu musi? Wakoze hehe? Uwakubabaye aragahezagirwa! Asobanurira inabukwe nyen’ umurima yakozemwo uw’ ari we, aramubgira, ati Nyen’ umurima nakozemw’ uyu musi yitwa Bowazi.

20 Nawomi abgira umukazana wiwe, at’ Uhoraho atāsizeho kugirira neza abakiriho n’abāpfuye, arakamuhezagira! Nawomi arongera aramubgira, at’ Uwo mugabo n’uwo mu muryango wacu wo hafi, n’umwe wo mu bacunguzi bacu.

21 Rusi wa Munyamowabukazi aramubarira, ati Mbere yambgiye, ati Wame ugumana n’abahungu b’i wanje, gushitsa aho bazohereza kugenya i wanje hose.

22 Nawomi abarira Rusi umukazana wiwe, ati Mukobga wanje, ni vyiza k’ujana n’abigeme bamukorera, boye kugusanga mu murima w’uwundi.

23 Nukw aguma hafi y’abigeme bakorera Bowazi, agahūmba akageza aho bahereje kugenya sayiri bo n’ingano; abana na inabukwe.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:



ကြော်ငြာတွေ