Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -

Luka 23 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Yesu ashikirizwa Pilato

1 Iryo koraniro ryose riva hasi, bamujana kwa Pilato.

2 Batangura kumwagiriza, bat’ Uyu twamubonye agomesha ubgoko bgacu, ababuza gutanga ikori rya Kayisari, yivuga ngo ni Kristo, Umwami.

3 Pilato aramubaza, ati Ni wewe Mwami w’Abayuda? Na we aramwishura, at’ Urarivuze.

4 Pilato abgira abaherezi bakuru n’ishengero, ati Nta caha mbona kur’ uyu muntu.

5 Na bo barashimika, bat’ Asibanganya igihugu, yigisha i Yudaya hose; yahereye i Galilaya ageza n’ino.


Pilato arungika Yesu kwa Herode

6 Pilato avyumvise, abaza yuk’ uwo muntu ar’ Umunyagalilaya.

7 Amenye yukw ar’ uwo mu gihugu ca Herode, amurungika kwa Herode, kuko na we yar’ i Yerusalemu mur’ iyo misi.

8 Herode abonye Yesu aranezerwa cane, kuko yahereye kera yifuza kumurāba, kuko yahora yumva ivyiwe, kandi yaziga ko yobona ikimenyetso yokora.

9 Amubaza amajambo menshi, ntiyamwishura na rimwe.

10 Abaherezi bakuru n’abanyabgenge b’ivyanditswe barahagarara, bakovya kumwagiriza cane.

11 Herode aramutitura, hamwe n’abasoda biwe, aramushinyagurira, maz’ amwambika impuzu y’inyambarabami, amusubiza kwa Pilato.

12 Herode na Pilato baca buzura uwo musi nyene, kuko bāri basanzwe bankana.


Pilato acira Yesu urubanza

13 Pilato akoranya abaherezi bakuru n’abashingantahe n’abantu,

14 arababgira, ati Mwanzaniye uyu muntu ngw agomesha abantu; none jewe namucunagurije imbere yanyu, nta caha mbona kuri we ku vyo mwamureze.

15 Na Herode n’uko, kuko yamudushubije: kandi rāba nta co yakoze gikwiye kumwicisha.

16 Nuko ndamukubita, ndamurekure. [

17 Kuko yar’ akwiye kubarekurira imbohe imwe mur’ iyo misi mikuru.]

18 Ariko bose basemererera icarimwe, bati Kūrah’ uyo, uturekurire Baraba.

19 Uwo yari yashizwe mw ibohero bamuhōye ukugarariza kwabaye mur’ ico gisagara, bo n’ubgicanyi.

20 Pilato yongera kubabgira, kukw agomba kurekura Yesu.

21 Ariko bo barayogora, bati Mubambe, mubambe.

22 Ababaza ubugira gatatu, ati Ku ki? Uyu yakoze ikibi ki? Simmubonakw igikwiye kumwicisha; nuko ndamukubita, ndamurekure.

23 Ariko barīhambīra bavuga n’amajwi arenga, bamusaba kw abambga, amajwi yabo aramunesha.

24 Nuko Pilato aca urubanza nk’uko bamusavye.

25 Arekura uwashizwe mw ibohero bamuhōye ubugarariji n’ubgicanyi, uwo basavye; maz’ atanga Yesu ngw agirwe uko bagomba.


Abagore b’i Yerusalemu baborogera Yesu

26 Bakimujana, bafata umuntu yitwa Simoni Umunyakurene, avuye mu misozi, bamukorera umusaraba, ngw awikorere akurikiye Yesu.

27 Ishengero ry’abantu ryinshi riramukurikira, ririmwo n’abagore bishishitira, bamuborogera.

28 Yesu arabakebuka, ati Yemwe bakobga b’i Yerusalemu, ntimundirire, ariko mwiririre n’abana banyu,

29 kukw imisi izoza bazovuga, bati Hahirwa abāgumbashe n’inda zitigeze kuvyara n’amabere atigeze kwonsa.

30 Ni ho bazotangura kubarira imisozi, bati Ni mutugweko; n’imirambi, bati Ni mudupfuke.

31 Ko bagirira bartyo igiti kibisi, non’ icumye kizogirirwa gite?

32 N’abandi babiri, b’inkozi z’ibibi, bajananwa na we kwicanwa na we.


Babamba Yesu, bamushinyagurira

33 Bashitse ahantu hitwa Nyagihanga, bamubambanaho na za nkozi z’ibibi, umwe i buryo bgiwe, uwundi i bumoso.

34 Yesu aravuga, ati Data, n’ubaharire, kuko batazi ico bakora. Bagabura impuzu ziwe, barazipfindira.

35 Abantu bahagarara barāba. Abashingantahe na bo bamutwengera mw ijigo, bati Yakijije abandi, ni yikize, namb’ ari Kristo w’Imana, uwatoranijwe na yo.

36 N’abasoda baramucurīra, baramwēgēra, bamuha inkarisha,

37 baramubarira, bati Ni waba ur’ Umwami w’Abayuda, ni wikize.

38 Hejuru yiwe kandi hār’ icandiko canditswe, ng’ UYU N’UMWAMI W’ABAYUDA.


Ukwihana kw’umwe mu bambuzi

39 Umwe mu nkozi z’ibibi babambge aramutuka, ati Si wewe Kristo? Ni wikize, natwe udukize.

40 Arik’ uwa kabiri amwishura amuhana, ati No kwubaha Imana ntuyubaha, kand’ uciriwe urubanza rumwe n’urwiwe?

41 Tweho turishuye, kuko tugiriwe ibihwanye n’ivyo twākoze: arik’ uyu nta kibi yakoze.

42 Kand’ aravuga, at’ Urahava uz’ unyibuke Yesu, ah’ uzozira mu bgami bgawe.

43 Aramwishura, ati Ndakubgire ukuri: Uyu musi urabana nanje muri Paradiso.


Urupfu rwa Yesu

44 Kandi hāri nk’isaha zitandatu, ubgirakabiri bukorana mu gihugu cose, bushitsa mw isaha y’icenda,

45 izuba ryazimanganye; igihuzu gikingiriza ahēra cane h’urusengero gitantamukamwo kubiri.

46 Yesu amaze gusemerera n’ijwi rirenga, aravuga, ati Data, mu maboko yawe ni ho nshize ubugingo bganje. Ahejeje kuvuga artyo aracīkāna.

47 Umugabisha w’abasoda ijana abonye ibibaye, ahimbaza Imana, ati N’ukuri uyu muntu yar’ umugororotsi.

48 Ishengero ryose ryari ribikungereye, babonye ibibaye basubira inyuma bishishitira.

49 Abazinanyi na Yesu bose n’abagore bāri bavanye i Galilaya na we bāri bahagaze kure barāba ivyo.


Yosefu aja guhamba Yesu

50 Maze hār’ umuntu yitwa Yosefu, yar’ umunyekombe, kandi yar’ umunyangeso nziza agororotse.

51 Uwo ntiyari yafatanije inama n’abandi n’ivyo bākoze; yar’ Umunyarimataya, igisagara c’Abayuda, yar’ areretse ubgami bg’Imana.

52 Uyo aja kuri Pilato, asaba ikiziga ca Yesu.

53 Arakibambūra, akizingira mu mpuzu yera, agishira mu mva yimbge mu bitandara, itarahambgamw’ umuntu.

54 War’ umusi wo Kwitegura, isabato igira ishike.

55 Abagore bāri bavanye na Yesu i Galilaya bakurikira Yosefu, babona iyo mva, n’ingen’ ikiziga ciwe gishizwemwo.

56 Basubira inyuma, bategura ibimota neza n’amavuta atāmirana. Kandi kw isabato bararuhuka, nk’uko vyagezwe.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:



ကြော်ငြာတွေ