Kuvayo 36 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Ukw abantu bātanze, bigasāguka 1 Besaleli na Oholiyabu n’ umuntu wese w’umuhinga, abo Uhoraho yashizemw’ ubuhinga n’ubgenge ngo bamenye gukora vyose vy’iryo hema, baze babikore nk’uk’ Uhoraho yabigeze vyose. 2 Nuko Mose ahamagara Besaleli na Oholiyabu, n’umuntu wese w’ umuhinga, ab’ Uhoraho yashize ubuhinga mu mutima, mbere n’umuntu wese yasunitswe n’umutima kuza gukora ico gikorwa. 3 Mose abaha ya mashikanwa yose, ayo Abisirayeli bāshikaniye gukora ivy’ iryo hema, ngo bayakoreshe. Kand’ uko bukeye mu gitondo bākomeza kumuzanira ayandi mashikanwa avuye ku mitima ikunze, 4 bituma abo bantu bose b’ abahinga bakora ibikorwa vyose vyo kur’ iryo hema, bahērako baraza, umuntu wese ava ku gikorwa ciwe yakora, 5 babarira Mose, bat’ Ereg’ abantu bazanye ibirenze rwose ku vyo Uhoraho yageze gukora. 6 Nuko Mose ashinga kubibuza, babitāngāza aho bashagaje hose, bati Ntihaze hagire umugabo cank’ umugore asubira gukora ikindi kintu na kimwe co gushikana kubg’ iryo hema. Uko ni ko bābujije abantu kugira ikindi bazana. 7 Kukw ivyo bari bafise vyari bihāgije gukora ico gikorwa cose, bigasāguka. Bakora ihema 8 Umuntu wese w’umuhinga mu bakora ico gikorwa, akora iryo hema ry’imbere, barisakaza impuzu cumi; izo mpuzu zajishwe mu nyuzi zera derere nziza zihinzwe neza, no mu nyuzi z’amasufe no mu z’amashigisha no mu zisa n’ agahama; kandi zari zijishwekw ibishushanyo vy’abakerubi, bijishwe n’abahinga bavyo. 9 Uburebure bg’impuzu yose bgar’ amatambge mirongwibiri n’umunani y’ukuboko uciriye mu nkokora, ubgaguke bgayo bgar’ amatambge ane: impuzu zose zari cabugerwe. 10 Besaleli arōngōranya impuzu zitanu ukwazo, zindi zitanu azirōngōranya ukwazo. 11 Atēra utugombo tw’udutambara tw’amasufe ku ruhande rumwe rw’impuzu iherera izārōngōranijwe za mbere, atēra n’utundi tugombo nk’utwo ku ruhande rw’impuzu iherera izindi mu zārōngōranijwe za kabiri. 12 Utwo tugombo yatēye ku mpuzu imwe twari mirongwitanu, no mu zindi za kabiri zārōngōranijwe, atēra utundi mirongwitanu nyene ku ruhande rw’iherera izindi; utwo tugombo twari dutumberanye. 13 Acura uturinda mirongwitanu mw izahabu, adufatanisha izo mpuzu zārōngōranijwe: nukw iryo hema ry’imbere ricika rimwe ryiramvuriye. 14 Atakw ajisha impuzu mu bushenza bg’impene, zo kuba ihema ryo gupfuka iryo hema ry’ imbere; ajisha impuzu cumi n’ imwe. 15 Uburebure bg’impuzu yose bgar’ amatambge mirongwitatu y’ukuboko uciriye mu nkokora; ubgaguke bgayo bgar’ amatambge ane; izo mpuzu ukw ari cumi n’imwe zari cabugerwe. 16 Arōngōranya impuzu zitanu ukwazo, zitandatu na zo ukwazo. 17 Atēra utugombo mirongwitanu ku ruhande rw’impuzu iherera izārōngōranijwe za mbere, atēra n’utundi mirongwitanu nyene ku ruhande rw’impuzu iherera izindi mu zārōngōranijwe za kabiri. 18 Acura uturinda mirongwitanu mu miringa two gufatanya iryo hema, kugira ngo ricike rimwe ryiramvuriye. 19 Abarīranya ico kurenza hejuru y’iryo hema mu nsāto z’amapfizi y’intama zizizwe mu gahama, hejuru yaco akirenzakw ikindi gikozwe mu nsāto z’ibikōko vyitwa tahashi. 20 Abāza imbaho mu giti c’ umushita zo guhagarika iryo hema ry’imbere, arazishinga. 21 Uburebure bg’urubaho rumwe‐rumwe bgar’ amatambge cumi y’ ukuboko uciriye mu nkokora, ubgaguke bgarwo bgar’ itambge rimwe n’igihimba. 22 Kandi ku rubaho rumwe‐rumwe har’ inkago zibiri zifatanye; uko ni ko yakoze ku mbaho zose z’iryo hema. 23 Nuko rer’ abāza izo mbaho z’iryo hema, izo mu ruhande ahahera i bumanuko ziba mirongwibiri. 24 Kand’ acura ibitereko mirongwine mw ifeza, vyo kuja musi y’izo mbaho ukw ari mirongwibiri: ibitereko bibiri‐bibiri bija musi y’urubaho rumwe‐rumwe, vyo kurokezwamwo za nkago ukw ari zibiri nyene. 25 Abāza n’izindi mbaho mirongwibiri z’ urundi ruhande rw’iryo hema, ruhera i burārūko, 26 na zo azicurira ibitereko vyazo mirongwine mw ifeza: ibitereko bibiri‐bibiri vyo kuja musi y’urubaho rumwe‐rumwe. 27 Kand’ abāza imbaho zitandatu z’ahahera inyuma kur’ iryo hema, aharābana n’i burengerazuba. 28 Abāza n’imbaho zibiri zo ku mfuruka z’iryo hema ahahera inyuma nyene. 29 Hasi zari zibiri‐zibiri, arikw ahahera hejuru zari zimatanye, aho ikigombo ca mbere kigera; uko ni ko yazikoze zompi ku mfuruka zompi z’ahahera inyuma. 30 Nukw izo mbaho zose na zose zari munani, n’ibitereko vyazo vy’ ifeza cumi na bitandatu: ibitereko bibiri‐bibiri bija musi y’urubaho rumwe‐rumwe. 31 Abāza ibiti vy’intumba mu giti citwa umushita: ibiti bitanu vyo kuja ku mbaho zo ku ruhande rumwe rw’iryo hema, 32 n’ibindi bitanu vyo kuja ku zo ku rundi ruhande rwaryo, n’ibindi bitanu vyo kuja ku z’ahahera inyuma kuri ryo, ahahera i burengerazuba. 33 Igiti co hagati y’ibindi, kiri hagati kur’ izo mbaho, akigira umwishikira. 34 Kand’ izo mbaho azomekakw izahabu, maz’ azicurira ibigombo vy’ izahabu vyo gusobekamwo vya biti; n’ivyo biti na vyo avyomekakw izahabu. 35 Ajisha igihuzu co gukingīra, akijisha mu nyuzi z’amasufe no mu z’amashigisha no mu zisa n’ agahama, no mu zera derere nziza zihinzwe neza; kandi cari kijishwekw ibishushanyo vy’abekerubi, bijishwe n’abahinga bavyo. 36 Akibāzira inkingi zine mu giti c’umushita, azomekakw izahabu, azitērakw imisumari yacuzwe mw izahabu; avugutira ifeza, ayikūramw’ ibitereko bine vyo kuzinegamwo. 37 Kand’ ajisha igihuzu co gukinga ku muryango w’ ihema, mu nyuzi z’amasufe no mu z’amashigisha no mu zisa n’agahama, no mu zera derere nziza zihinzwe neza, cari kijererenzwekw amabara n’abahinga. 38 Abāza inkingi zitanu zaco, azitērakw imisumari; ku mitwe yazo azomekakw izahabu, bo n’ imitambikwa yazo; ibitereko vyazo ukw ari bitanu vyari bicuzwe mu miringa. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi