Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -

Mariko 2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Yesu akiza ikimuga

1 Hashize imisi, asubira i Kaperinawumu, bimenyekana kw ari mu nzu.

2 Bakoraniraho benshi, ntibakwirwa mu nzu, eka n’imbere y’umuryango hose; ababgira ijambo ry’Imana.

3 Haza abazanye ikimuga, bagiteruye ari bane.

4 Babuze ingene bamushikīra kubg’ ishengero, basambura inzu hejuru y’ah’ atumbereye; bahejeje kuhatobora, bururukirizamw’ inderuzo, iryamyemw’ ico kimuga.

5 Yesu abonye ukwizera kwabo, abgira ico kimuga, ati Mwana wanje, ivyaha vyawe urabihariwe.

6 Ariko hārih’ abanyabgenge b’ivyanditswe bamwe bicayeho, bībūranya mu mitima,

7 bati N’iki gitumye uyo avuga artyo? Ararogose: ni nde ashobora guharira ivyaha, atar’ umwe, ni we Mana?

8 Yesu amenye mu mutima wiwe yuko bībūranya muri bo bartyo, aca arababaza, ati N’iki gitumye mwībūranya ivyo mu mitima yanyu?

9 Icoroshe n’ikihe, n’ukubarira ikimuga, nt’ Uhariwe ivyaha vyawe; canke n’ukukibarira, nti Vyuka, wikorere inderuzo yawe, ugende?

10 Ariko kugira ngo mumenye k’Umwana w’umuntu afise ububasha mw isi bgo guharira ivyaha — abgira ikimuga,

11 ati Ndakubariye nti Vyuka, wikorere inderuzo yawe, utahe.

12 Aravyuka, aca yikorera inderuzo, asohoka imbere ya bose: nuko bose barumirwa, bahimbaza Imana, bati Ntitwaribgabone ben’ ibi.


Yesu ahamagara Lewi umutozakori

13 Arasohoka, yongera kuja i ruhande y’ikiyaga: ishengero ryose riza kuri we, arabigisha.

14 Nukw arikw aragenda abona Lewi mwene Alufayo, yicaye aho yatoreza ikibuguro, aramubarira, ati Nkurikira. Ava hasi, aramukurikira.

15 Kandi yicaye mu nzu y’uwo, arikw ararya, haza benshi mu batozakori n’abanyavyaha basangira na Yesu n’abigishwa biwe: bāri benshi, kandi bāramukurikira.

16 Abanyabgenge b’ivyanditswe bo mu Bafarisayo babonye asangira n’abanyavyaha n’abatozakori babgira abigishwa biwe, bati Mbega kw asangira n’abatozakori n’abanyavyaha!

17 Yesu avyumvise, arababgira, at’ Abakomeye nta co bagombera umuvūzi, atar’ abarwaye. Sinaje guhamagara abagororotsi, atar’ abanyavyaha.


Ivy’ ukwisonzesha

18 Kand’ abigishwa ba Yohana bo n’Abafarisayo bāri bisonzesheje. Baraza, baramubaza, bati N’iki gituma abigishwa ba Yohana n’abigishwa b’Abafarisayo bisonzesha, abigishwa bawe ntibisonzeshe?

19 Yesu arababaza, ati Mbeg’ abātowe bokwisonzesha bate, bakiri kumwe n’umukwe? Umukwe akiri kumwe na bo ntibashobora kwisonzesha.

20 Har’ imisi izoza, umukwe akūrwe muri bo, bazoca bisonzesha uwo musi.

21 Nta wobarīra ikiremo c’igitambara gisha ku mpuzu y’umushire; kukw ico kiremo coyitabura, igisha kikavana n’umushire, ikarushiriza gutabuka.

22 Kandi nta wotara umutobe wa vino mu mikuza y’insato ibōmbōtse; kuko vino yoturitsa iyo mikuza, vino n’imikuza bigapfana. Arik’ umutobe wa vino bawutara mu mikuza misha.


Yesu n’Umwami w’isabato

23 Kandi kw isabato, agenda aca mu mirima y’ingano; abigishwa biwe bakigenda batangura kumyōza ingano.

24 Abafarisayo baramubaza, bati N’iki gitumye bakora ikizira gukorwa kw isabato?

25 Na we arababaza, ati Nta ho murasoma ico Dawidi yakoze, aho yar’ aburaniwe ashonje, bo n’abāri kumwe na we?

26 Ingene yinjiye mu nzu y’Imana, mu misi ya Abiyatari umuherezi mukuru, akarya imitsima y’ibiterekērwa, ar’ umuziro kuribga, ukūye abaherezi, akayihako n’abāri kumwe na we?

27 Kand’ arababgira, at’ Isabato yabayeho kubg’ umuntu, arik’ umuntu si we yabayeho kubg’ isabato.

28 Ni co gituma Umwana w’umuntu ar’ umwami w’isabato na yo.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:



ကြော်ငြာတွေ