Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -

Nehemiya 12 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Amazina y’abaherezi n’ay’ Abalewi

1 Aba ni bo baherezi n’Abalewi bādūganye na Zerubabeli mwene Sheyalitiyeli na Yosuwa; ni Seraya na Yeremiya na Ezira,

2 na Amariya na Maluki na Hatushi,

3 na Shekaniya na Rehumu na Meremoti,

4 na Ido na Ginetoyi na Abiya,

5 na Miyamini na Mahadiya na Biliga,

6 na Shemaya na Yoyaribu na Yedaya,

7 na Salu na Amoki na Hilukiya na Yedaya wundi. Abo ni bo bār’ abakuru b’abaherezi na bagenzi babo mu gihe ca Yosuwa.

8 Kand’ Abalewi ni Yosuwa na Binuwi na Kadimiyeli na Sherebiya na Yuda na Mataniya; Mataniya uwo, bo na bagenzi biwe, ni bo baterera abandi indirimbo z’ ishimwe;

9 kandi bagenzi babo Bakibukiya na Uno bākūranwa na bo, bahāna imbu.

10 Yosuwa yavyaye Yoyakimu, Yoyakimu avyara Eliyashibu, Eliyashibu avyara Yoyada,

11 Yoyada avyara Yonatani, Yonatani avyara Yaduwa.

12 Abaherezi bo mu gihe ca Yoyakimu b’abakuru b’amazu ya ba sekuruza n’aba: mu ba Seraya ni Meraya; mu ba Yeremiya ni Hananiya;

13 mu ba Ezira ni Meshulamu; mu ba Amariya ni Yehohanani;

14 mu ba Maluki ni Yonatani; mu ba Shebaniya ni Yosefu;

15 mu ba Harimu ni Adina; mu ba Merayoti ni Helikayi;

16 mu ba Ido ni Zekariya; mu ba Ginetoni ni Meshulamu;

17 mu ba Abiya ni Zikuri; mu ba Minyamini no mu ba Mohadiya ni Pilitayi;

18 mu ba Biliga ni Shamuwa; mu ba Shemaya ni Yehonatani;

19 mu ba Yoyaribu ni Matenayi; mu ba Yedaya ni Uzi;

20 mu ba Salayi ni Kalayi; mu ba Amoki ni Eberi;

21 mu ba Hilukiya ni Hashabiya; mu ba Yedaya ni Netaneli.

22 Mu Balewi, abakuru b’amazu ya ba sekuruza banditswe mu gihe ca Eliyashibu na Yoyada na Yohanani na Yaduwa; abaherezi na bo banditswe ku ngoma ya Dariyo Umuperesi.

23 Abandurutse kuri Lewi bo mu bakuru b’amazu ya ba sekuruza bari banditswe mu gitabo c’ivyo ku ngoma, kugeza igihe ca Yohanani mwene Eliyashibu.

24 Kand’ abakuru b’ Abalewi ni Hashabiya na Sherebiya na Yosuwa mwene Kadimiyeli na bagenzi babo, bari bashinzwe guhimbaza Imana no kuyishima, bakurikiye ibgirizwa rya Dawidi umuntu w’Imana, bahāna imbu.

25 Mataniya na Bakibukiya na Obadiya na Meshulamu na Talimoni na Akubu bar’ abashibamyi barinda amazu y’ububīko yo ku marembo.

26 Abo ni bo bāriho mu gihe ca Yoyakimu mwene Yosuwa, Yosuwa wa Yehozadaki, no mu gihe ca Nehemiya icēgēra c’umwami, na Ezira umuherezi, ari we munyabgenge w’ivyanditswe.


Uruzitiro rwuzuye, barushikiriza Imana

27 Igihe bāshikiriza Imana uruzitiro rw’i Yerusalemu, bāhamagaye Abalewi aho bāba hose, ngo baze i Yerusalemu ku musi mukuru wo kurushikiriza Imana banezerewe, ngo bashimishe indirimbo bafise n’ivyo kuvuza vyitwa matowazi bo n’amakembe n’inanga.

28 Nukw abaririmvyi barakorana bava mu biyaya bikikije i Yerusalemu no mu mihana y’ Abanetofati,

29 n’i Beti‐gilugali no mu misozi y’i Geba n’i Azimaveti, kukw abaririmvyi bari biyubakiye imigerero impande zose z’i Yerusalemu.

30 Nukw abaherezi n’Abalewi bariyeza, maze beza abantu n’amarembo n’uruzitiro.

31 Maze nuriza abakuru b’Abayuda ngo baje hejuru ku ruzitiro, ndabagabanyamw’ imice ibiri minini ngo bagende barōngōye bahimbaza. Umuce umwe ugenda ku ruzitiro werekeye i buryo, kw irembo bacishamw’ umwavu.

32 Bakurikirwa na Hoshaya n’ igice kimwe c’abakuru b’Abayuda,

33 na Azariya na Ezira na Meshulamu,

34 na Yuda na Benyamini na Shemaya na Yeremiya,

35 n’abahungu b’abaherezi bamwe bafise inzumbete: Zekariya mwene Yonatani, Yonatani wa Shemaya, Shemaya wa Mataniya, Mataniya wa Mikaya, Mikaya wa Zakuri, Zakuri wa Asafu;

36 na bagenzi biwe Shemaya na Azareli na Milalayi na Gilalayi na Mahayi na Netaneli na Yuda na Hanani, bari bafise ibintu vyo kuvuza vyar’ ivya Dawidi umuntu w’Imana; kandi Ezira umunyabgenge w’ ivyanditswe yar’ abagiye imbere;

37 baca kw irembo rija kw iriba batumbera imbere yabo, badūgira ahadondagirwa haja mu gisagara ca Dawidi, ah’ uruzitiro rudūgira haruguru y’ingoro yar’ iya Dawidi, bashika kw irembo ry’amazi ryerekeye i burasirazuba.

38 Uwundi muce w’abagenda bahimbaza ugenda kubasanganira, nanje nari mbakurikiye ndi kumwe n’ikindi gice c’abantu; nuko bagenda hejuru ku ruzitiro, haruguru y’umunara w’amatanure, bashika no ku ruzitiro rw’intimba nini.

39 Maze baca haruguru y’irembo ry’Abefurayimu no kw irembo rya kera, no kw irembo ryitwa iry’ Amafi, no ku munara wa Hananeli, no ku wa Hameya, bashika kw irembo ry’intama; nuko bahagarara kw irembo ry’abateramyi.

40 Maz’ iyo mice yompi y’abagenda bahimbaza ija guhagarara mu ngoro y’Imana, nanje nyene twe n’umuce w’abakuru twari kumwe,

41 bo n’abaherezi Eliyakimu na Mayaseya na Minyamini na Mikaya na Eliyowenayi na Zekariya na Hananiya bafise inzumbete;

42 na Mayaseya na Shemaya na Eleyazari na Uzi na Yehohanani na Malakiya na Elamu na Ezeri. Maz’ abaririmvyi baririmba ijwi rirenga, Yezirahiya ni we yabarōngōra.

43 Uwo musi batanga ibimazi vyinshi, baranezerwa kukw Imana yar’ ibateye umunezero mwinshi; kandi n’abagore n’ abana baranezerwa, bituma umunezero ur’i Yerusalemu wumvikana kure.

44 Kur’ uyo musi batoranya abantu bo kuzezwa ivyumba vy’ ububīko vyo kubīkamw’ amashikanwa azunguzwa, n’ay’ umushuzo, n’ay’ ibigiracumi, kugira ngo bayashingure muri vyo, abe imituri y’abaherezi n’Abalewi, nk’ uko vyashinzwe mu vyagezwe, ukw imirima yo mu bisagara yangana, kukw Abayuda banezerejwe n’ukw abaherezi n’Abalewi bari kw ibango ryabo,

45 bagatako bakagenda bahāna imbu mu gukorera Imana yabo no mu kwiyeza. Kand’ abaririmvyi n’abashibamyi ni ko bāgenza, bakurikiye icagezwe ca Dawidi n’ic’ umuhungu wiwe Salomo.

46 Kuko kera mu gihe ca Dawidi na Asafu hārih’ abarōngōzi b’abaririmvyi, hakabaho n’indirimbo zo guhimbaza Imana no kuyishima.

47 Kandi mu gihe ca Zerubabeli na Nehemiya Abisirayeli bātanga imituri y’abaririmvyi n’iy’ abashibamyi, nk’uko vyashinzwe ku musi n’umusi; bakongera bagaha Abalewi ivyejejwe, Abalewi na bo bakabihakw abo kuri Aroni.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:



ကြော်ငြာတွေ