Nehemiya 11 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Amazina y’abemeye kuba i Yerusalemu 1 Abakuru b’abantu ni bo bāba i Yerusalemu; maz’ abandi bantu bose bapfinda ubupfindo kugira ng’ umuntu umwe‐umwe mur’ icumi na we az’ agerēre i Yerusalemu ku murwa wera, abandi basigaye babe mu bindi bisagara. 2 Maz’ abantu bahezagira abandi bose bitanze n’ imitima ikunze kuba i Yerusalemu. 3 Aba ni bo bāgaba intāra bāba i Yerusalemu; ariko mu bisagara vy’i Buyuda umuntu wese yaba kw itongo ryiwe mu gisagara c’i wabo, Abisirayeli bose n’abaherezi, n’Abalewi n’abahawe ibango ry’ibikorwa vy’urusengero, bo n’ abākomotse ku basavyi ba Salomo. 4 I Yerusalemu hāba bamwe bo mu Bayuda no mu Babenyamini. Mu Bayuda ni Ataya mwene Uziya, Uziya wa Zekariya, Zekariya wa Amariya, Amariya wa Shefatiya, Shefatiya wa Mahalaleli, wo mu bākomotse kuri Peresi; 5 na Mayaseya mwene Baruki, Baruki wa Kolihoze, Kolihoze wa Hasaya, Hasaya wa Adaya, Adaya wa Yoyaribu, Yoyaribu wa Zekariya Umunyeshiloni. 6 Abākomotse kuri Peresi bāba i Yerusalemu, bose na bose bār’ abagabo b’abahizi amajana ane na mirongwitandatu n’umunani. 7 Ababenyamini n’aba: Salu mwene Meshulamu, Meshulamu wa Yohedi, Yohedi wa Pedaya, Pedaya wa Kolaya, Kolaya wa Mayaseya, Mayaseya wa Itiyeli, Itiyeli wa Yeshaya; 8 hamwe na Gebayi na Salayi, bose na bose bar’ amajana cenda na mirongwibiri n’umunani. 9 Yoweli mwene Zikuri yar’ umukoresha wabo, na Yuda mwene Hasenuwa yar’ uwa kabiri wo mu baganza ico gisagara. 10 Mu baherezi n’aba: Yedaya mwene Yoyaribu, na Yakini, 11 na Seraya mwene Hilukiya, Hilukiya wa Meshulamu, Meshulamu wa Sadoki, Sadoki wa Merayoti, Merayoti wa Ahitubu, umubgiriza w’ingoro y’Imana; 12 bo na bagenzi babo bakora ibikorwa vyo mur’ iyo ngoro, bose na bose bar’ amajana munani na mirongwibiri na babiri; hari na Adaya mwene Yerohamu, Yerohamu wa Pelaliya, Pelaliya wa Amusi, Amusi wa Zekariya, Zekariya wa Pashuri, Pashuri wa Malakiya, 13 hamwe na bagenzi biwe, ni bo bār’ abakuru b’amazu ya ba sekuruza, bose na bose bār’ amajana abiri na mirongwine na babiri; hari na Amashisayi mwene Asareli, Asareli wa Ahazayi, Ahazayi wa Meshilemoti, Meshilemoti wa Imeri, 14 na bagenzi babo, abagabo b’ abahizi, bose na bose bar’ ijana na mirongwibiri n’umunani. Umukoresha wabo ni Sabudiyeli mwene Hagedolimu. 15 Mu Balewi n’aba: Shemaya mwene Hasubu, Hasubu wa Asirikamu, Asirikamu wa Hashabiya, Hashabiya wa Buni, 16 na Shabetayi na Yozabadi, ni bo bākoresha ibikorwa vy’ingoro y’Imana vyo hanze, kandi bar’ abakuru bo mu Balewi. 17 Hari na Mataniya mwene Mika, Mika wa Zabudi, Zabudi wa Asafu, ni we yaterera abaririmba ishimwe mu gihe co gusenga; na Bakibukiya yar’ uwa kabiri muri bagenzi biwe, na Abuda mwene Shamuwa, Shamuwa wa Galali, Galali wa Yedutuni. 18 Abalewi bo ku murwa wera bose na bose bar’ amajana abiri na mirongumunani na bane. 19 Abashibamyi, Akubu na Talimoni na bagenzi babo bāshibama ku marembo, bose na bose bar’ ijana na mirongwirindwi na babiri. 20 Abasigaye bo mu Bisirayeli no mu baherezi no mu Balewi bāba mu bindi bisagara vyose vy’i Buyuda, umuntu wese mw itongo ryiwe. 21 Arikw abahawe ibango ry’ibikorwa vy’urusengero bāba i Ofeli, kandi Siha na Gishipa ni bo bābaganza. 22 Kand’ umukoresha w’Abalewi i Yerusalemu, ari we yajejwe ibikorwa vyo mu ngoro y’Imana, ni Uzi mwene Bani, Bani wa Hashabiya, Hashabiya wa Mataniya, Mataniya wa Mika wo mu bākomotse kuri Asafu, ari bo baririmvyi. 23 Kuko har’ icagezwe cashinzwe n’ umwami kw abaririmvyi bazohora bahabga ibibatunga ku musi n’ umusi. 24 Petahiya mwene Meshezabeli wo mu bandurutse kuri Zera mwene Yuda ni we yar’ umushikirwa w’amajambo y’abantu bose aza ku mwami. Abāba mu bindi bisagara 25 Kandi ku vy’imihana n’amatongo yayo, bamwe bo mu Bayuda bāba i Kiriyati‐Araba no mu bisagara bihakūkira, n’i Diboni no mu bisagara bihakūkira, 26 n’i Yeshuwa n’i Molada n’i Beti‐peleti, 27 n’i Hasari‐shuwali n’i Beri‐sheba no mu bisagara bihakūkira, 28 bāba n’i Sikulagi, n’i Mekona no mu bisagara bihakūkira, 29 n’i Eni‐rimoni n’i Zora n’i Yarimuti, 30 n’i Zanowa n’i Adulamu no mu bisagara bigenda bihakūkira, n’i Lakishi no mu matongo yaho, n’i Azeka no mu bisagara bihakūkira. Uko ni ko bāgerereye uhereye i Beri‐sheba ugashitsa no ku mwonga wa Hinomu. 31 Ababenyamini bāba i Geba n’i Mikimashi n’i Aya, n’i Beteli no mu bisagara bihakūkira, 32 no muri Anatoti n’i Nobu n’i Ananiya, 33 n’i Hasori n’i Rama n’i Gitayimu, 34 n’i Hadidi n’i Seboyimu n’i Nebalati, 35 n’i Lodi n’i Ono ari co kiyaya c’ abanyamyuga. 36 Mu Balewi, imitigiri imwe y’abāhora i Buyuda yagiye kuba i Bubenyamini. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi