Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -

Nehemiya 10 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Abāshizekw ikimenyetso n’ aba: icēgēra c’umwami, ari we Nehemiya mwene Hakaliya, na Zedekiya,

2 na Seraya na Azariya na Yeremiya,

3 na Pashuri na Amariya na Malakiya,

4 na Hatushi na Shebaniya na Maluki,

5 na Harimu na Meremoti na Obadiya,

6 na Daniyeli na Ginetoni ni na Baruki,

7 na Meshulamu na Abiya na Miyamini,

8 na Mahaziya na Biligayi na Shemaya; abo ni bo baherezi.

9 Abalewi n’aba: Yosuwa mwene Azaniya, na Binuwi wo muri bene Henadadi, na Kadimiyeli,

10 na bagenzi babo Shebaniya na Hodiya na Kelita na Pelaya na Hanani,

11 na Mika na Rehobu na Hashabiya,

12 na Zakuri na Sherebiya na Shebaniya,

13 na Hodiya na Bani na Beninu.

14 Abakuru‐bakuru bo mu bantu n’aba: Paroshi na Pahati‐Mowabu na Elamu na Zatu na Bani,

15 na Buni na Azigadi na Bebayi,

16 na Adoniya na Bigivayi na Adini,

17 na Ateri na Hezekiya na Azuri,

18 na Hodiya na Hashumu na Bezayi,

19 na Harifu na Anatoti na Nebayi,

20 na Magipiyashi na Meshulamu na Heziri,

21 na Meshezabeli na Sadoki na Yaduwa,

22 na Pelatiya na Hanani na Anaya,

23 na Hosheya na Hananiya na Hashubu,

24 na Haloheshi na Piliha na Shobeka,

25 na Rehumu na Hashabuna na Mayaseya,

26 na Ahiya na Hanani na Anani,

27 na Maluki na Harimu na Bayana.

28 Kandi n’abandi bantu bose, abaherezi n’Abalewi n’abashibamyi n’abaririmvyi n’abahawe ibango ry’ibikorwa vy’urusengero, n’abandi bose bamaze kwitandukanya n’amahanga yo mu bihugu, kugira ngo bitondere ivyagezwe vy’Imana, hamwe n’abagore babo n’abahungu babo n’abakobga babo, umuntu wese aciye ubgenge ashobora kubitahura;

29 abo bose bafatanya na bagenzi babo b’ abakuru, bararahira barīsiba ko bazohora bagendera mu vyagezwe vy’Imana vyatanzwe na Mose umusavyi wayo, kandi ko bazokwitondera amabgirizwa yose y’Uhoraho Umwami wacu, bakayashitsa, bo n’ivyo yihanikirije n’ivyo yashinze.

30 Bati Kand’ abakobga bacu ntituzobashingira abanyamahanga bo mur’ iki gihugu, n’abahungu bacu ntituzobasabira abageni mu bakobga babo.

31 Kand’ abanyamahanga bo mur’ iki gihugu ni bagira ivyo bashora kw isabato, ar’ ibintu bashoye, ar’ ivyo kurya, ntituzogira ico tugura kw isabato canke ku wundi musi wose wejejwe. Kandi ku mwaka ugira indwi wose, tuzorāza indimiro zose, duheberanire n’imyenda yose.

32 Kandi dushinze gutanga uk’ umwaka utashe ikigiragatatu ca shekeli, bize bikoreshwe mu ngoro y’Imana yacu,

33 kugira ngo haze hame haboneka imitsima y’ibiterekerwa, bo n’amashikanwa y’amafu y’intasība, n’ibimazi vyoswa vy’intasība nyene, n’ivy’ amasabato, n’ivy’ imisi mikuru yashinzwe, haboneke n’ibintu vyera, n’ibimazi vyo gutangirwa ivyaha kw impongano y’Abisirayeli, bo n’ivy’ ibikorwa vyose vyo mu ngoro y’Imana yacu.

34 Kandi twebge abaherezi n’Abalewi n’ abantu dupfinze ubupfindo ngo tumenye ukw amashikanwa y’ inkwi azohora azanwa mu ngoro y’Imana yacu, ukw amazu ya ba sogokuruza akurikirana ku mbu zacu; uk’ umwaka utashe izo nkwi n’izo gukoma icoto ku gicaniro c’Uhoraho Imana yacu, nk’uko vyanditswe mu vyagezwe.

35 Kand’ uk’ umwaka utashe tuzozana mu ngoro y’Uhoraho ivy’ imishuzo yo mu mirima yacu, n’ivy’ imishuzo y’ivyama vyose vyo ku biti vy’amoko yose,

36 kandi tuzozana abahungu bacu b’imfura n’ uburiza bg’ivyo dutunze, ubg’ inka zacu n’ubg’ intama zacu, tubizane mu ngoro y’Imana yacu nk’uko vyanditswe mu vyagezwe, tubishikirize abaherezi bakora mu ngoro y’Imana yacu.

37 Tuzohora tuzana ifu yacu y’umushuzo isewe iheretuwe, n’amashikanwa yacu azunguzwa, n’umushuzo w’ ivyama ku biti vy’ubgoko bgose, n’uwa vino n’amavuta, tubishikirize abaherezi, babishingure mu vyumba vyo ku ngoro y’Imana yacu; n’Abalewi tuzobashikiriza ikigiracumi c’ivyeze vyo mu mirima yacu, kukw Abalewi ari bo bākīra ibigiracumi mu bisagara vyacu vyose aho dufise imirima.

38 Kand’ umuherezi wo mu ba Aroni azohora ajana n’Abalewi bagiye kwākīra ibigiracumi vyabo; Abalewi na bo bazokūramw’ ikigiracumi co mur’ ivyo bigiracumi nyene, babizane mu ngoro y’ Imana yacu, babishingure mu vyumba vy’ububīko.

39 Abisirayeli n’Abalewi bazokwama bazana amashikanwa azunguzwa y’ impeke n’aya vino n’ay’ amavuta, bayashingure mu vyumba ah’ imbombovu z’Ahēra zibīkwa, ari ho nyene abaherezi n’abashibamyi n’abaririmvyi barāra. Nta ho tuzohemukira ingoro y’Imana yacu.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:



ကြော်ငြာတွေ