Matayo 7 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Nturābe abandi utīrāvye 1 Ntimugahinyurire mu mitima yanyu, namwe mukazohinyurwa. 2 Kuko, uko muhinyura abandi, ari ko muzohinyurwa namwe; kand’ ingero mugeramwo muzoyigererwa namwe. 3 Urābira iki akabango kari mu jisho rya mugenzawe, kand’ inkingi iri mu jisho ryawe ntuyitegereze? 4 Wobgira ute mugenzawe, uti Zana ngutosore akabango kari mu jisho ryawe, nawe ufise inkingi mu jisho ryawe? 5 Wa ndyarya we, banza witosore inkingi iri mu jisho ryawe, uheze ubone neza gutosora akabango kari mu jisho rya mugenzawe. 6 Ivyera vy’Imana ntimukabihe imbga, kand’ imaragarita zanyu ntimuziterere ingurube, kugira ngo ntizizihonyange n’inzāra zazo, maze zikabahindukirira, zikabatabagura. Gusaba 7 Musabe, muzohabga; murondere, muzoronka; muramutse, muzokwugururirwa. 8 Kuk’ ūsaba wese ahabga; ūrondera aronka; ūramutsa yugururirwa. 9 Har’ umuntu muri mwebge, umwana wiwe yomusaba umutsima, akamuha ibuye? 10 Canke yomusaba ifi, akamuha inzoka? 11 None mwebge, ko muzi guha abana banyu ingabire nziza muri babi, mbega So wo mw ijuru ntazorushiriza rwose guha ivyiza abamusavye? 12 Nukw ivyo mugomba kw abantu babagirira vyose mube ari ko mubagirira namwe; kukw ivyo ar’ ivyagezwe n’ivy’ abavugishijwe n’Imana. Irembo ripfunganye 13 Muce mw irembo ripfunganye; kukw irembo ryagutse, n’inzira y’igihamo, ari vyo bijana abantu mu mahonero, kand’ abahaca ni benshi. 14 Arikw irembo ripfunganye, n’inzira ntoya, ni vyo bija mu bugingo, kand’ abahabona ni bake. Uburyarya si kwo gutungana 15 Mwirinde abīgira abavugishwa n’Imana; baza kuri mwebge bambaye nk’intama; arikw imbere ar’ amabingira y’inkazi. 16 Muzobamenyera ku vyo bama. Mbega har’ uwokwamura inzabibu ku munyinya, cank’ insukoni ku bitovu? 17 Nukw igiti ciza cose cama ivyiza, arikw igiti kibi cama ibibi. 18 Igiti ciza ntigishobora kwama ibibi, kand’ igiti kibi ntigishobora kwama ivyiza. 19 Igiti cose kitama ivyiza kiracibga, kigatererwa mu muriro. 20 Nuko muzobamenyera ku vyo bama. 21 Umuntu wese amvumereza, ati Mwami, Mwami; si we azokwinjira mu bgami bgo mw ijuru, atar’ ūkora ivyo Data wo mw ijuru agomba. 22 Benshi bazombgira kuri wa musi, ngo Mwami, Mwami, ntitwavugishwa n’Imana mw izina ryawe, ntitwasenda abadayimoni mw izina ryawe, ntitwakora ibitangaza vyinshi mw izina ryawe? 23 Ni ho nzobajinjiburira, nti Nta ho nigeze mbamenya; mviraho, mwa bakora ibizira mwe. Kwumva no gukora 24 Uwumva ayo majambo yanje wese, akayakora, asa n’umuntu w’ubgenge yubatse inzu yiwe ku rutare. 25 Isegenya iragwa, inkukūra iratwaza, igihuhuta kirahuhuta, bisūrira kuri nya nzu, ntiyagwa, kuko yar’ imase ku rutare. 26 Arik’ uwumva ayo majambo yanje wese, ntayakore, asa n’umuntu w’imburabgenge, yubatse inzu yiwe ku musenyi. 27 Isegenya iragwa, inkukūra iratwaza, igihuhuta kirahuhuta, bisūrira kuri nya nzu, irasenyuka, kand’ isenyerana ryayo riba irikomeye. 28 Yesu arangije ayo majambo yose, ishengero ritangazwa n’inyigisho ziwe, 29 kuko yabigisha nk’ūfise ububasha, ntase n’abanyabgenge b’ivyanditswe babo. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi