Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -

Mika 2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Ibara rizobonwa n’abanse kwihana

1 Bazobona ibara, abīgerera ivyo kugabitanya, bakīgīra inama zo gukora ibibi bari ku mariri yabo; bgāca bakabikora, kuko bibashobokeye!

2 Bifuza amatongo bakayanyaga, n’amazu bakayikumirako; bagahahaza umuntu n’abo mu nzu yiwe, mber’ umuntu bamuhahazanya n’ishamvu yiwe.

3 Nuko rero, uku ni k’Uhoraho agize, ati Rāba, ivyo nanje nigereye n’icago nzotēza uyu muryango; kandi ntimuzocigobotora mu mazosi, canke ngo mugende muraritse agatwe; kuko kizoba ar’ igihe kibi.

4 Uwo musi muzoba iciro ry’imigani, mucure intimba, muti Biracitse! Turageseye! Umugabane w’ubgoko bgacu yawuhaye abandi, arawutunyaze! Amatongo yacu yayagabanganije abanyazi!

5 Ni co gituma mw ikoraniro ry’Uhoraho utazobona uwo kugeresha ishamvu umugozi.

6 Bavuga, ngo Ntimukavugishwe! Bati Ntihaze hagire abavugishwa ben’ ivyo! Yamar’ ibimāramāza ntibizovaho.

7 Yemwe ab’ inzu ya Yakobo, vyoshoboka kuvugwa, ngo Mbega Mpwemu w’Uhoraho yoba ikirandamuke? Ugira ngw ivyo yobikora? Mbeg’ amajambo yanje ntafitiye ikimazi ūgenda atunganye?

8 Ariko mur’ ibi bihe abantu banje mumpagurukiye nk’abansi: abagenda ata co bīnona, batagomba intambara, mubakiza imitamana basēsa hejuru y’izindi.

9 Abagore bo mu bantu banje mubirukana mu mazu yabo bakunda; abana babo bato icubahiro nabahaye mwakibakūyeko gushitsa ibihe bidashira.

10 Ni muhaguruke, mugende; kukw aha atar’ uburuhukiro bganyu, kubg’ ibihumanya bizana gutikira kw’agahebuza.

11 Ereg’ umuntu agendana impwemu y’ ikinyoma, akabesha, ati Nkuboneye vino n’ibinyobga; ni we yoba umuvugishwa kur’ ubu bgoko!


Imana isezerana kugarukana Abisirayeli

12 Ewe Yakobo! Sinzobura gukoraniriza abawe bose hamwe, kandi sinzobura kwegeranya amasigarira y’Abisirayeli; nzobakumakumira hamwe nk’intama z’i Bosira; bazohūrīra nk’umukuku uri mwinshi mu canya cawo.

13 Ūgenda arabacīra inzira yadūze imbere yabo: baramennye, baca mw irembo, barifyuka inyuma: umwami wabo yabagiye imbere, Uhoraho ni we yabarōngōra.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:



ကြော်ငြာတွေ