Mariko 3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Yesu akiza umuntu anyunyutse ukuboko 1 Yongera kwinjira mw isinagogi; kandi hār’ umuntu anyunyutse ukuboko; 2 baramugenza ngo barābe kw amukiza kw isabato, ngo bamurege. 3 Abarira uwo muntu anyunyutse ukuboko, ati Va hasi, uhagarare hagati. 4 Arababaza, ati Mbeg’ ivyemerwa n’ugukora ivyiza kw isabato canke n’ugukora ibibi? Gukiza umuntu canke kumwica? Barihorera. 5 Aberaguzamw’ amaso, aratse, ababazwa n’ukw imitima yabo ikomantaye, abarira uwo muntu, ati Ramvura ukuboko kwawe. Arakuramvura, kurakira. 6 Abafarisayo barasohoka, baca bamugīra inama n’abantu ba Herode ngo babone ingene bomwica. Yesu akiza n’abandi benshi 7 Maze Yesu n’abigishwa biwe bavayo, baja ku kiyaga: ishengero ryinshi riramukurikira, bavuye i Galilaya n’i Yudaya 8 n’i Yerusalemu no muri Idumaya no hakurya ya Yorodani, n’abahereranye no muri Tiro n’i Sidoni, ishengero ryinshi ryumvise ivyo yakoze riza kuri we. 9 Abarira abigishwa biwe ngo bagumishe ubgato butoya hafi kubg’ ishengero, ngo ntirimubānde. 10 Kuko yakijije benshi, ni co catumye abāri bafise ivyago bose bamuhenukirako, ngo bamukoreko. 11 Impwemu zihumanye na zo uko zimubonye zamwikubita imbere, zigasemerera zit’ Ur’ Umwana w’Imana. 12 Arazihanikiriza cane, ngo ntizigende ziramwandagaza. Yesu atoranya intumwa cumi na zibiri 13 Maz’ adūga umusozi muremure, ahamagara abo agomba, baza kuri we. 14 Atoranya icumi na babiri bo kubana na we, maze ngw abatume kwigisha, 15 no kugira ububasha bgo gusenda abadayimoni. 16 Nukw atoranya aba cumi na babiri: Simoni, amwita Petero; 17 atoranya na Yakobo mwene Zebedayo, na Yohana mwene nyina wa Yakobo, na bo abita Bowanerige, risobanurwa ngw Abana b’inkuba; 18 atoranya na Andereya, na Filipo, na Barutolomayo, na Matayo, na Toma, na Yakobo mwene Alufayo, na Tadayo, na Simoni Umunyakananayo, 19 na Yuda Isikaryota, ni we yamuguze. Aja mu nzu: Yishura abashira ibikorwa vya Mpwemu kuri Satani 20 ishengero ryongera gukoranira kuri we, bituma babura ingene botamira n’agatsima. 21 Ab’i wabo bavyumvise barasohoka ngo baje kumufata, kuko bāgira ngo Yasaze. 22 Kand’ abanyabgenge b’ivyanditswe bavuye i Yerusalemu baravuga, bat’ Arimwo Beyezebuli: kandi bat’ Umukuru w’abadayimoni ni we amushoboza gusenda abadayimoni. 23 Arabahamagara, abacira umugani, ati Satani yoshobora ate gusenda Satani? 24 Ubgami iyo bgitandukanije ubgabgo, ubgo bgami ntibushobora kurama. 25 Inzu ni yitandukanya ubgayo, iyo nzu ntizoshobora kurama. 26 Kandi Satani, namba yīhagurukiye, akitandukanya, ntashobora guhangama, arahera. 27 Kandi nta muntu yoshobora kwinjira mu nzu y’umuntu w’inkomezi kumusahura ibintu, atabanje kuboha wa munyenkomezi, maz’ akabona kumusahura ivyo mu nzu yiwe. 28 Ndababgire ukuri: Abana b’abantu bazoharirwa ivyaha vyabo vyose n’ibirogotano vyose bazorogota, 29 arik’ umuntu wese azorogota kuri Mpwemu Yera nta ho azoharirwa, kand’ azoba akoze icaha c’ibihe bidashira. 30 Icatumye avuga artyo n’uko bavuze ngw Arimw’ impwemu ihumanye. Yesu yerekana umuryango wiwe bgite 31 Maze nyina na bene nyina baraza, batuma kumuhamagara, bahagaze hanze. 32 Ishengero ryari ryicaye rimukikije; maze baramubgira, bat’ Ereg’ umuvyeyi wawe na barumuna bawe bari hanze, barakurondera. 33 Na we arababaza, ati Mama ni nde, canke bene mama ni ba nde? 34 Yeraguza amaso abari bicaye impande zose bamukikije, ati Ngaba mama na bene mama: 35 umuntu wese akora ivyo Imana igomba ni we murumunanje, ni we mushikanje, ni we mama. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi