Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -

Nehemiya 8 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Abantu basomerwa ivyagezwe vya Mose

1 Maz’ abantu bose iyo bava bakagera bakoranira icarimwe ku kibuga kir’ imbere y’irembo ry’ amazi, basaba Ezira, umunyabgenge w’ivyanditswe, ngw azane igitabo c’ivyagezwe vya Mose, bimwe Uhoraho yaha Abisirayeli.

2 Nuko Ezira umuherezi azana ico gitabo c’ivyagezwe, agishira imbere y’ishengero ry’abagabo n’abagore n’abandi bose bafise ubgenge bgo kwumva. Hari ku musi wa mbere w’ukwezi kw’indwi.

3 Ezira agisoma ahagaze yerekeye ico kibuga kir’ imbere y’irembo ry’amazi, agisomera abagabo n’abagore n’ abandi bashoboye kwumva, uhereye mu mutwenzi ugashitsa mu mashōka, kand’ abantu bose bari bateze amatwi bumviriza ivy’ ico gitabo c’ivyagezwe.

4 Ezira, uwo munyabgenge w’ivyanditswe, yar’ ahagaze ku mutara w’ibiti, bubakiye ico gikorwa nyene, yar’ ahagararanye na Matitiya na Shema na Anaya na Uriya na Hilukiya na Mayaseya; abo ni bo bār’ i buryo bgiwe; i bumoso bgiwe hāri Pedaya na Mishayeli na Malikiya na Hashumu na Hashibadana na Zekariya na Meshulamu.

5 Nuko Ezira azingurura igitabo abantu bose babona, kuko yar’ ahagaze ahisumbuye; maz’ akikizingurura abantu bose bava hasi.

6 Ezira araheza ahimbaza Uhoraho Imana isumba vyose, abantu bose bashira amaboko hejuru, bati Amen, Amen. Baraheza barunama bashika hasi imbere y’Uhoraho, bubika amaso kw isi.

7 Yosuwa na Bani na Sherebiya, na Yamini na Akubu, na Shabetayi na Hodiya na Mayaseya, na Kelita na Azariya na Yozabadi, na Hanani na Pelaya n’ Abalewi, abo ni bo basobanurira abantu ivy’ ivyagezwe, abantu bakaguma aho bari;

8 babasomera mu gitabo c’ ivyagezwe vy’Imana mu buryo bgumvikana, barabibasobanurira kugira ngo batahure ivyo basomewe.

9 Nehemiya icēgēra c’umwami, na Ezira umuherezi, umunyabgenge w’ivyanditswe, n’Abalewi ari bo bigisha abantu, baraheza bababgira bose, bat’ Uyu musi n’ uwo Uhoraho Imana yanyu yejeje, nta co mubabara kandi reka kurira; kukw abantu bose bariko bararira, aho bumviye amajambo y’ ivyagezwe.

10 Maze Nehemiya arababgira, ati Ni mutahe muje kurya inyama zinuze, munywe n’ibisosa, n’abatagira ico bafise mubarungikire, kuk’ uyu musi werejwe Uhoraho; ntimubabare, kuk’ umunezero w’Uhoraho ari zo nkomezi zanyu.

11 Abalewi na bo bahoza abantu bose, bati Ni mwihorere, kuk’ uyu musi ar’ uwera, ntimubabare.

12 Nukw abantu bose baraheza baja kurya no kunywa no kugemuranira no kunezeranwa akanyamuneza kenshi, kuko bari batahuye amajambo basobanuriwe.


Imisi mikuru y’insāgo isubizwaho

13 Ku musi ugira kabiri abakuru b’amyazu ya ba sekuruza bo mu bantu bose, n’abaherezi n’Abalewi, bakoranira kuri Ezira umunyabgenge w’ivyanditswe, kugira ngo bashire ayo majambo y’ivyagezwe ku mitima.

14 Baraheza basanga ko mur’ ivyo vyagezwe Uhoraho yahaye Mose handitswe ko mu kwezi kw’indwi Abisirayeli bazokwama bagira imisi mikuru yo kurāra mu nsāgo,

15 kandi ko bazotāngāza ayo majambo mu bisagara vyose no muri Yerusalemu, ngo Ni mugende ku misozi muce amashami y’ibiti vya elayo n’ay’ ibijābija vya elayo nyene, n’ay’ imihadasi n’ay’ ibigazi, n’ay’ ibindi biti vyose bizitanye, kugira ngo muce insāgo nk’uko vyanditswe.

16 Nukw abantu bava hasi baragenda barondera amashami, bīcīra insāgo, hejuru ku nzu zabo, no mu ngo zabo, no mu ntangaro y’ingoro y’Imana, no ku kibuga co kw irembo ry’amazi no ku co kw irembo ry’Abefurayimu.

17 Kand’ ikoraniro ryose ry’abāgarutse bavuye mu kinyago bīcīra insāgo bazirāramwo. Uhereye mu gihe ca Yosuwa mwene Nuni ukageza kur’ uwo musi Abisirayeli ntibaribgigere bagira nk’uko; nuko haba umunezero mwinshi cane.

18 Kandi Ezira abasomera igitabo c’ivyagezwe vy’Imana umusi n’ umusi, uhereye ku musi wa mbere ukageza ku wuheruka. Bāmaze imisi indwi bagira imisi mikuru; ku musi ugira umunani haba ikoraniro ry’agahebuza nk’ukw ivyagezwe bivuga.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:



ကြော်ငြာတွေ