Nehemiya 5 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Nehemiya atabara abajigirijwe 1 Bukeye haba ugutaka gukomeye, abantu n’abagore babo bidodombera bene wabo b’Abayuda, 2 bati Twe n’abahungu bacu n’abakobga bacu turi benshi; ni muduhe ibidutunga turye kugira ngo tubeho. 3 Abandi baravuga, bat’ Amatongo yacu n’inzabibu zacu n’amazu yacu tubitangakw ingwati kugira ngo turonke ibidutunga bizodutsindira ikigoyi. 4 Kandi n’abandi baravuga, bati Twagwatirije amatongo n’inzabibu zacu kugira ngo batugurāne amahera y’ikori ry’umwami. 5 Yamara rero, imibiri yacu n’ imwe n’iya bene wacu, kand’ abana bacu ni bamwe n’ababo; kand’ ehe rāba abahungu bacu n’abakobga bacu turiko turabata mu buja. Mbere bamwe bo mu bakobga bacu baramaze kubushikamwo, kandi twabuze uko tugira, kukw amatongo yacu n’inzabibu zacu bimaze kujanwa n’abandi. 6 Numvise ayo majambo n’amaganya yabo nca ndaraka rwose. 7 Mmaze kuvyiyumvirako nca ntonganya abakuru n’abaganza, ndababgira, nti Mbega bene wanyu ko mubāka inyungu ku ngurāne! Ndaheza mpamagara ikoraniro rinini ngo ndababūranye. 8 Ndababgira, nti Twebge uko dushoboye twaracunguye Abayuda bagenzi bacu bāri baraguzwe n’abanyamahanga; ariko mweho bagenzi banyu murabagura, na bo bakīshora ngo tubagure! Baca barihorera babura iryo bavuga. 9 Ndongera ndavuga, nt’ Ivyo mukora si vyiza. Mbeg’ ibikwiye s’uko mugenda mwubaha Imana yacu, ntimwitukishe mu bansi bacu b’abanyamahanga? 10 Na jewe nyene, twe na bene wacu n’ abantu banje, har’ abamaze kutugurānakw amahera n’impeke; non’ enda tubibahebere. 11 Mber’ uyu musi mubasubize amatongo yabo, n’imirima yabo y’imizabibu n’imyelayo, n’amazu yabo; mubasubize na ca gice c’ijana c’amahera n’ic’ impeke n’ica vino n’ic’ amavuta ya elayo, ivyo mwābātse kw inyungu. 12 Na bo baravuga, bati Turabibasubiza, kandi nta co tuzobāka kw inyungu; tuzobigenza nk’uk’ uvuze. Ndaheza mpamagaza abaherezi, ndahiriza abo bantu imbere yabo ko bazobikora nk’uko basezeranye. 13 Maze nkunkumura umutamana wanje, nt’ Umuntu wese atazoshitsa iri jambo, Imana iz’ imukunkumure mu nzu yiwe no mu vyiwe; az’ abe ari kw akunkumurwa, asigare agaragara. Nukw ikoraniro ryose riremera, riti Amen; baraheza bahimbaza Uhoraho. Nukw abantu bagumya iryo sezerano. Nehemiya aganza igihugu neza 14 Kand’ uhereye umusi umwami Aritazeruzi yangize icēgēra ciwe mu gihugu c’i Buyuda, kuva ku mwaka ugira mirongwibiri kugeza ku mwaka ugira mirongwitatu n’ibiri ari ku ngoma, ukw ar’ imyaka cumi n’ibiri, ari jewe ari bene wacu, nta ho twigeze dutungwa n’amarari yagerewe icēgēra c’umwami. 15 Arikw abanyitangiye imbere mu gutwarira umwami, bāraruhije abantu, kuko bāgenda babatoza ivyo kurya na vino, hamwe na shekeli z’ifeza mirongwine; mbere n’abasavyi babo bagatwaza abantu amanyama. Ariko jewe sinigeze ngenza ntyo, kuko nubaha Imana. 16 Ariko nagize umwete wo gukora, nubaka urwo ruzitiro; nta tongo na rimwe twaguze, kandi n’abantu banje bose bāma bakoranira kur’ ico gikorwa. 17 Kand’ abantu ijana na mirongwitanu b’Abayuda n’ababaganza bāma baza kurya i wanje, udashizemw’ abaza bavuye mu mahanga adukikije. 18 Ku musi ku musi twābāga inka imwe n’intama zitandatu z’intorwa, bo n’inkoko, kand’ ukw imisi cumi ishize twama tubaha vino z’ubgoko bgose; ariko naho vyangana birtyo nta ho nigeze ntoza amarari yagerewe icēgēra c’umwami, kukw abantu bāri bacumukujwe n’intwaro mbi. 19 Ndaheza ndasenga, nti Mana yanje, ivyo nagiriye aba bantu uz’ ubinzirikaneko, ubinyishure ivyiza. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi