Nehemiya 13 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Bītandukanya n’abanyamahanga 1 Kur’ uwo musi abantu basomerwa igitabo ca Mose, basanga nta Mwamoni cank’ Umunyamowabu yemererwa gushika mw ikoraniro ry’Imana gushitsa ibihe vyose, 2 kuko batāsanganije Abisirayeli umutsima n’amazi, kandi kuko bāhēreye Balamu ngw abavume; mugabo, Imana yacu yahinduye uwo muvumo ucika umugisha. 3 Nukw Abisirayeli bamaze kwumva ivyo vyagezwe, baca bītandukanya n’ ikivange c’abanyamahanga bose bāri muri bo. Nehemiya yirukana Tobiya mu cumba bamuhaye 4 Arikw ivyo bitarabaho, Eliyashibu umuherezi, ari we yajejwe ivyumba vyo ku ngoro y’Imana yacu, kandi yar’ incuti ya Tobiya, 5 yateguriye Tobiya nyene icumba kinini, aho bāhora babīka amashikanwa y’amafu n’imibavu, bakahabīka n’ibintu vy’imbombovu, kandi hābīkwa n’ibigiracumi vy’impeke n’ivya vino n’ivy’ amavuta ya elayo, ari vyo ivyagezwe vyashinze ko bihabga Abalewi n’abaririmvyi n’abashibamyi, hamwe n’amashikanwa azunguzwa yahabga abaherezi. 6 Ariko mur’ ico gihe cose sinar’ i Yerusalemu, kuko nari nagiye i bgami mu mwaka ugira mirongwitatu na kabiri Aritazeruzi umwami w’i Babuloni ari ku ngoma. Mpamaze imisi, nsaba umwami ngw andekure ngende. 7 Maze nshitse i Yerusalemu mbona ikibi Eliyashibu yakoze, ko yahaye Tobiya icumba mu nyubakwa yo ku ngoro y’Imana. 8 Birambabaza cane, ni co catumye nshibagurira hanze ibintu vyose vya Tobiya vyari mur’ ico cumba, 9 ngera ko bahumanura ico cumba; bamaze kugihumanura nsubizamw’ ibintu vy’imbombovu vy’ingoro y’Imana, hamwe n’amashikanwa y’amafu bo n’imibavu. 10 Hanyuma nsanga yukw Abalewi batakironka imituri bāgerewe, ivyo vyatumye Abalewi n’ abaririmvyi, abākora ibikorwa vy’ ingoro y’Imana, babita, umuntu wese agasubira mw itongo ryiwe. 11 Maze nca ntātira abakuru, nti N’iki catumye ingoro y’Imana irekwa? Ndaheza nkoranya abo Balewi n’abaririmvyi, mbasubiza mu myanya yabo. 12 Maz’ Abayuda bose baca bazana ibigiracumi vy’impeke n’ivya vino n’ivy’ amavuta ya elayo, babishingura mu bubīko. 13 Nshirah’ abazezwabintu vyo mu bubīko, ni bo b’aba: Shelemiya umuherezi, na Sadoki umunyabgenge w’ivyanditswe, na Pedaya wo mu Balewi; hakurikirako Hanani mwene Zakuri, Zakuri wa Mataniya, kukw abo bari bazwi kw ar’ abizigirwa; kand’ igikorwa cabo kwar’ ukugaburira bagenzi babo. 14 Ndaheza ndasenga, nti Mana yanje, ibi uz’ ubinzirikaneko, ntuz’ uhanagure ibikorwa vy’ urukundo nakoreye ingoro yawe, Mana yanje, n’ivyo nakoze vyo gufasha ibihakorerwa. Abantu bākēngereye isabato 15 Mur’ iyo misi mbona bamwe bo mu Bayuda bagana vino kw isabato, n’abandi mbona bimburira mu bigega, abandi baremeka indogoba zabo vino n’inzabibu n’ insukoni n’ibintu vy’uburyo bgose, babizana i Yerusalemu ku musi w’isabato. Mbasanga aho badandariza, ndabahambarira kur’ uwo musi nyene baguriyekw ivyo kurya. 16 Hāri n’abantu bavuye i Tiro baba i Yerusalemu, bama bazana amafi n’ibindi vy’uburyo bgose babigurira Abayuda kw isabato i Yerusalemu. 17 Ndaheza ntātira abakuru bo mu Bayuda, nti N’iki gituma mukora ibibi bisa birtyo mugahumanya isabato? 18 Mbega ntimubona kw Imana yacu yaturekuriyekw ivyago, twe n’iki gisagara, kuko ba sogokuruza bacu bākoze bartyo? None namwe murushiriza gukwēgera Abisirayeli uburake, kuko mwama muhumanya isabato. 19 Isabato itaratangura, hagitangura kutabona neza mu marembo y’i Yerusalemu, mvuga ko bugarira amarembo, ntibaze bayugurure isabato idashize. Ndaheza nshira bamwe bo mu bantu banje kurinda amarembo ngo ntihagire umutwaro n’umwe bayacishamwo ku musi w’isabato. 20 Maz’ abadandaza n’abagura ibintu vy’ uburyo bgose barāra inyuma y’i Yerusalemu rimwe canke kabiri. 21 Maze ndabahambarira, ndababaza, nt’ Igituma murāra inyuma y’uruzitiro n’iki? Ni mwasubīra nzobafata. Kuva ico gihe ntibāsubiriye kugaruka kw isabato. 22 Ndaheza mbgira Abalewi ngo biyeze, babone kuza gushibama ku marembo, kugira ngo batume umusi w’isabato uziririzwa. Ndaheza ndasaba, nti Mana yanje, n’ibi na vyo uz’ ubinzirikaneko, umpangaze nk’ukw imbabazi zawe nyinshi zingana. Nehemiya abihanikiriza kudashingirana n’abapagani 23 Nuko mur’ ico gihe mbona Abayuda bābiriye abagore bo mu Banyashidodi no mu Bamoni no mu Banyamowabu, 24 kandi ko benshi bo mu bana babo bavuga ikinyashidodi cank’ urundi rurimi rw’ayandi mahanga gusa, ntibashobore kuvuga ikiyuda. 25 Maze ndabahambarira ndabavuma, mbere bamwe ndanabakubita, mbashikura umushatsi, ndaheza mbarahiza Imana, nti Ntimuze mutirimuke ngo musubire gushingira abakobga banyu abahungu babo, canke ngo musabire abahungu banyu abakobga babo, kandi namwe ntimukabābīrire. 26 Mbega Salomo umwami w’ Abisirayeli, we ntiyacumujwe n’ abagore nk’uko nyene? Kandi nta mwami yar’ ahwanye na we yaribgaboneke mu mahanga yose, yakundwa rwose n’Imana yiwe, iramwimika imugira umwami w’ Abisirayeli bose; ariko na we nyene yacumujwe n’abagore b’ abanyamahangakazi nk’ukundi uko. 27 Mbega namwe tubemerere gukora icaha kingana girtyo ngo mwābīre abagore b’abanyamahangakazi, mucumure ku Mana yacu? 28 Kand’ umwe wo mu bahungu ba Yoyada mwene Eliyashibu, umuherezi mukuru, yar’ umukwe wa Sanibalati w’Umuhoroni; nca ndamwirukana amva i ruhande. 29 Ndaheza ndasaba, nt’ Ewe Mana yanje, ubibuke kuko bāhumanije ubuherezi bo n’isezerano ry’ ubuherezi nyene n’iry’ Abalewi. 30 Uko ni ko nabahumanuye, nkabakūramw’ ikintu cose c’ikinyamahanga, ngashingira abaherezi n’Abalewi imbu zabo, umuntu wese ku gikorwa ciwe; 31 kandi natunganije n’ivyo kuzana amashikanwa y’inkwi mu bihe vyashinzwe, bo n’ay’ imishuzo. Ndaheza ndasaba, nti Mana yanje, uz’ ubinzirikaneko, ubinyishure ivyiza. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi