Mika 1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Imbūri zo kuri Samariya n’i Buyuda 1 Ijambo ry’Uhoraho ryaje kuri Mika w’i Moresheti, ku ngoma ya Yotamu no ku ya Ahazi no ku ya Hezekiya, abami b’i Buyuda, amajambo y’ivyo yeretswe kuri Samariya n’i Yerusalemu. 2 Ni mwumve, mwa moko yose mwe; tega amatwi nawe wa si, n’ibiri muri wewe vyose! Umwami Uhoraho n’abe icagiriza canyu, Umwami ari mu rusengero rwiwe rwera. 3 Kukw ehe rāba, Uhoraho ahagurutse ava i we, agira amanuke, atambagire ku mpinga z’imisozi yo mw isi. 4 Imisozi izoshongera musi yiwe, n’imyonga isaduke, bibe nk’ishashara ir’ imbere y’umuriro, canke nk’amazi arindimuka ku gatembge. 5 Ivyo vyose vyatewe n’igicumuro ca Yakobo, n’ivyaha vy’inzu ya Isirayeli. Non’ igicumuro ca Yakobo n’iki? Mbega s’i Samariya? Kand’ ibitabo vyatabge i Buyuda n’ibiki? S’i Yerusalemu? 6 Ni co gituma igisagara c’i Samariya nzogihindura nk’ikigūngūzi c’amabuye co mu ndimiro, habe aho gutera imizabibu; kand’ amabuye yaho nzoyahondoganiriza mu mwonga, n’amatanguriro y’amazu yaho nzoyaserura ahabona. 7 Ibishushanyo vyaho vyose bibajwe bizojanjagurwa bicike ubunywenywe, n’impēra zaho zose z’ivy’ isoni nke zizoturirwa n’umuriro, kand’ ibigirwamana vyaho vyose nzobihonnya; kuko habirundanije ar’ impēra z’ubumaraya, kandi bizosubira kuba impēra nyene za maraya wundi. 8 Kubg’ ivyo nzorira mboroge, ngende nambaye ubusa, ata n’ inkweto: nzorira nk’imbgebge, mboroge nk’ igisīga citwa imbuni. 9 Kuk’ uruguma rwaho rutazovūrika: mbere rwashitse n’i Buyuda; rushika kw irembo ry’ abantu banje, mbere rurinda rushika n’i Yerusalemu. 10 Ntimukabikerukirize i Gati, ntimuzirukanye ngo murire; i Beti‐Leyafura abe ari ho mwikumbagariza mu mukungugu. 11 Enda vayo wambaye ubusa utēterewe, wewe uba i Shafiri; ūba i Zanani ntaruha asokoroka; i Beti‐Ezeli hazorandurwa, hakūrwe ku matanguriro yaho. 12 Ūba i Maroti yiteganye ivyiza umutima uhagaze: kukw ivyago vyamanutse bivuye k’Uhoraho, bigashika kw irembo ry’i Yerusalemu. 13 Yemwe ababa i Lakishi, muhambīrire umukogote kw ifarasi inyaruka: ni mwebge mwabanje gucumuza umukobga w’i Siyoni; kukw ibicumuro vy’Abisirayeli vyabonetse kuri mwebge. 14 Ni co gituma uzoha Moresheti‐Gati ivyo gucancabura: amazu ya Akizibu azoyangārira abami b’Abisirayeli. 15 Namwe muba i Maresha nzobarungikira ūzobanesha; ubgiza bg’ Abisirayeli buzoshika no muri Adulamu. 16 Imoshe inkomvorera, wiharanguze, kubg’ abana bawe wakunda; ongeranya ubuhanza bgawe, bube nk’ubg’ ikinyakabaka; kuko wabasahuwe, bakajanwa ar’ inyagano. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi