Mariko 7 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Yesu agaya Abafarisayo 1 Abafarisayo bakoranira kuri we n’abanyabgenge b’ivyanditswe bamwe bavuye i Yerusalemu. 2 Babona abigishwa biwe bamwe barisha ivyo kurya intoke zihumanye, bisobanurwa ngo zidakaravye. 3 Arikw Abafarisayo n’Abayuda bose, iyo batīfyikinyuye mu gukaraba ntibārya, kuko bākurikiye imigenzo bābgirijwe n’aba kera. 4 Kandi bavuye mu kaguriro, iyo batīmijagiye amazi ntibārya, kandi harih’ ibindi vyinshi bābgirijwe n’aba kera ngo bavyumireko, nko kwoza mu buryo bginshi ibikombe n’inzavya n’inkono zikozwe mu miringa. 5 Abafarisayo n’abanyabgenge b’ivyanditswe baramubaza, bati N’iki gitumye abigishwa bawe badakurikira ingeso twabgirijwe n’aba kera, bagapfa kurisha ivyo kurya intoke zihumanye? 6 Arabishura, ati Yesaya yavuze neza ivyo yavugishijwe n’Imana kuri mwebge indyarya, nk’uko handitswe, ngw Aba bantu banyubahisha iminwa yabo, Arikw imitima yabo iri kure yanje. 7 Bansengera ubusa, Kukw inyigisho bigisha ar’ ivyagezwe n’abantu. 8 Ico Imana yageze murakireka ngo mwumire ku migenzo mwābgirijwe n’abantu. 9 Kand’ ati Nka ko mwagize neza gukēngēra icagezwe c’Imana, ngo muziririze iyo migenzo yanyu! 10 Kuko Mose yavuze, ati Wubahe so na nyoko: kand’ at’ Ūtutse se canke nyina, ntaz’ abure kwicwa. 11 Ariko mweho mugira mut’ Umuntu ni yabgira se canke nyina, at’ Ico nari kugufashisha ni Korubani, risobanurwa ngo Ni co nzoshikanira Imana; 12 ntimuba mukimukundira kugira ico yofasha se canke nyina; 13 ijambo ry’Imana mukaritituza imigenzo yanyu mwigishije: kandi mukora n’ibindi vyinshi ben’ ivyo. 14 Kandi yongera guhamagara ishengero, araribarira, ati Munyumve mwese, mubitahure: 15 nta kintu kir’ inyuma, iyo kigiye imbere mu muntu gishobora kumuhumanya, arikw ibivuye mu muntu ni vyo bimuhumanya. [ 16 Namba har’ ūfise amatwi yumva, ni yumve.] 17 Yinjiye mu nzu asize ishengero hanze, abigishwa biwe bamusiguza uwo mugani. 18 Na we arababaza, ati Mbega namwe mur’ imburabgenge murtyo? Ntimutahura yukw ata kintu kir’ inyuma iyo kigiye imbere mu muntu gishobora kumuhumanya, 19 kuko kitagiye mu mutima wiwe, ariko kija mu nda, kigaca mu nzira yaco? Ivyo yabivugiye kuzirura ivyo kurya vyose. 20 Kand’ aravuga, at’ Ibiva imbere mu muntu, ni vyo bimuhumanya: 21 kukw imbere mu mitima y’abantu havamw’ ivyiyumviro bibi, ubushakanyi, 22 ubgivyi, ubgicanyi, ubusambanyi, ukwifuza, kugira nabi, ubugunge, ivy’ isoni nke, ijisho ribi, ibitutsi, ubgibone, ubupfu: 23 ivyo bibi vyose biva imbere ni vyo bihumanya umuntu. Yesu akiza umukobga w’umugore w’i Sirofoyinike 24 Ava aho hantu, aja mu ntāra yo muri Tiro n’i Sidoni. Yinjira mu nzu atagomba ko hogira umuntu abimenya, ariko ntiyashobora kuyoberana. 25 Arik’ uwo mwanya, umugore afise akigeme kinjiwemwo n’impwemu ihumanye, amwumvise, araza, yikubita imbere y’ibirenge vyiwe. 26 Uwo mugore yar’ Umugirikikazi, amamo yiwe n’i Sirofoyinike: aramwinginga ngw asende dayimoni mu mukobga wiwe. 27 Aramubgira, ati Reka abana babanze guhāga, kukw atari vyiza kwābīra umutsima w’abana ukawuterera utubga. 28 Na we aramwishura, ati Nka ko, Mugenzi, utubga na two turi musi y’ameza twīrīra utuvunguka tw’abana. 29 Aramubgira, ati K’uvuze urtyo ni wīgīre, dayimoni avuye mu mukobga wawe. 30 Arīgīra, ashitse mu nzu yiwe asanga umwana aryamye ku buriri, dayimoni amuvuyemwo. Igipfamatwi kidatobora neza 31 Yongera kuva mu ntāra yo muri Tiro, araza aca i Sidoni, ashika ku kiyaga c’i Galilaya, aciye hagati y’intāra y’i Dekapoli. 32 Bamuzanira igipfamatwi kidatobora neza, baramwinginga ngw akirambikekw ikiganza. 33 Agikūra mw ishengero, aracihererana, agishira intoke mu matwi, acira amate, agikora ku rurimi. 34 Ararangamiza, arāba mw ijuru, yitsa umutima, arakibarira, ati Efata, risobanurwa ngo Zibūka. 35 Amatwi yiwe arazibūka, inkingi z’ururimi rwiwe zirabohoka, avuga neza. 36 Arabihanikiriza ngo ntihagire umuntu babibarira, arikw iy’ abihanikirije barushiriza gukwiza inkuru yiwe rwose. 37 Baratangara cane, baravuga, bat’ Akoze vyose neza: azibūra n’ibipfamatwi, kand’ avugisha ibiragi. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi